HOSPITALITE Home » Ukraine – Russia: Perezida Ramapfoza avuga ko South Africa yasabwe gufasha mu biganiro

Ukraine – Russia: Perezida Ramapfoza avuga ko South Africa yasabwe gufasha mu biganiro

Spread the love
Perezida Ramaphosa na Perezida Putin, bafashwe isanamu mu nama bigeze guhuriramwo muri kahise, baravuganye kuri terefone ku wa kane

Perezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y’Epfo avuga ko igihugu ciwe casabwe kugira uruhara mu biganiro vyo kurangiza intambara hagati y’Uburusiya na Ukraine.

Perezida Ramaphoza ntavuga uruhande rwabimusavye, ariko avuga ko yavuganye na Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya ku wa kane aho yamusavye ko yogerageza kurondera inyishu iciye mu biganiro.

Perezida Ramaphoza yanditse kuri Twitter ati: “Perezida Putin arashima ingene ataho duhagaze muri iyi ntambara. Twizeye ko ibi bishobora gutuma impande zompi zirondera kwumvikana biciye mu biganiro. Dufatiye ku migenderanire dufitaniye n’Uburusiya hamwe n’uko turi mu bihugu bigize BRICS, Afrika y’Epfo yasabwe kugira uruhara mu kwumvikanisha impande zishamiranye”.

Afrika y’Epfo yagiye kuboneka aho ihagaze mu ndwi iheze igihe yanka kwegamira uruhande urwo ari rwo rwose mu matora yo muri ONU yo kwiyamiriza igitero c’Uburusiya kuri Ukraine.

Perezida Ramaphoza avuga ko igihugu ciwe canse kugira uruhande cegamiye kubera “iki cemezo kitashize imbere ivyokworohereza impande zompi”, congera cagiriza Inama Nkuru ya ONU kunanirwa mu mabanga yayo yo kubungabunga amahoro n’umutekano.

Mu rwandiko Perezida Ramaphoza yandikiye abanya Afrika y’Epfo, yanditse ati: “Gusaba ibiganiro vy’amahoro bijanye n’intumbero yatumye ishirahamwe ONU rishingwa. Turafise impungenge ko Inama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano yananiwe no kubungabunga amahoro n’umutekano. Ibi bitera intege abamaze igihe kirekire basaba ko hoba impinduka mu Nama Nkuru ijejwe umutekano kugira ngo ishobore guhangana n’ibibazo vyo mu kinjana ca 21”

Yongerako y’uko kubona Afrika y’Epfo ihagaze aho ihagaze ku bijanye n’iyi ntambara biterekana ko ifata minenerwe ihonyangwa ry’agateka ka muntu.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading