HOSPITALITE Home » Ku musi wa 18: ‘Uturere hafi twose twa Ukraine’ twumvikanamwo amabombe

Ku musi wa 18: ‘Uturere hafi twose twa Ukraine’ twumvikanamwo amabombe

Spread the love
Rate this post
Amabombe yatewe n’Uburusiya mu bisagara vya Severodonetsk na Rubizhne mu ntara ya Luhansk yasambuye inyubakwa zitari nke anatuma haduka umuriro, nk’uko bivugwa n’ikigo c’ubutabazi ca Ukraine, State Emergency Service (SES).

Inzu zababa 60, harimwo n’iz’abigenga, zatewe amabombe mw’ijoro ryakeye, ivyononekaye vyose bikaba bitaramenyekana nk’uko bivugwa na reta.
SES yanditse ku rubuga rwa Instagram iti: “Umwansi ntazosenyura intara ya Luhansk. Tubandanye urugamba! Vyose bizoba ivya Ukraine”.
Aya makuru aje mu gihe amafirimbi agabisha ibitero vy’indege asamirana hafi mu gihugu cose, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Kyiv Independent.

Iki kinyamakuru candika kiti: “Amafirimbi yo kugabisha avuga hafi mu ntara nka zose za Ukraine”.

Abanyagihugu basabwa kwinyegeza badatevye, harimwo no mu gisagara ca Lviv kiri mu burengero bwa Ukraine, hamwe na Poltava – igisagara kiri hagati na hagati mu gihugu aho ibihumbi n’ibihumbi vy’abaherutse kuvanwa mu bisagara vyariko biberamwo intambara bashizwe.

Ababa mu gisagara ca Lviv babwiye itangazamakuru ko amabombe yumvikanye mu micungararo y’iki gisagara kiri mu burengero bw’igihugu.

Itororokanirizo ry’amakuru UNIAN naryo nyene ryasubiyemwo ivyanditswe ku mbuga hwaniro aho abazikoresha bavuga ko bumvise amabombe akomeye abiri yaturikiye muri ico gisagara.

Nk’uko vyandikwa n’ibinyamakuru bikorera muri ako karere, amafirimbi yo kugabisha yaraye aravuga ijoro ryose i Lviv no mu zindi ntara za Ukraine.

Ni mu gihe ikinyamakuru Kyiv Independent coco candika ko Lviv iriko iraterwa misire n’Uburusiya.

Abategetsi ba gisirikare i Lviv bavuga ko ingabo z’Uburusya zakoze igitero c’indege zinatera ibisasu vya misire umunani ku kigo kijejwe kugarukana amahoro kw’isi, International Peacekeeping and Security Centre, nk’uko bivugwa n’ishami rya BBC rikorera muri Ukraine.

Iki kigo kiri mu karere ka Yavoriv kari ku birometero hafi 30 amaja mu buraruko bushira uburengero bwa Lviv, kakaba kandi ari ikigo c’inyigisho za gisirikare.

Lviv ni igisagara cahungiyemwo abaserukira ibihubu vyabo batari bake n’ibinyamakuru vyo hanze bikaba ari ho vyimukiye, kandi ni umuhora w’abahunga Ukraine kubera intambara.

Isi ‘iriko irasubira inyuma nk’ibirenge – Vaticano

Umutegetsi mukuru w’i Vaticano yashikirije impungenge ku gitero Uburusiya bwakoze muri Ukraine, akavuga ko vyerekana ko isi iriko “irasubira muri kahise aho gutera intambwe ija imbere kugira yubake kazoza keza”.
Umunyamabanga wa reta ya Vaticano, Kardinali Pietro Parolin, afatwa nk’uwuza ku mwanya wa kabiri havuye Papa Francis muri Ekleziya Katorika, yateye akamo Uburusiya ko bwoja mu biganiro na Ukraine, akavuga ko abategetsi “bateza intambara bagendera mu nzira ya shetani yo gukoresha ibirwanisho bakibagira ubuzima bwa kiremwamuntu”.
Yasubiyemwo y’uko Vaticano yiteguye guhagararira ibiganiro vy’amahoro, avuga ko ari nkenerwa gutera intambwe “ya kazoza ko kubana mu mahoro”.
Parolin ati: “Intambara ni nka kanseri igenda ikura, ikwirakwira kandi ikagenda irasasika inkumbi. Ni ikintu kitagira akamaro, nkoresheje amajambo y’ubutumwa bwa Yohani Paulo II Mweranda”.
“Ku gihamana kibi, dutegerezwa kuvyemera: twaguye mu gihuhusi gishobora kugira ingaruka mbi zidaharurika kandi mbi cane kuri bose2.
“Ariko nagomba kandi kuvuga ko igihe kitararengerana, ntihararengerana kugarura amahoro, ntihararengerana gutera intambwe hakaboneka umwumvikano”.

Ingene ibintu bimeze gushika ubu muri Ukraine

  • Kuri uno musi ugira 18 Ukraine itewe n’Uburusya, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko hamaze gupfa abasirikare ba Ukraine 1300 gushika ubu.
  • Mu gisagara ca Mariupol kiri mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu, ingabo za Moscou zateye izindi ntambwe, mu kwigarurira uturere two mu buseruko tw’iki gisagara kiri ku nkengera. Amasanamu yafashwe n’ikigendajuru ejo ku wa gatandatu yerekana amazu asanzwe abamwo abantu n’inyubakwa za reta muri ico gisagara vyononekaye.
  • Abategetsi ba Ukraine bemeza kandi ko ingabo zabo zavuye mu gisagara gito kiri hafi ya Mariupol ca Volnovakha, bavuga ko casambutse cose.
  • Ariko mu gisagara ca Melitopol cafashwe, ingabo z’Uburusiya zihanganye n’imyiyerekano ikomeye y’abanyagihugu baba muri co inyuma y’inyuruzwa ry’umukuru waco Ivan Fedorov, ivyo Perezida Zelensky avuga ko ari “icaha co mu ntambara”.
  • Mu tundi turere, abategetsi ba Ukraine bavuga ko ingabo z’Uburusiya zarashe umurongo w’abagore n’abana bariko barahunga bava mu kigwati kiri hafi y’umugwa mukuru Kyiv, zica abantu indwi. Moscou ntaco irashikiriza kuri ibi birego.
  • Abacungereye imbibe za Pologne bavuga ko gushika ubu abantu barenga imiriyoni 1.6 bamaze guhungira muri iki gihugu bavuye muri Ukraine kuva intambara yadutse, haraciye indwi zirenga zibiri.
  • Hagati aho, Perezida Emmanuel Macron w’Ubufaransa avuga ko Perezida Vladimir Putin atigeze yerekana ishaka ryo guhagarika intambara muri Ukraine mu kiyago c’iminota 75 yose cabaye kuri terefone hagati y’indongozi z’Ubufaransa, Ubudagi n’Uburusiya.
  • Hanyuma kandi, icegera c’umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya aragabisha ibihugu vyo mu burengero ko imodoka zinjiza ibirwanisho bihabwa ingabo za Ukraine zishobora guterwa n’ingabo z’Uburusiya.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading