HOSPITALITE Home » Ni ibihe bigwanisho US izoha Ukraine -none bizofasha gute?

Ni ibihe bigwanisho US izoha Ukraine -none bizofasha gute?

Spread the love
Umusirikare wa Ukraine afise ikigwanisho ca Javelin kirasa misire isambura ibiduga vy’intambara, mu myimenyerezo mu 2021
Igikankara c’ikiduga c’intambara c’Uburisiya cahiye gihagaze mu gisanze, mu gihe kw’ifoto iri impande yaco, umusirikare w’umunya-Ukraine yikoreye ibigwanisho bivugwa ko arivyo vyakoreshejwe mu kugisambura.
Ayo masanamu yashizwe kuri Twitter n’ingabo za Ukraine ariko amajambo y’insiguro yo kwihaya, amenyesha ko ivyo vyavuye mu “gutera Javelins ku bikoresho vya gisirikare [vy’Uburusiya]”.
Javelin, igisasu batwara ku rutugu co gusambura ibiduga vy’intambara mu kurekura roketi zikurikira ubushuhe bw’ico zigomba kugema gushika ku 4km, zishobora kugenzurwa n’akamashini umuntu ashobora kugendana kameze nka console y’inkino zo kuri video – ariko gishobora kurungika igisasu kireha n’imetero kigatobora hejuru canke mu mbavu ikiduga c’intambara.
Kuba ivyo bigwanisho bikorerwa muri Amerika bihari muri Ukraine “biratera umutima uhagaze” mu ngabo z’Uburusiya, nk’uko igisirikare ca Ukraine kibivuga – kandi cimirije kuronka ibindi nk’ivyo bishika 2.000. Misire za Javelin ziri mu bintu vyemerewe Ukraine na Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu mfashanyo nshasha ya gisirikare ingana na miriyoni 800 z’amadorari yatangajwe na prezida Joe Biden ku wa gatatu.
Ibindi bigwanisho birimwo drone zishobora guhindurwamwo amabombe aguruka hamwe n’ibigwanisho vyo kurasa indege bishobora kurasa kajugujugu ziri mu kirere.
Ariko none ivyo bigwanisho nivyarungikwa bizofasha Ukraine gutsinda ingabo z’Uburusiya n’ubwinshi bwazo -kandi zifise ibikoresho vyinshi gusumba.

Ni ibiki Amerika izorungika muri Ukraine?

Imfashanyo nshasha Amerika izoha Ukraine igizwe n’ibikoresho bitandukanye vya gisirikare, birimwo imyambaro 25.000 yo kwikingira amasasu hamwe n’ibikofero vy’amasahani (casques/helmets) hamwe rero n’inkoho n’ibitera ama-grenade, ibihumbi vy’ibigwanisho vyo gusambura ibiduga vy’intambara hamwe n’amasasu arenga miriyoni 20.
Uretse Javelin, ibigwanisho bikomeye cane birimwo Stinger 800 zo kwirinda ibitero vy’indege, izo zikaba zarigeze gukoreshwa cane mu kurasa indege z’aba Soviet muri Afghanistan.
Amerika kandi itegekanya kurungika ibikoresho vyo mu kirere bidakenera ababitwara – drone ntonto – rimwe na rimwe zirungikwa n’amaboko kandi nto cane ku buryo zishobora gukwirwa mw’isokoshi umuntu aheka ku mugongo.
Abasirikare bashobora kuzikoresha mu kuraba uko ku ruhande rw’urugamba rw’umwansi hifashe, canke rimwe na rimwe, gutera, cane cane mu guhindura izo drone zigacika amabombe aguruka ashobora gutumberezwa ikironderwa kugemwa kiri kure. Ivyo Amerika izorungika muri Ukraine:
miriyoni $800 z’imfashanyo nshasha ya gisirikare irimwo…
Stinger 800 zishobora gukorora indege
Javelins 2.000, ibigwanisho vyiremekwa ku rutugu birasa ibiduga vy’intambara mu kurekura roketi zikurukira ubushuhe bw’ico zishaka kugema
6.000AT-4, ibigwanisho vyo gusambura ibiduga vy’intambara bikorerwa muri Suede
Imfashayo Biden yatangaje ku wa gatatu yatumyue imfashanyo kuri Ukraine Biden yamenyesheje ku wagatatu iyumye imfashanyo yose ya gisirikare ya Amerika kuri ico gihugu ishika kuri miriyaridi y’amadorari mu ndwi imwe iheze gusa- ikaba yoyongeye cane ugereranije na miriyaridi 2,7 zatanzwe hagati ya 2014 n’intango za 2022.
Ni “intambwe ikomeye” kandi ije gukosora ibitari vyagenze neza muri kahise, ku bwa John Herbst, yahoze aserukira Amerika i Kyiv.
Ibi bizoba bivuze iki ku bitero vy’Uburusiya vyo hasi n’ivyo mu kirere?
Abahinga mu vyagisirikare bavuga ko ivyo bigwanisho vyo kurasa ibiduga vy’intabara bitanzwe na Amerika bishobora kuba arivyo bizogira ico bifashije cane muri Ukraine.
Ingabo z’Uburusiya zateye “ahanini zikoresha ingendeshwa” – n’ukuvuga urukurikirane rw’ibiduga vy;intambara – n’ukuvuga ko ikintu gikomeye ushibora gukora ari ukuzikuramwo [izo ngendeshwa]”,bivugwa n’uwahoze ari intwazangabo mu ngabo za Amerika, Colonel Christopher Mayer.
Ukraine imaze kuronka ibigwanisho bisabura ibiduga vy’intambara ihawe n’ibihugu bitandukanye, ivyo bikaba vyongerereza ingabi za Ukraine ubushobozi bwo kwatsa umuriro ku ngendesgwa z’abarusiya, nk’uko bivugwa na Mayer.
Kandi mu gihe ivyo zivuga bidashbora guhinyuzwa mu buryo bwigenga, ingabo za Ukraine zemeza ko ivyo bigwanisho bibafasha cane.
Kubva itariki 16 ukwezi kwa gatatu zivuga ko zasambuye ibiduga vy’intambara n’izindi ngendeshwa 2.000 z’abarusiya.
Ariko ivyo bigwanisho vyo kumena ibiduga vy’intambara ntaco bifasha ingabo za Ukraine ku bitero vy’indege vy’Uburusiya, bimaze indwi zitatu bisambura ibibanza bitandukanye mu gihugu.
Igisasu ca Stinger gitwarwa n’umuntu kigashirwa ku rutugu nico conyene gishobora kurasa indege kiri mu mfashanyo Amerika izoha Ukraine.
Ubwo burazwi mu nganwo zitandukanye hirya no hino kw’isi kuva mu 1981. Bwakoreshejwe cane cane muri Afghanistan, aho Stingers zatanzwe na Amerika zafashije kumanura amajana n’amajana y’indege na kajugujugu z’Uburusiya mu gihe bwari bwifatiye ico gihugu.
Isanamu y’ubushikiranganji bwa Ukraine bwo kwivuna abansi yerekana kajugujugu y’Uburusiya irashwe n’ingabo za Ukraine mu minsi iheze y’ukwezi kwa gatatu
Ivyo Amerika itazorungika ni ibiki?
Mu gihe ibiro vy’umukuru w’igihugu White House vyabaye nk’ibivuga ko ibigwanish birasa hejuru cane -nka misire zo kurasa indege S-300 zo mu gihe c’aba-Soviet – zishobora kurungikwa muri Ukraine biciye ku bindi bihugu, ntivyigeze bitangazwa icese. Abategetsi muri Slovakia baremenyesheje ko bafise ugushaka kurungika bene ivyo bigwanisho muri Ukraine, niba bashobora kuronka ibibisubirira. Ibindi bihugu bibiri vyo muri Otan – Ubugiriki na Bulgaria – navyo nyene bivugwa ko vyaremeye gutanga bene ivyo bigwnaisho.
Amerika yaranse kandi ivyari vyasabwe na Pologne ko yoha Ukraine indege bz’intambara Mig-29 kugira ico gihugu congereza ubushobozi bwo kurwana mu kirere. Ariko abagetsi bo muri Amerika bavuze ko uwo mugambi wokwongereza ivyago vyo kwugurura ingwano hagati y’Uburusiya na Otan.
Mayer, yamara, avuga ko izo ndege ziringikitse -ubutegetsi buvyemeye – bwoba ari uburyo bufasha cane Ukraine mu kugenzura ikirere cayo.
Avuga ko Ubumwe bw’Abasoviet bwahaye Afghanistan y’uburaruko indege n’abadereva kugira zifashe kugwanya ingabo za Amerika kandi ko ivyo bitatumye ingwano itandukira ibindi bihugu.
Ibindi bihugu vyakoze iki?
Amerika ntiri yonyene mu guhe imfashanyo ya gisirikare Ukraine. Nibura ibindi bihugu 30 vyaratanze imfashanyo, irimwo miriyoni 5510 z’amadorari zavuye mw’ishirahamwe rya Buraya, bukaba bwari ubwa mbere muri kahise.
Ariko umukuru wa Amerika amaze gutangaza iyo mfashanyo, prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko iyindi mfashanyo ikenewe vyihutirwa.
Mayer yavuze ko yibaza ko ibigwanisho Amerika yemeyye gushika ubu kumbure ico bifasha abanya-Ukraine ari “gupfa rugabo gusa”.
Avuga ati: “Duteregerezwa kwubahuka kuruta aho mu gutanga ivyo dufise.
“Dukwiye kubaha nibura ibisa, kandi bingana n’ivyo Ubumwe bw’aba-Soviet bwahaye Afghanistan y’Uburaruko igihe twariko turagwana nabo”.

Ignore ce message si tu es déjà membre !

pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading