HOSPITALITE Home » Burkina Faso: Blaise Compaore yahoze ari Prezida yaciriwe umunyororo wo guherayo azira igandagurwa rya Sankara

Burkina Faso: Blaise Compaore yahoze ari Prezida yaciriwe umunyororo wo guherayo azira igandagurwa rya Sankara

Spread the love
Rate this post

Sankara yishwe afise imyaka 37 amaze gutwara Burkina Faso imyaka ine kuva mu 1983 abanje gutembagaza ubutegetsi.

Sentare ya gisirikare muri Burkina Faso yaciriye urubanza rwo gufungwa ubuzima bwiwe bwose uwahoze ari Prezida Blaise Compaore yagirizwa gufashanya icaha co kwica uwo yasubiriye Thomas Sanka mu 1987.
Compaore asanzwe yarahunze, yaciriwe urubanza adahari.
Uwararongoye abamucungerera ubuzima, Hyacinthe Kafando, na we nyene yaciriwe urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose.
Prezida Sankara yarashwe n’akagwi k’abantu bitwaje inkoho ku mugwa mukuru Ouagadougou mu 1987.

Compaore yaciye amusubirira ku butegetsi atwara imyaka 27 imbere y’uko abwirukanwako mu 2014.
Compaoré, ubu aba mu buhungiro muri Cote d’Ivoire kuva aho ananiriwe no guhindura ibwirizwa nshingiro mu 2014 kugira agume ku butegetsi.
Umutahe wo kumufata wasohotse mu 2015.
Blaise Compaore yatwaye Burkina Faso imyaka 27

Mu kwezi kwa kane mu 2021, sentare ya gisirikare ya Burkina Faso yari yamwagirije ivyaha vyo guhungabanya umutekano w’igihugu, gufatanya mu kugandagura no kunyegeza ibiziga (imirambo).
Kuva yishwe, aho Sankara yahambwe ntihigeze hamenyekana.
Mu 2015 habaye igikorwa co kuzura ibisigarira biri ahibazwa ko ariho yahambwe kugira bisuzumwe ko vy’ukuri ari we.
Ico gikorwa cari casabwe kuva kera cane n’umuryango wiwe, ariko Prezida Compaoré ntiyigeze atanga uruhusha rwo kugikora.
Sankara na Guevara bompi bari bazwi cane ku gakofero kabo gatukura n’imigambi ntavugirwamwo

Sankara yishwe afise imyaka 37 amaze gutwara Burkina Faso imyaka ine kuva mu 1983 abanje gutembagaza ubutegetsi.
Muri Afrika gushika ubu hari abantu benshi bamufata nk’ikimenyetso c’impinduka (revolution) no kwanka kuganzwa n’ibihugu vya rutura.
Ariko hari n’abafata ko yabaye umutegetsi w’igitugu kuko yashitse ku butegetsi atembagaje ubundi, kandi ngo yashira imbere ‘discipline’ (kwigenza neza) imbere y’agateka ka zina muntu.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading