KIRUNDI Uburusiya Bwabwiye EU ko Kwirukana Abadiplomate Bizodindiza Ibiganiro April 7, 2022 Spread the love Seen by: 6,881 Rate this post Dmitry Peskov, Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’UburusiyaUburusiya buvuga ko ingingo y’ibihugu bitari bike vy’i Bulaya y’ukwirukana ababuserukira ititondewe kandi ko izotuma utwigoro tw’ukuganira tugorana. Ubutaliyano, Danemark n’Ubusweda vyifatanije uno musi wa kabiri n’ibindi bihugu vyo mu muryango w’ubumwe bw’Ubulaya mu kwirukana abaserukira Uburusiya kubera ingwano iriko ibera muri Ukraine.Abaserukira Uburusiya barenga 120 barukanywe muri ivyo bihugu mu masaha 48 arangiye. Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yabwiye abamenyeshamakuru, uno musi ku wa kabiri, ko ata nkenka ko ivyo bizotuma bafata ingingo z’ugusubiriza ivyo bihugu mu ndumane.Ku musi wa mbere, Ubufransa bwirukanye abaserukira Uburusiya 35, mu gihe Ubudagi bwatangaje ko bwirukanye igitigiri kitari gito c’abaserukira ico gihugu. Iyirukanwa ikivunga ry’abaserukira Uburusiya ku mugabane w’Ubulaya bibaye mu gihe amakungu ariko yiyamiriza yivuye inyuma ubwicanyi bukabije bwakozwe n’inteko z’Uburusiya mu gisagara ca Bucha, hafi y’umurwa mukuru wa Ukraine, Kiev, aho hatowe ibiziga bitari bike vy’abantu bafubwe mu binogo canke barambaraye mu mabarabara. Continue Reading Previous Burkina Faso: Blaise Compaore yahoze ari Prezida yaciriwe umunyororo wo guherayo azira igandagurwa rya SankaraNext Perezida Biden Asaba ko Perezida Putin Arengutswa mu Butungane Plus d’histoires KIRUNDI Ido n’ido ry’amabi abari ‘intumwa’ za TB Joshua bavuga ko yabakoreye January 8, 2024 FR KIRUNDI Amerika itewe impungenge n'akamo ka prezida w'Uburundi ko kwica abahuza ibitsina babisangiye January 8, 2024 C.Général FR KIRUNDI Inkofero ya Napoléon Bonaparte yagurishijwe imiriyoni 1,9 z’ama-euro i Paris November 20, 2023