HOSPITALITE Home » Uburusiya Bwabwiye EU ko Kwirukana Abadiplomate Bizodindiza Ibiganiro

Uburusiya Bwabwiye EU ko Kwirukana Abadiplomate Bizodindiza Ibiganiro

Spread the love
Rate this post
Dmitry Peskov, Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya

Uburusiya buvuga ko ingingo y’ibihugu bitari bike vy’i Bulaya y’ukwirukana ababuserukira ititondewe kandi ko izotuma utwigoro tw’ukuganira tugorana. Ubutaliyano, Danemark n’Ubusweda vyifatanije uno musi wa kabiri n’ibindi bihugu vyo mu muryango w’ubumwe bw’Ubulaya mu kwirukana abaserukira Uburusiya kubera ingwano iriko ibera muri Ukraine.

Abaserukira Uburusiya barenga 120 barukanywe muri ivyo bihugu mu masaha 48 arangiye. Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yabwiye abamenyeshamakuru, uno musi ku wa kabiri, ko ata nkenka ko ivyo bizotuma bafata ingingo z’ugusubiriza ivyo bihugu mu ndumane.

Ku musi wa mbere, Ubufransa bwirukanye abaserukira Uburusiya 35, mu gihe Ubudagi bwatangaje ko bwirukanye igitigiri kitari gito c’abaserukira ico gihugu. Iyirukanwa ikivunga ry’abaserukira Uburusiya ku mugabane w’Ubulaya bibaye mu gihe amakungu ariko yiyamiriza yivuye inyuma ubwicanyi bukabije bwakozwe n’inteko z’Uburusiya mu gisagara ca Bucha, hafi y’umurwa mukuru wa Ukraine, Kiev, aho hatowe ibiziga bitari bike vy’abantu bafubwe mu binogo canke barambaraye mu mabarabara.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading