HOSPITALITE Home » Uganda: Abanye-Kongo bari bahungutse basubiye i Bunagana nyuma y'iminsi ibiri

Uganda: Abanye-Kongo bari bahungutse basubiye i Bunagana nyuma y'iminsi ibiri

Spread the love
Rate this post
Abajejwe akarere ka Bunagana muri Uganda bavuga ko benshi mu banye-Kongo bahunze bamaze gushirwa mu nkambi
Abajejwe intwaro mu karere ka Bunagana mu burengero bwa Uganda bavuga yuko impunzi z’Abanyekongo zari zahungutse nyuma yo guhunga imirwano ya M23 na FARDC, nyinshi zagarutse muri Uganda nyuma y’iminsi ibiri.
Mu ndwi iheze imirwano yarasubiye kwaduka hagati y’umugwi M23 n’ingabo za leta ya Republika ya Demokra ya Kongo, FARDC.
Iyo mirwano yatumye ibihumbi vy’abantu bahungira hakurya y’urubibe, i Bunagana muri Uganda, ariko ntibatevye baca basubira iwabo muri Kongo bumvise ko agahengwe kagarutse.
Ariko ako gahengwe ntikatevye, kuko kuwa Mungu, nyuma y’iminsi ibiri gusa bahungutse, abashika ku bihimbi mirongo itanu baciye bagaruka i Bunagana muri Uganda nk’uko abajejwe ako karere babibwiye BBC ducyesha iyi nkuru.

Umuyobozi wa Bunagana, Ismail Ndayambaye, yabwiye itangazamakuru mpuzamahanga ko batangaye babonye ku wa Mungu impunzi nyinshi z’abanye-Kongo zabashwayemwo.

  • Bwana Ndayambaje yagize ati: “Ku wa Mungu bacise bagaruka bose baza umubare ari mwishi bashitse ngaha muri Bunagana tubona amashure yacu [bahuzuye] tubona n’ahantu hose ari imyanda yuzuyeho.
  • “Vyabaye ngombwa ko dusaba ubuyobozi bwa District na HCR kuba botuzanira imodoka ikabajana mu nkambi y’agateganyo i Nyakabande muri Kisoro.

“Baje ari umubare mwinshi, mwinshi cane […] kuko n’abari basigayeyo baciye baza muri uwo mubare. Nk’abantu barenga nk’ibihumbi mirongo itanu ugereranije kuko sindaronka umubare uvuye muri HCR.”

Uwo muyobozi yabandanije avuga yuko benshi muri abo bahunze bamaze gushirwa mu nkambi aho bariko bararonswa imfashanyo.

Mu mpera z’indwi iheze umugwi M23 watangaje yuko uhagaritse imirwano, ariko nta tangazo nk’iryo ryagaragaye ku ruhande rwa FARDC, kandi abari mu karere ka Rutsuru bavuga yuko hacumvikana rimwe na rimwe ukurasa.

Facebook Notice for EU! You need to login to view and post FB Comments!

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading