HOSPITALITE Home » Intambara yo muri Ukraine: Gusangira icumba n'abapfuye – amahano mu micungararo ya Chernihiv

Intambara yo muri Ukraine: Gusangira icumba n'abapfuye – amahano mu micungararo ya Chernihiv

Spread the love
Rate this post
Mykola yahatiwe kuja mu cumba co munsi c’ishure hamwe n’abandi baharurwa mu mirongo bavanywe mu ngo zabo bafatiwe inkoho ku gakanu

Ku ruhome rutose rw’icumba co munsi c’ishure rya Yahidne hari ikirangaminsi, gicafye n’ingwa itukura. Cerekana ikiringo c’ihahamuka risiga ubwenge – kuva itariki 5 Ntwarante (ukwezi kwa gatatu) gushika itariki 2 Ndamukiza (ukwa kane) – ku bantu bo muri iki kigwati.

Yahidne, ku birometero 140 mu buraruko bwa Kyiv mu nkengera z’igisagara ca Chernihiv cegereye ku rubibe rwa Belarus n’Ubusuriya, carifatiwe n’Abarusiya mu kiringo gishika hafi ukwezi.
Igihe binjira, bafashe abagabo, abagore n’abana babakura mu ngo zabo bafatiye inkoho ku gakanu babajana mu cumba co munsi kw’ishure ryo ngaho babamazayo amayinga ane -bashika abantu 130 barundanye mu cumba kingana na metero kwadarato 65 mu bunini (hafi y’imetero 7 kuri 9).
Mykola Klymchuk, w’imyaka 60, yari umwe muri bo. Yemeye kuja kutwereka ico cumba co munsi barimwo. Igihe twariko turururuka ingazi nkeya zijayo, twatanguye kwumva umunuko w’indwara n’ukubora. Ico cumba cari gicafuye – imatera, impuzu, ibirato, n’ibitabo vyari vyandagaye hasi, hagati na hagati hari udutanda tune bazinga n’akantu ko kubikamwo ibikoresho vyo mu gikoni mu mfuruka.
Mykola yadushikanye hirya ku mpera y’ico cumba.
Avuga ati: “Aha hangana na metero imwe nico cari ikibanza canje. Naryama mpagaze.” Ijwi ryaranizwe aca atangura kurira.
“Nibohera ku mitambikwa nkoresheje igisikafu kugirango simpave ngwa. Namaze amajoro 25 gutyo.”
Mykola avuga ko atikoma na gato kubera yatinya guhonyora ku bandi. Hari abana bari hagati ya 40 na 50 muri abo bantu bari bagizwe imbohe, harimwo n’inzoya. Uwukiri muto cane yari afise amezi abiri.
Ingabo z’Uburusiya zaranyarutse cane mu gukwira ibigwati nka Yahidne igihe zariko ziragaba igitero kuri Chernihiv. Mu kiringo c’amayinga ane, ico gisagara c’abantu 300.000 cari cugaranywe mu gihe ingabo z’Uburisiya zari zagikikuje zigisukako amabombe, ingabo za Ukraine nazo zihagararako. Zaranasambuye ikiraro kw’ibarabara rija ku murwa mukuru Kyiv, bituma abahaba batagira iyo bashobora guhungira.
Ubu abarusiya barahavuye kuko batashoboye gufata Kyiv, BBC yabaye mu binyamakuru vya mbere vyashitse muri ako karere aho agahomerabubnwa k’ivyabaye mu gihe co kuhifatira no gutera amabombe ubu gashobora kwerekanwa. Hafi y’urubibe, abantu bafise umutima uhagaze ko abarusiya bashobora kugaruka vuba.
Abantu hafi 130 bamaze amayinga menshi bari ngaha

Anastasiia, w’imyaka 15, yari mu cumba co munsi (basement/sous-sol) muri Yahidne ari kumwe na se na inakuru.
Avuga ati: “Nta saganirizo twari dufise. Twabaho duhagaze. Twaryama duhagaze. Ntitwaryama namba. Ntivyashoboka. Iruhande y’aha hose haguma hagwa ibisasu. Kari akaga.”
Muri ico cumba nta kayaga kahita. Amadirisha abiri yaco yari yazibijwe ibibaho.
Mykola ati: “Mu minsi namaze ngaha, hapfuye abantu 12.”

Kubana n’abapfuye

Benshi muri bo bari abageze mu zabukuru. Ntibizwi neza icabishe, ariko Mykola yibaza ko vyanse ko bahema gushika aho baruha bagapfa. Iyo hagize abapfa, ibiziga vyabo ntivyaca bivanwa ngaho ubwo nyene. Abasirikare b’Uburusiya ntibavyemera iminsi yose. Kandi kubera intambara yari urutavanako hanze – ibisasu vya muzinga, ibiturika hamwe n’amasasu – kuja hanze kwaba ari ukwiheba.

Ivyo bisigura ko abantu, barimwo n’abana, baguma hagati y’ibiziga mu kiringo c’amasaha rimwe na rimwe mbere n’iminsi, gushika bishoboye kujanwa hanze.

Anastasiia afise ubwoba kandi biragaragara ko afise umwitwarariko mwinshi utewe n’amayinga yamaze yugaranywe

Anastasiia avuga ati: “Vyari biteye ubwoba cane. Abantu bapfuye nari ndabazi. Badufata neza cane. Narababaye cane. Barapfuye kandi ata mpamvu.”
“Mu bihe bisanzwe, ntibari kuba bapfuye. Putin akora ivyaha vyo mu ntambara”, ivyo navyo bivugwa na Mykola.
“Ibirenge vyanje vyari vyatanguye kuvyimba. Ariko naguma nibaza nti, ntegerezwa kumara kabiri. Ntegerezwa, ku neza y’umukobwa wanje n’abazukuru b’abakobwa babiri.”
Ahanini abantu ntibemererwa kuja ahabona, n’aho hoba kuja ku kazu ka surwumwe (ku musarani). Ahubwo bari basigaye bituma mu ndobo.
Mykola ati: “Rimwe na rimwe abasirikare barajana abantu hanze kugira babakoreshe nk’inkinzo.”
Baremererwa guteka ku mashiga hanze kabiri ku munsi. Ikigwati cari gifise indya zikwiye mu bubiko hamwe n’ikinogo co kuvomamwo amazi.
Umwe mu basirikare b’Uburusiya yabwiye Mykola ko bari babwiwe ko muri Ukraine bari kuhamara iminsi itarenga ine, kuko iyo ngo yari kuba ikwiye kugira babe bafashe Kyiv.

Kurondera abawe – mu mva

Itariki 3 Ndamukiza (ukwa 4) abarusiya baravuye muri Yahidne.

Abasirikare ba Ukraine ubu bari muri ico kigwati, ubu benshi mu bari baragizwe imbohe bimuriwe mu tundi turere hafi y’aho.

Anastasiia ati: “Mw’ijoro nikangura kenshi cane. Numva umenga ndiko ndumva urwamo rwo kurasa. Nca niruka iyo abavyeyi bari, ubwoba bunyishe.”

Abarusiya bifatiye ibigwati nka Yahidne bikikuje Chernihiv kugira bugarane ico gisagara hanyuma amaherezo bagifate.

Ntibashoboye kwinjira ico gisagara, ariko hasambuwe vyinshi cane mu bice vyinshi vyaco, kandi abategetsi bavuga ko abantu b’abasivire bashika 350 bishwe.

Ibitero vy’indege vyarasambuye amagorofa yo kubamwo muri Chernihiv
Kuva abarusiya bavuye mu micungararo ya Chernihiv, abakorerabushake bariko barahamba abapfuye. Uruhande rumwe rw’akaburi (irimbi) ko ngaho ubu rwuzuye imva nshasha, imwe imwe yose ugasanga ishinzeko ikimenyetso, kugira hamenyekane uwahahambwe.
Imiryango yari yaratatanye ija iraza kuraba ko yobona imva z’abayo.
Ikibuga c’umupira w’amaguru c’aho caratewe bombe. Ubu hagati mu kibuga hari ikinogo kinini aho iyo bombe yaguye.
Iyindi yaguye ku gice kimwe c’aho abantu bicara, ubu hari urusobekerane rw’ibivunji vy’intebe za plastic n’ivyuma vy’uruzitiro.
Uvuye kw’ico kibuga, hakurikira icumba c’ibitabo vy’abana cari mu nyubakwa ya kahise nayo yononekaye cane.
Igihe twariko turaca muri ico gisagara n’imodoka, twarenganye uduce twinshi tw’aho abantu bahora baba ubu hafi amazu yose asigaye ari hasi.
Bimwe mu bice vya Chernihiv amazu asigaye ari hasi
Ahitwa Novoselivka mu buraruko bwa Chernihiv, amaso arakwereka ingene ibintu vyasambuwe.
Ibirundo vy’amabuye n’amatafari nivyo biri ahategerezwa kuba hahora amazu. Twabonye agakoti k’imbeho k’umwana gasa na rose, igipupe, inzovu ikozwe mu mpuzu, n’ibivunji vy’ibikinisho vya Lego ku nzira twariko turacamwo tugana aho abantu baba.
Kuri iyo nzira twahabonye ibindi binogo vyinshi vyimburuwe n’amabombe.

‘Igituma tutagabishijwe?’

Umugore umwe n’umwana bari ku makinga batugiriye ikimenyetso c’uko twobakurikira.
Nina Vynnyk, w’imyaka 62, na Danylo, umwuzukuru wiwe w’umuhungu w’imyaka 10, bashaka kutwereka inzu yabo – ubu isigaye ari igisambasaka, ibintu vyose muri yo n’iruhande yayo vyarasambuwe.
“Nta kintu gisigaye”, nk’uko bivugwa na Nina

Umukobwa wa Nina ari we nyina wa Danylo, Ludmyla w’imyaka 39, yaracitse ukuguru ubu akaba ari mu bitaro.
Igihe inzu ya Nina yatangura guterwa amabombe, baciye biruka bahungira ku nzu y’umubanyi bizeye kwiyinyegeza mu cumba co hasi cayo. Ariko nayo yaratewe bombe.
Avuga ati: “Twahwikiwe n’ikibombe gituritse.
“Umwe yagize igipfupfuri mu mutwe, uwundi arakomereka. Tumaze gutora ubwenge, naciye mbona umukobwa wanje ariko araboroga, ‘Mama, mama nta kuguru mfise’. Vyari biteye ubwoba.”
Ludmyla yaciye yavura arashika aho ashobora kwikinga hanyuma ajanwa mu bitaro.
Nina avuga ati: “Numva ko ari nko kurazirana ibintu bibi cane. Ntibishobora kuba ari vyo. Kubera iki reta yacu itatugabishije? Kuki bataduhungishije?”
Iyo nzu yari igeze ku runganwe rwa kane ibamwo abantu.
Ati: “None mu kanya gato, nta na kimwe gisigaye. Sinzi iyo nzoja kuba mu gihe c’ubukonje.”
Nta buryo afise bwo kurihira umukobwa wiwe ukuguru kw’uguterano.
Ku bivugwa n’Ubususiya ko batigeze barondera kugirira nabi abanyagihugu basanzwe, avuga ati:
“[Putin] Yuzuye ikinyoma. Hari umugore yacitse ukuguru ubu ari mu bitaro. Ivyo ni ukuri.
“Putin ni aze arihe amafaranga yo kumuvuza. Putin naze atwubakire iyi nzu. Yarayishaka cane, si vyo? Ni aze rero ayirihe yose.”
Andi makuru kuri iyi nkuru yatererewe n’abamenyeshamakuru Imogen Anderson, Anastasiia Levchenko na Daria Sipigina.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading