KIRUNDI Amerika Irihaniza Ubuhindi Kutagura Ibitoro Vyinshi mu Burusiya April 13, 2022 Spread the love Seen by: 9,945 Rate this post Umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi Narendra Modi na Perezida Joe Biden wa Reta zunze ubumwe za AmerikaPerezida wa Reta zunze za Amerika, Joe Biden azoganira n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi Narendra Modi kuri uyu wa mbere hakoreshejwe ubuhinga bwa Videwo. Ni mu gihe Amerika yavuze ko idakeneye kubona Ubuhindi bugura ibitoro vyinshi vy’Uburusiya.Uwujejwe kumenyeshamakuru muri perezidanse ya Amerika, White House, Jen Psaki, yavuze kuri uyu w’Imana ko Perezida Biden azobandanya kuganira n’uyu canke uyundi ku ngaruka y’intambara Uburusiya bwateje muri Ukraine.Daleep Singh, icegera c’umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu, ajejwe ibibazo vy’ubutunzi mpuzamakungu, aheruka kugendera Ubuhindi. Yavuze ko Amerika itazocira umurongo utukura Ubuhindi ku bitoro bugurira mu Burusiya. Ariko yavuze ko atagomba kubona Ubuhindi bwongereza ibitigiri vy’ivyo bugura mu Burusiya.Ubuhindi bumaze kugura utugunguru tw’ibitoro tungana n’imiriyoni 13 kuva Uburusiya butera Ukraine mu mpera z’ukwezi kwa kabiri. Ni mu gihe itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, mu biharuro ryatororokanije ryasanze Ubuhindi bwaguze imiriyoni 16 z’igitoro mu Burusiya umwaka uheze wose.Ubuhindi, igihugu co muri Aziya y’ubumanuko nticifatanije n’abandi mu gufatira ibihano Uburusiya.Perezida Biden hamwe n’umushikiranganji wa mbere Modi baraganira kandi ku migenderanire ku bibazo bitandukanye birimwo kurangiza ikiza ca COVID-19, kurwanya ihindagurika ry’ibihe. Baraganira kandi ku bibazo vya demokarasi, hamwe n’iterambere mu karere k’Ubuhindi na Pasifike. Continue Reading Previous Intambara ya Ukraine: Ibirwanisho rutura vya Russia vyabonetse bijabuka muri BelarusNext Abantu benshi barasiwe muri metro ya New York City Plus d’histoires KIRUNDI Ido n’ido ry’amabi abari ‘intumwa’ za TB Joshua bavuga ko yabakoreye January 8, 2024 FR KIRUNDI Amerika itewe impungenge n'akamo ka prezida w'Uburundi ko kwica abahuza ibitsina babisangiye January 8, 2024 C.Général FR KIRUNDI Inkofero ya Napoléon Bonaparte yagurishijwe imiriyoni 1,9 z’ama-euro i Paris November 20, 2023