HOSPITALITE Home » Mariupol isigaye ari umunyota mu gihe ibitero vy’Uburusiya vyiyongereye

Mariupol isigaye ari umunyota mu gihe ibitero vy’Uburusiya vyiyongereye

Spread the love
Rate this post
Iyi sanamu yerekana inzu ya sinema yasambuwe i Mariupol, itewe ikibombe ku wa 16 Ntwarante(3), ikaba yafashwe ku wa 12 Ndamukiza (4) 2022

Igisirikare ca Ukraine kirugaranywe muri Mariupol mu gihe ingabo z’Uburusiya zitera zisagiriza iki gisagara kiri mu bumanuko nk’uko vyandikwa kuri Twitter na Mykhaylo Podolya, umutegetsi wo mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky.
“Abasirikare bacu baracazibiriwe muri ico gisagara kandi bafise ingorane yo kuronswa uburyo”, niko yandika, akongerako y’uko bariko barihweza ingene ibintu bigenda.
Kuva mu ntango z’ukwa gatatu, Mariupol ibandanya iterwa amabombe y’urutavanako n’ingabo z’Uburusiya.
Uyu mugabo yariko atembera n’ikinga hagati muri Mariupol ku wa 12 Ndamukiza, 2022, mu gihe ingabo z’Uburusiya zongereje umuriro kugira zigarurire iki gisagara

Iki gisagara kiri hagati y’uturere twiyonkoye twa Donetsk na Luhansk dufashwe mu mugongo n’Uburusiya hamwe n’intara ya Crimea bwigaruriye mu bumanuko.
Kwigarurira Mariupol yamye mu ntego nyamukuru muri iki gitero c’Uburusiya.
Zelensky avuga ko abantu baharurwa mu bihumbi mirongo bashobora kuba barishwe i Mariupol.
Iyi sanamu yafatiwe mu kirere ku wa 12 Ndamukiza 2022 yerekana igisagara ca Mariupol, igihe igisirikare c’Uburusiya gitera Ukraine

Mariupol, ‘umutima w’iyi ntambara’

Hari ibimenyetso bibandanya vyiyongera vyerekana ko Uburusiya bushobora kuba buri hafi yo kwigarurira iki gisagara kiri ku nkengera y’inyanja mu bumanuko bwa Ukraine, kimaze amayinga atandatu kiri mu mahano atagira izina.

Igisirikare ca Ukraine kivuga ko kibandanya civuna kandi ko “kibandanya kivugana” n’ingabo ziri ku rubuga. Ariko baremera ko Uburusiya buriko bugerageza kucigarurira cose.

Ingabo za Ukraine zivuga ko zaherewe n’amasasu. Bivugwa ko zasubijwe inyuma gushika ku kivuko c’ico gisagara kiri mu bumanuko be no ku ruganda rw’ivyuma rwa Azovstal, ari ho bamaze amayinga bategurira ibitero vyo kwivuna.

Mu gihe Uburusiya bubandanya bwugariza iki gisagara, ntivyoroshe ko ingabo za Ukraine zironswa imfungurwa, amazi n’amasasu, canke ngo bahungishe inkomere.

Amerika ivugwa ko igiye kurungika ibindi birwanisho

Maison Blanche/White House iriko irategura kurungikira Ukraine ibindi birwanisho vy’imiriyoni 750 y’amadorari y’abanyamerika, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vya Amerika.

Ikinyamakuru NBC kivuga ko irungikwa ry’ibi birwanisho rishobora kwemezwa muri ino ndwi, mu gihe Reuters nayo ivuga ko rishobora kwemezwa kuri uwu wa gatatu.

Umutegetsi wa Amerika atashatse kumenyekana izina yabwiye Reuters ko integuro yo kurungika ibi bikoresho iriko irarangira, kandi ko mu bizorungikwa hazobamwo ibirwanisho bikomakomeye vyo mu ntambara yo hasi, harimwo ubwoko bwa vya muzinga buzwi nka howitzers.

Uwundi mutegetsi na we nyene ativuze izina yabwiye NBC ko muri ivyo bikoresho hashobora kuba harimwo indege zitagira abapilote – zizwi nka drones zo mu mazi canke drone z’ubwato – hamwe na za kajugujugu zo mu bwoko bwa Mi-17.

Uwundi mutegetsi na we nyene ativuze izina yongeyeko ati: “Dushaka ko Uburusiya butsindwa iyi ntambara”.

Amerika imaze gutanga imfashanyo ya gisirikare ingana n’imiriyaridi 1.7 z’amadorari y’abanyamerika kuva iyi ntambara itanguye.

Kuri uwu wa gatatu, abategetsi ba Pentagon biteze kugiriranira inama n’amahinguriro y’ibirwanisho ya Amerika kubera ibirwanisho biriko biraronderwa cane biturutse ku ntambara yo muri Ukraine.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading