HOSPITALITE Home » Ukraine Itangaza ko 50 Bariko Barahunga Bahitanywe na Roketi

Ukraine Itangaza ko 50 Bariko Barahunga Bahitanywe na Roketi

Spread the love
Rate this post
Ahatewe Roketi

Ukraine itangaza ko abantu bagera kuri 50, barimwo abana 5 bishwe mu gitero ca rokete cakozwe mu kibanza ca gari ya moshi kiriko gikoreshwa mu guhungisha abasivile bari mu bice vyo mu buseruko bw’ico gihugu.

Abandi bantu batari bake bakomeretse muri ico kibanza cari cuzuyemwo abasivile bariko bahunga ingwano ibera mu buseruko bwa Ukraine, hamwe n’ubwoba ko ibitero bikomeye vy’Uburusiya bishobora kubera muri ako karere.

Pavlo Kyrylenko, bulamatari w’intara ya Donetsk aho ico kibanza abantu bafatiramwo za gali ya moshi citwa Kramatorsk kiri, amenyesha ko abantu bagera skuri 50 bishwe mu gihe abandi 87 bakomeretse. Benshi muri bo bikomeye cane, mu vyo avuga ko ari igitero inteko z’Uburusiya zakoze n’impaka.
Amenyesha ko bashaka gutera ubwoba n’ukwica ibitigiri vyinshi cane bishoboka vy’abasivile. Kyrylenko yerekanye amasanamu ku mbuga ngurukanabumenyi y’ ibiziga vy’abantu batari bake birambaraye hasi.
Itororokanirizo ry’amakuru rya Reta y’Uburusiya, RIA, ryasubiyemwo ubushikiranganji bujewe kwivuna abansi bw’Uburusiya butangaza ko misile zaguye mu kibanza ca gari ya moshi ca Kramatorsk zarashwe n’igisirikare ca Ukraine, ko ata na hamwe inteko z’Uburusiya zasabwe kugiramwo ibitero muri ico kibanza uno musi ku wa gatanu.

Yamara prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskiy, yamenyesheje ko ata nteko z’igihugu ciwe zari muri ico kibanza. Avuga ko inteko z’Uburusiya zarashe ku basivile basanzwe muri ico kibanza, ko ata musirikare yari ahari. Hari mw’ijambo yashikirije inama nshingamateka y’igihugu ca Finlande, hakoreshejwe ubuhinga bwa none bwa videwo.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading