HOSPITALITE Home » Russia ivuga ko yakoroye indege yarimwo ibirwanisho bivuye mu Burengero birungikiwe Ukraine

Russia ivuga ko yakoroye indege yarimwo ibirwanisho bivuye mu Burengero birungikiwe Ukraine

Spread the love
Rate this post
Igor Konashenkov avuga ko iki gitero kuri iyo ndege cabaye hanze y’igisagara ca Odessa mu bumanuko bushira uburengero bwa Ukraine

Mu gihe Amerika ivuga ko imfashanyo yemerewe Ukraine yatanguye gushika, Uburusiya buvuga ko ingabo zabwo zijejwe gucungera ikirere zamanuye indege ya Ukraine buvuga ko yari itwaye ibirwanisho birungitswe n’ibihugu vyo mu Burengero.

Umutegetsi wo muri Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika) yasubiwemwo n’imboneshakure CNN avuga ko imfashanyo ya gisirikare yemewe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatanguye gushika muri Ukraine.
Mu ntango z’ino ndwi Perezida Joe Biden yarateye igikumu kw’itegeko ryemerera Ukraine imfashanyo ya gisirikare ifise agaciro k’imiriyoni 800 z’amadorari y’abanyamerika.
Avuga ko iyi mfashanyo irimwo n’ibirwanisho bishasha bigenewe guhangana n’igitero gikomeye c’Uburusiya citezwe mu buseruko.

Iki gitero kuri iyo ndege cabaye hanze y’igisagara ca Odessa mu bumanuko bushira uburengero bwa Ukraine, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru ca reta TASS, gisubiramwo ivyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, Jenerali-Majoro Igor Konashenkov.
BBC ntiyashoboye guhinyuza aya makuru, kandi ntibiramenyekana nimba hari abapfuye canke bagakomereka.
Jen. Konashenkov avuga kandi ko mu masaha 24 aheze, ingabo z’Uburusiya zirwanira mu kirere zateye uduce tutari duke turwiriyemwo ingabo za Ukraine canke ibikoresho vya gisirikare.

Putin ashobora gukoresha ibirwanisho ruhonyanganda: umwuzukuruza wa Khrushchev

N’aho ibihugu vyo mu Burengero bibandanya biha ibirwanisho Ukraine, umwuzukuruza w’uwahoze ari umukuru w’icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti, Nikita Khrushchev, aragabisha ko Uburusiya bushobora kuba bwiteguye gukoresha ibirwanisho vya nikleyeri muri Ukraine kugira butsinde intambara.

Nina Khrushcheva, ubu akaba ari umwigisha wa kaminuza mu vyigwa bijanye n’imigenderanire n’amakungu (International Affairs) muri Amerika, yabwiye BBC ko yemeza ko umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin yiteguye gukora ikintu ico ari co cose gishoboka kugira ngo atsinde intambara.

Ati: “Nibaza ko iyi ntambara ari koko iyo Putin ategura gutsinda, kandi ategura gutsinda uko uko vyogenda kwose. Nimba akeneye gutangaza intsinzi bikaba ngombwa ko akoresha ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara bugereranye vyo gucuvya umwansi ku rugamba- si ukuvuga ko ari vyo ndiko ndabona – iyi ishobora kuba imwe mu nzira Abarusiya bashobora kuba biteguye gukoreha”.

Ibi birwanisho ruhonyanganda vy’ubumara bugereranye vyo gucuvya umwansi (Armes nucléaires tactiques /Tactical nuclear weapons) bifise inguvu nke ugereranije na misire zirasa kure zari ziteye ubwoba mu gihe ca ya ntambara y’ukwikekana (Guerre froide/Cold War) igihe Nikita Khruschev yatwara Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti.

Ariko, umupfasoni Khrushcheva, umwigisha kw’ishure kaminuza rizwi nka New School mu gisagara ca New York akaba kuva kera anegura Perezida Putin, afise ubwoba ko Moscou ishobora gukoresha ibi birwasnisho mu ntumbero yo kwonona ubutaka bwa Ukraine.

Mu kwa gatatu, haciye imisi Uburusiya butanguye ibitero kuri Ukraine, umupfasoni Khrushcheva yavuze ko yari afise umutima uhagaze kubera nngene ibintu vyariko biragenda, mbere ko nasekuruza wiwe yari kubona ko iki gitero cari “igitero giteye isoni”.

Ibi biri uku mu gihe hitezwe igitero gikomeye c’Uburusiya mu buseruko bwa Ukraine mu ntumbero yo kwigarurira intara ya Donbas.

Ni mu gihe kandi umugwa mukuru Kyiv ubandanya uterwa amabombe. Umukuru w’akarere kamwe ko muri ico gisagara, Igor Sapozhko, avuga ko mu gatondo ko kuri uyu wa Mungu humvikanye amabombe mu karere ka Brovary, kari ku nkengera ya Kyiv.

1 thought on “Russia ivuga ko yakoroye indege yarimwo ibirwanisho bivuye mu Burengero birungikiwe Ukraine

  1. Ibi byose bizagira herezo, ntampamvu yo guhangayika cyane arik ntanubwo ababishinzwe bashyira amaboko mu mufuka. Ariko nge uko mbyumbva urugwiro rugwiriye amaburaburyo y’intambara ntiyakabaye agitekerezwa mo igisubizo ku kibazo abant batumvikanyeho icyo aricyo cyose n’abo aribo bose!

Comments are closed.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading