HOSPITALITE Home » Russia yahaye amasaha indwi ingabo za Ukraine ziri i Mariupol ngo zikishikane, zanse

Russia yahaye amasaha indwi ingabo za Ukraine ziri i Mariupol ngo zikishikane, zanse

Spread the love
Rate this post
Nta kintu na kimwe cerekana ko ingabo za Ukraine zirwanira mu gisagara ca Mariupol cugarijwe zihava zishikana ku ngabo z’Uburusiya, nk’uko zari zatewe akamo n’iki gihugu kimaze igihe cugaye iki gisagara kiri ku nkengera y’inyanja mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Ukraine.

Umuhanuzi w’umukuru w’igisagara ca Mariupol, Petro Andriushchenko, yavuze abicishije ku rubuga rwa Telegram ko “n’aho Uburusiya bwatanze ‘akanya ko kwishikana’ ku ngabo zacu zisigaye” muri ico gisagara “abarwanyi bacu barabandanya urugamba”.
Umushingamateka wa Ukraine aserukira akarere ka Odesa, Oleksiy Goncharenko, yabwiye itangazamakuru mpuzamakungu ko ingabo za Ukraine ziri i Mariupol zitazokwishikana ku ngabo z’Uburusiya.
Ati: “Naravuganye nabo ejo, kandi ndazi ko bazorwana gushika ku wa nyuma”.

Uburusiya bwari bwemereye ingabo za Ukraine zirwanira mu gisagara ca Mariupol ko zishobora kuticwa – ariko gusa mu gihe zari gushira ibirwanisho hasi kuri uyu wa Mungu zikishikana.
Reta y’Uburusiya yavuga ko ingabo za Ukraine “n’abacangero mvamakungu ” bakirwana i Mariupol – igisagara Uburusiya buvuga ko bwigaruriye hafi cose – bari bafise amahirwe yo gushira ibirwanisho hasi hagati y’isaha cumi na zibiri z’agatondo (06h00) gushika isaha indwi z’umurango (13h00) mu masaha ya Moscou hanyuma bagashobora gukira.
Yavuga ko abakora ivyo bashobora gufatwa neza hisunzwe amasezerano ya Geneva agenga impfungwa z’intambara.
Iri tangazo ntirivuga icoba mu gihe hogira umusirikare n’umwe wa Ukraine yokwanka gushira ikirwanisho ciwe hasi – ariko rikavuga ko reta yemeye ibi “mu kwubahiriza iteka rya kiremwamuntu”. Uburusiya buvuga ko ingabo za Ukraine zigisigaye muri ico gisagara zazibiriwe mu gace gatoya ka Azovstal gahingurirwamwo ivyuma.
Iri tangazo ryavuga ko ingabo z’Uburusiya “zari kubandanya zisohora” ibiri mu vyo izi ngabo za Ukraine zikiri i Azovstal zemerewe uko iminota 30 iheze ijoro ryose.
Uburusiya buvuga ko ingabo za Ukraine ni zemera kwishikana, ingabo z’Uburusiya zari kumanika amabendera atukura isaha cumi na zibiri hanyuma iza Ukraine nazo zigashobora kumanika amabendera yera.
Rihimiriza kandi izo ngabo ko zitorinda kurindira uruhusha ruva i Kyiv kugira ngo zishikane, ariko ko zokwifatira ingingo zo nyene.
Imbere y’aha, Perezida Volodymyr Zelensky yari yatangaje ko “guhonya” abarwanyi bakirwanira i Mariupol gushobora gutuma ibiganiro n’Uburusiya bihagarara burundu.
Ni inyuma y’aho umukuru w’intara ya Donesk iherutse gutangazwa n’Uburusiya ko ari igihugu cigenga (Donetsk People’s Republic, DPR) atangarije ko abarwanyi ba Ukraine basigaye i Mariupol bazokwanka kwishikana bazohonywa.
Afatiye ku kungene igisagara kiri hafi ya Kyiv casambuwe n’ibibombe, Perezida Zelensky yabwiye urubuga ngurukanabumenyi Pravda ati: “Mariupol ishobora kuba nka Borodyanka incuro cumi”.
Muri ino ndwi, Moscou yatangaje ko abasirikare ba Ukraine barwanira mu mazi barenga 1000 bishikanye i Mariupol, ivyo Ukraine yoyo yahakanye.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading