Zelensky: Ibintu i Mariupol biracifashe nabi cane

Inyuma y’aho ejo ku wa gatandatu Uburusiya buhereye amasaha make yo kwishikana ingabo za Ukraine zirwanira i Mariupol, Perezida Zelensky yaremeye ko ingabo za Ukraine zigisigaranye agace gatoya gusa ka Mariupol, anavuga ko reta iguma ivugana n’abo bacirwanako.
Itororokanirizo ry’amakuru Reuters risubiramwo Zelensky avuga ko ibintu bimeze nabi cane.
Ariko ntiyavuze ku bivugwa n’Uburusiya ko igisirikare cabwo cakubuye udusigarira tw’ingabo za Ukraine mu gisagara cose kimaze igihe gisatirwa, kiretse izari zikiri ku ruganda rwa Azovstal – uruganda rukomeye ruhingura ubutare bw’icuma.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya yavuze ko ingabo za Ukraine zababa 2500 ari zo zikiri muri urwo ruganda, kandi ko ata saganirizo zisigaranye kuko zugaraniweyo n’abasirikare b’Uburusiya, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru ca reta TASS.
URTV ntiyashoboye guhinyuza aya makuru.
Uwundi mujenerali w’umurusiya avugwa ko yishwe
Icegera c’umukuru w’ikambi y’umunani mu gisirikare c’Uburusiya, Vladimir Petrovich Frolov, yasize ubuzima mu ntambara muri Ukraine, nk’uko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Uburusiya TASS.
Aya makuru yemejwe na buramatari wa St Petersburg, Alexander Beglov. Beglov avuga ati: “Vladimir Petrovich Frolov yapfuye nk’intwari mu ntambara n’intagondwa za Ukraine”.
Uyu muburamatari avuga ko Frolov “yitanze kugira ngo abana, abagore n’abatama mu ntara ya Donbas ntibasubire guterwa amabombe”.
Ariko amabombe menshi aterwa muri Ukraine aterwa n’Uburusiya.
Muri ino ntambara, abajenerali b’abarusiya batari bake n’izindi ntwazangabo mu gisirikare c’Uburusiya bavugwa ko bahasize ubuzima. Ni ibintu bidasanzwe kwumva intwazangabo zo ku rwego nk’urwo bishira mu kaga mu kwegera cane urubuga rw’intambara, amakuru ava mu bihugu vyo mu burengero akavuga ko bakora gutyo mu ntumbero yo kuraba ko bofata urugamba mu minwe mu gihe, hamwe hamwe rwagenze nabi.