HOSPITALITE Home » Ingene ibintu bimeze muri Ukraine: Ubuzima i Mariupol buri mu minwe ya Putin – umukuru w’igisagara

Ingene ibintu bimeze muri Ukraine: Ubuzima i Mariupol buri mu minwe ya Putin – umukuru w’igisagara

Spread the love
Rate this post
Mu kiganiro yagiranye n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters, umukuru w’igisagara ca Mariupol Vadym Boychenko yavuze ko ubuzima bw’abanyagihugu bazibiriwe muri ico gisagara kigeze ahatemba buri mu minwe ya Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya.

Boychenko yerekanye akababaro kiwe ku bikorwa vyo guhungisha abantu i Mariupol kuva intambara itanguye.
Avuga ko Uburusiya “bwaburijemwo iri hungisha”, bari batanguye “mu misi ya mbere y’ukwezi kwa Ntwarante (3)”.
“Badusavye ko tubaha ikarata y’aho iri hungisha rizotangurira – twarabahaye ikarata.
“Baratubajije igitigiri c’amamodoka dufise, turabaha igitigiri c’amamodoka.
“Ariko barononye bongera barasambura ivyo bibanza vyose, barasambuye n’amamodoka yacu”.
Boychenko avuga ko hakiri abantu 100.000 bakizibiriwe muri ico gisagara mu gihe abasirikare bari mu ruganda rw’ivyuma rwa Azovstal batariko barishikana.
Yongerako ati: “Ni ngombwa gutahura ko hari abagifise ubuzima bakiriyo, kandi buri mu minwe y’umuntu umwe rudende – Vladimir Putin”.

Kuri uwu wa gatanu, yateye akamo gashasha ko hoba ibikorwa vyo guhungisha abantu bose muri ico gisagara co mu bumanuko Perezida Putin avuga ko hafi cose kigenzurwa n’ingabo z’Uburusiya.
“Dukeneye ikintu kimwe gusa – guhungisha abantu bose. Hafi 100.000 baracari i Mariupol”, niko yavugiye ku mboneshakure y’igihugu, nk’uko vyandikwa na Reuters.
Ejo ku wa kane, Putin yategetse ingabo ziwe kuzibira rwose akarwi ka nyuma k’abarwanyi ba Ukraine bakiri muri urwo ruganda rw’ivyuma.
Mariupol imaze amezi abiri icucagirwa ibibombe vy’urutavanako kandi ata kintu na kimwe kirangwayo kuko Abarusiya bazibiye amayira y’imfungurwa, bakata amazi n’umuyagankuba.

Ubuseruko bwa Ukraine buriko bucucagirwa amabombe

Vya muzinga nivyo bibandanya bikora mu ntambara yo mu buseruko bwa Ukraine. Nivyo vyaraye birasirana mw’ijoro ryakeye.

Abanyamakuru bamaze ijoro bari ahitwa Sloviansk ku birometero birenga 20 uvuye ku rwasiro. Mu gihe bibazako bari ahantu hatekanye, inyuma y’isaha indwi z’ijoro, bavyuwe n’ikibombe c’Uburusiya caturitse cane batari banaciteze, bica biba ngombwa ko bahungira mu nzu yo mu kuzimu.

Bukeye bihweje ivyononekaye, aho basanze ibibombe vyaguye ku metero 200 y’abo bari binyegeje.

Intsinga zitwara umuyagankuba zari hasi, vyumvikana ko ata muyagankuba uhari. Uko niko ibintu bimeze mu bisagara vy’intara ya Donbas.

Ingabo z’Uburusiya zirabandanya kuzingira Kharkiv – Ukraine

Ingabo z’Uburusiya zibandanya zugariza Kharkiv, nk’uko bivugwa n’igisirikare ca Ukraine kuri uwu wa gatanu.

Ingabo z’Uburusiya zariko zigerageza kumenera mu bumanuko zivuye mu gisagara ca Izyum kiri mu ntara ya Kharkiv, kugira ngo zizingurize ingabo za Ukraine ziri mu ntara ya Donbas, nk’uko igisirikare ca Ukraine kibivuga.

Mu bice vyose vy’ubuseruko, ingabo z’Uburusiya zongereje akariro muri ano masaha 24 arangiye, cane cane mu turere twa Zarechny, Rubezhny, Popasnaya, Novotoshkovsky na Marinka, nk’uko kibandanya kibivuga.

Ukraine ivuga ko yakoroye indege 15 z’Uburusiya mu masaha 24 aheze.

URTV ntishobora guhinyuza aya makuru.

Ibigo 58 vya gisirikare vyatewe muri Ukraine mw’ijoro ryakeye – Moscou

Uburusiya buvuga ko bwateye ibibanza 58 vya gisirikare muri Ukraine mw’ijoro ryakeye, harimwo ivyari vyuzuyemwo ingabo, ibitoro n’ibikoresho vya gisirikare, nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’Uburusiya.

Buvuga kandi ko bwateye ibibanza bitatu vya gisirikare bikoresha ibisasu vya misire bidahusha, harimwo misire S-300 ya Ukraine irasa indege, ivyo bibanza kandi bikaba vyari vyuzuye ingabo nyinshi za Ukraine zifise n’ibikoresho vyazo.

URTV ntishobora guhinyuza aya makuru.

Ubwongereza buriko bwigisha ingabo za Ukraine – Boris Johnson

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Boris Johnson yamenyesheje ko ingabo za Ukraine ziri mu Bwongereza mu nyigisho z’ukungene bakoresha imodoka z’intambara iki gihugu gitanga mu ntumbero yo kwirukana ingabo z’Uburusiya.

Ari ku rugendo atera aja mu Buhindi, yabwiye abanyamakuru bari kumwe ati: “Ndashobora kumenyesha ko turiko turigisha abanya Ukraine muri Pologne ingene bakoresha ibikoresho vyo gukorora indege, mu Bwongereza naho tukabigisha ingene bakoresha imodoka z’intambara”.

Umunyamabanga ajejwe kumenyesha amakuru mu biro kwa Johnson avuga ko abanya-Ukraine “baharurwa muri mirongo” bari mu Bwongereza mu nyigisho.

Ingabo za Ukraine zatanguye inyigisho ku modoka z’intambara zatanzwe n’Ubwongereza muri kuno kwezi, nk’uko bivugwa n’umuvugizi wa Johnson.

Uyo muvugizi avuga ko Ubwongereza n’incuti zabwo bariko baraha abasirikare ba Ukraine ibikoresho vy’ubwoko bushasha bashobora kuba batari bwigere bakoresha imbere y’aha.

Avuga ati: “Birumvikana ko baronswa inyigisho nkenerwa z’ingebe bikoreshwa. Igihe cose twama tuzi ikintu ico ari co cose gishobora gutuma ibintu vyunyuka ariko ibintu biratomoye neza ko igituma ibintu vyunyuka ubu ari intwaro ya Putin”.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading