HOSPITALITE Home » Ukraine - Russia: Abategetsi b'Uburengero baremera ko Putin afise amahirwe yo gutsinda intambara

Ukraine - Russia: Abategetsi b'Uburengero baremera ko Putin afise amahirwe yo gutsinda intambara

Spread the love
Rate this post
Abategetsi bo mu bihugu vy’Uburengero bavuga ko babona ibimenyetso ko Uburusiya buriko buratorera inyishu ibibazo bimwe bimwe vyabaye inzitizi mu ndwi za mbere z’igitero cabwo muri Ukraine.

Kubona ubu ingabo z’Uburusiya ziriko zigerageza gutera intambwe mu duce twinshi vyerekana ko ibibazo nk’ivy’intwazangabo zihagararira zikagenzura urugamba biriko biratorerwa umuti.
Ariko aba bategetsi bavuga ko Abarusiya bakirwanira ku mirongo miremire mu mabarabara yirebanga, ibi bigasigura ko babandanya baterwa. Ingabo za Ukraine nk’uko babivuga, “zibandanya zirwana n’ubwenge bwinshi kandi mu buryo bumeze neza”.
Imwe mu mirongo y’ingabo z’Uburusiya iracari miremire (cane cane mu bumanuko uvuye i Kharkiv) aha zigashobora guhura n’ibitero bivuye mu burengero.

Aba bategetsi bavuga ko Vladimir Putin “agifise amahirwe yo gutsinda”, agashika ku bintu bitandukanye, ariko babona ko ata na kimwe muri vyo gishobora gushikwako vuba.
Ibihugu vyo mu Burengero birabandanya bisuka imfashanyo za gisirikare muri Ukraine “muri ino ntambara imaze igihe kirekire …kumbure mbere igashobora kumara uno mwaka wose”.

Intambara yo muri Donbas ishobora kugenda neza ku Burusiya kandi, icoba kibi gusumba, ibi bigashobora gutuma busubira kuraba ingene bufata ibisagara bwari bwipfuje imbere y’intambara, nka Kyiv na Odesa.

Abategetsi bavuga ko ingabo z’Uburusiya zifise amahirwe menshi kuko ziruta ingabo za ukraine incuro zitatu zose, ariko vyinshi biva ku kungene Moscou ikoresha izi nguvu mu bwenge be n’ubushobozi bw’ingabo za Ukraine mu kwivuna – ari naco gituma ibihugu vyo mu Burengero birungika n’ibirwanisho bikomeye gusumba.

Uburusiya buracafise igitigiri kinini c’ingabo – hagati ya 5000 na 10.000 – mu karere ko mu micungararo ya Mariupol, ibi bigasigura ko habaye uruja n’uruza ruto canke rukaba rutanabaye ku ruhande rw’ingabo z’Uburusiya mu bumanuko, zari zitezwe ko zija gufasha gusatira ingabo za Ukraine i Donbas.

Abategetsi bavuga ko nimba Putin ashaka kwugara rwose Mariupol, ntibizoba ari ibintu vyoroshe kandi bizotuma izi ngabo zigira uruhara ruto mu rugamba rwo muri Donbas.

Abategetsi bavuga ko Uburusiya bwagabanije gukoresha misire zirasa kure za Iskander mu ndwi iheze, bakavuga ko Moscou ifise impungenge ku rugero zikoreshwako n’ubushobozi bwo kuzisubiriza.

1 thought on “Ukraine - Russia: Abategetsi b'Uburengero baremera ko Putin afise amahirwe yo gutsinda intambara

Comments are closed.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading