KIRUNDI Somaliya: Abagera kuri 5 Baguye mu Gitero ca Al-Shabab July 30, 2022 Spread the love Seen by: 73,550 Rate this post Ahabereye igitero c’uno munsi ku ya 27/07/2022Amabombe yaturikiye mun bisagara 2 bitandukanye mu bumanuko bwa Somaliya, yahitanye abantu batari musi ya 5 uno musis ku wa gatatu. Umuvuguzi mu vya gisirikare w’umurwi al-Shabab, Abdiasis Abu Musab, yatangaje ko uwo murwi ari wo wakoze ivyo bitero vyompi.Avuga ko muri ico gitero bishe umuyobozi w’akarere igisagara ca Marka kirimwo n’abo bari kumwe. Atangaza ako mu gisagara ca Afgoye bishe abasirikare 2 mu gitero ca bombe bahakoreye. Mu gitero ca mbere, amabombe 2 yashizwe mw’isoko y’ibitungwa mu gisagara ca Afgoye mu ntara ya Lower Shabelle yahitanye abantu 4 nk’uko bitangazwa n’igipolisi n’abanyagihugu baho.Bombe imwe yaraturitse, yamara nta bantu yishe canke ngo ikomeretse. Mu nyuma y’aho bome igira kabiri yaraturitse yica abasivile 4. Mu gitero gitandukanye bombe yaturikiye mu gisagara kirimwo ikivuko ca Marka yishe umukuru w’akarere ico gisagara kirimwo. Iradiyo Muqdisho yaho yatangaje ko uwo mutegetsi yishwe mu gitero c’abagira iterabwoba.Ahmed Farah, aba mu gisagara ca Marka yatangaje ko abajejwe umutekano bazibiye ikibanza ico gitero cabereyemwo. Umurwi al-Shabab umaze imyaka irenga 10 urondera gukuraho reta kugira ushireho amategeko afatiye kw’idini rya kiyislamu. Continue Reading Previous Nigeria: abitwaje ibirwanisho bishe 25 mw’isengero ya KatolikaNext Guterres Avuga ko Yababajwe n'Ubwicanyi Bwakozwe n'Inteko za MONUSCO muri Kongo Plus d’histoires KIRUNDI Ido n’ido ry’amabi abari ‘intumwa’ za TB Joshua bavuga ko yabakoreye January 8, 2024 FR KIRUNDI Amerika itewe impungenge n'akamo ka prezida w'Uburundi ko kwica abahuza ibitsina babisangiye January 8, 2024 C.Général FR KIRUNDI Inkofero ya Napoléon Bonaparte yagurishijwe imiriyoni 1,9 z’ama-euro i Paris November 20, 2023