HOSPITALITE Home » Guterres Avuga ko Yababajwe n'Ubwicanyi Bwakozwe n'Inteko za MONUSCO muri Kongo

Guterres Avuga ko Yababajwe n'Ubwicanyi Bwakozwe n'Inteko za MONUSCO muri Kongo

Spread the love
Rate this post
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yavuze kuri uyu w’Imana ko ababajwe cane n’abantu babiri bishwe n’inteko za ONU muri Repuburika ya demokarasi ya Kongo. Inteko za MONUSCO ziregwa kuba kuri uyu w’Imana zaracucagiye amasasu mu banyagihugu, mu buseruko bwa Kongo, hafi y’urubibe ico gihugu gihana na Uganda. Hambavu y’abo bishwe, abandi batari bake barakomeretse.
Izo nteko za MONUSCO, zaremeye ko bamwe muri bo barashe abantu ata mvo na zimwe zisobanutse. MONUSCO yongeyeko ko abakekwa gukora ubwo bwicanyi bahagaritswe.

ONU ivuga ko yashimishijwe n’ingingo yafashwe n’intumwa yayo muri Kongo, yo guhagarika abakozi bayo bagirizwa ubwo bwicanyi hamwe n’ingingo yo gutanguza bidatevye amatohoza.
Abo benegihugu babiri ba Kongo barasiwe mu gisagara ca Kasindi, kiri mu buseruko bw’igihugu, mu ntara ya Beni, ku rubibe na Uganda.
Umuvugizi wa reta muri Kongo, Patrick Muyaya, yavuze ko igihugu ciwe giteye ivyatsi kandi kibabajwe n’abo benegihugu baco babiri bishwe n’abandi 15 bakomeretse.

Reta yavuze ko yatanguje amatohoza ifatanije na MONUSCO, kugira imenye ababigizemwo uruhara, icatumye ubwo bwicanyi buba, kandi n’abagirwa bazohanwe ivy’akarorero.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading