HOSPITALITE Home » Amerika Yafatiye Ibihano Bishasha Abatunzi Begereye Ubutegetsi mu Burusiya

Amerika Yafatiye Ibihano Bishasha Abatunzi Begereye Ubutegetsi mu Burusiya

Spread the love
5/5 - (1 vote)
Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin haruhande y’umunonotsi Alina Kabaeva mu nama n’umurwi w’akora inkino za Olempike i Kremlin i Moscou, mu Burusiya, kw’itariki 4/11/2004.

Reta zunze ubumwe za Amerika yafatiye ibihano bishasha Abarusiya b’abatunzi karuhariwe, barimwo agebereye ubutegetsi hamwe n’umukenyezi umwe. Uwo mukenyezi azwi kw’izina rya Alina Kabaeva, yarabaye rurangiranwa mu nkino za Olempike. Bimwe mu bimenyeshamakuru mu Burusiya bikunze kuvuga ko akunzwe cane na Perezida Vladimir Putin kandi yamuvyariye abana bane.

Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe ikigega bwahagaritse visa ya Kabaeva, w’imyaka 39, bwongera bumubuza kugira ububasha ku matungo yiwe. Alina Kabaeva yarigeze kuba ari umushingamateka w’Uburusiya, kandi ubu arongoye ikompanyi y’ikimenyeshamakuru c’igihugu camamaje Uburusiya igihe bwinjira muri Ukraine.

Ubwongereza nabwo nyene bwaramufatiye ibihano mu kwezi kwa gatanu, ndetse n’ubumwe bwa Buraya bumubuza kugendera uwo mugabane, butako bumufatira amatungo afitiye kuri uyo mugabane mu kwezi kwa gatandatu.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwa Amerika nabwo nyene bwafashe ibihano kuma visa hamwe n’ibindi bihano kuri abo bagwizatunga b’Abarusiya.

Umushikiranganji Antony Blinken aburongoye yavuze ko abo batunzi karuhariwe b’Abarusiya barushiriza kwirundanirizako amatungo n’amafaranga bagaca bayafashisha reta y’Uburusiya mu ntambara bwateje muri Ukraine.

2 thoughts on “Amerika Yafatiye Ibihano Bishasha Abatunzi Begereye Ubutegetsi mu Burusiya

  1. Sha ibyo mwigira byose bizagira iherezo! Ndibaza rwose ntawutabizi ko ntagahora gahanze, niyo kaba gahora ko gahaze. Umwijuto nk’uwo niwo ugashwanyura.
    Bintera umujinya nkumva bingeze ahantu!

  2. Imikino iba myinshi! Nge uyu mukino sindawusobanukirwa pe! Ubukoko bizageza ryari.

Comments are closed.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading