HOSPITALITE Home » HCR Iragabisha ko Ishobora Guhagarika Gufasha Abanyagihugu muri Kongo

HCR Iragabisha ko Ishobora Guhagarika Gufasha Abanyagihugu muri Kongo

Spread the love
5/5 - (1 vote)
Abateshejwe ingo zabo bariko bahabwa ibifungurwa na HCR mw’ikambi y’i Kibati, muri Kivu y’uburaruko, kw’itariki ya 2/12/2008

Ikigo ca ONU cita ku mpunzi, HCR, kivuga ko kigiye guhagarika gufasha amamiliyoni y’abanyagihugu bataye ingo zabo hamwe n’impunzi muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo, mu gihe kitoronswa uburyo bw’amafaranga mu buryo bwihuta.

HCR ivuga ko yahawe gusa ibice 19 kw’ijana vy’imiriyoni 225 z’amadolari yasavye yo gukoresha muri uyu mwaka mu bikorwa vyo gufasha impunzi muri Kongo.
Umuyobozi wa HCR ajejwe igisata c’imigenderanire, Dominique Hyde, inyuma y’urugendo aherukamwo muri Kongo, avuga ko HCR itagishobora no gufashisha abantu n’ivya nkenerwa vy’ibanze.

Avuga ko ibi bisigura ko abagore, abana, abagabo n’abahungu bateshejwe ingo zabo bagiye kuzoza barara mu masengero, mu mashure, mu masitade hanze. Canke bagiye kuzoca bahitamwo gusubira mu mihana yabo bahunze bongere bagabweko ibitero nka mbere.

Repubulika ya demokarasi ya Kongo nico gihugu ca mbere ku mugabane wa Afrika kirimwo abateshejwe ingo zabo n’intambara benshi. Gifise abarenga imiriyoni 5.6 bahungiye mu gihugu hagati hamwe n’impunzi n’abasaba ubuhungiro barenga igice c’umuriyoni.

1 thought on “HCR Iragabisha ko Ishobora Guhagarika Gufasha Abanyagihugu muri Kongo

  1. Aya makamyo ndayabona nkahahamuka! Inkambi weee ntakabi katari inkambi rwose. Byangulyemo sinzibagirwa ibyo naboneye mo. Kubaho utegereje ko aya makamyo aza biragatsindwa.

Comments are closed.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading