HOSPITALITE Home » Sudani: Muri Darfur Umuntu wa Mbere Yasaganywe Umugera w'Ibihara vy'Inguge

Sudani: Muri Darfur Umuntu wa Mbere Yasaganywe Umugera w'Ibihara vy'Inguge

Spread the love
5/5 - (1 vote)
Umurwayi w’ibihara by’inguge

Ubushikiranganaji bujejwe amagara y’abantu bwatangaje mw’ijoro ryo ku musi w’Imana ko uwo muntu afise imyaka 16 yasanganywe uwo mugera mu ndwi iheze mu ntara ya Darfur yo mu burengero bw’igihugu. Nta birenga ngaho vyatangajwe ku vyerekeye uwo muntu.

Ubwo bushikiranganji bwantagaje ko hari abandi bantu bagera kuri 38 bikekwa ko banduye ikiza c’umugera w’ibihara vy’inguge, ko yamara vyibonekeje ko badafise uwo mugera inyuma y’uko bapimwe.
Yamara umwe muri bo yarasanganywe uwo mugera mu ntara ya Darfur yo mu burengero.
Abategetsi bajejwe amagara y’abantu bariko bakora kugira bamenye abantu bose boba baregeranye nawe mu ntumbero y’ukugabanya ikwiragira ry’uwo mugera.

Ukwiyadukiza kw’ikiza c’umugera w’ibihara vy’inguge bishobora kugira ingaruka zikomeye mu ntara ya Darfur, yasinzikajwe n’ingwano yamaze imyaka itari mike, hamwe n’ibindi bice vya Sudani. Ico gihugu gishobora gukumirwa n’amakungu.

Indwara ifitaniye isano n’ibihara vy’inguge yaribonekeje mu bice vyo mu karere ko muri Afrika yo hagati na Afrika yo mu burengero, imbere yo gukwiragira mu bice bitandukanye vyo kw’isi.

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, ryatangaje mu kwezi guheze ko ikiza c’umugera w’ibihara vy’inguge ari ikibazo kigeramiye amakungu gitegerezwa guhagurukirwa vyihutirwa.

2 thoughts on “Sudani: Muri Darfur Umuntu wa Mbere Yasaganywe Umugera w'Ibihara vy'Inguge

  1. Ibi birwara mwabantu mwe mubona atari irangira ry’isi koko? Nge ndumva binshisha pe! Ubu bizarangira bite mwokanyagwa mwe?

Comments are closed.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading