HOSPITALITE Home » Intambara ya Ukraine: IAEA ivuga ko uruganda rw'inguvu za nucléaire rwa Zaporizhzhia atawurwitayeho

Intambara ya Ukraine: IAEA ivuga ko uruganda rw'inguvu za nucléaire rwa Zaporizhzhia atawurwitayeho

Spread the love
Rate this post
Iyo foto y’umusirikare w’umurusiya acungereye urwo ruganda yafashwe mu kwezi kwa gatanu 2022.

Umukuru w’ishami rya Onu rigenzura inguvu za nucléaire, avuga ko uruganda runini rw’inguvu za nucléaire rwigaruriwe n’Uburusiya inyuma y’ibitero bwagize muri Ukraine, ” ata n’umwe arwitayeho”.
Rafael Grossi yasubiwemwo n’itororokanirizo ry’amakuru rya Associated Press avuga ko uruganda rwa Zaporizhzhia rukeneye kugenzurwa no gukorwa.

Yavuze ati:”Ufise urutonde rw’ibintu bitategerezwa na rimwe gushika ku ruganda urwo ari rwo rwose rw’ubumara.”
Urwo ruganda rwa mbere runini rw’inguvu za nucléaire i Buraya rwegereye biteye ubwoba ahabera imigwano.
Mu ntango y’iyi ndwi, umunyamabanga wa reta wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken yagirije Uburusiya gukoresha urwo ruganda, bwigaruriye mu kwezi kwa batatu, nk’ikirindiro ca gisirikare bukoresha mu kugira ibitero ku ngabo za Ukraine.

Abategetsi ba Ukraine bavuze ko abarusiya bashize ingabo n’ibikoresho vya gisirikare kuri urwo ruganda ruri ku ruzi Dnipro mu bumanuko bwa Ukraine.

Ariko umutegetsi yashizweho n’Uburusiya muri ako karere yabwiye itororokanirizo ry’amakuru rya Reuters ko abasirikare ba Ukraine bakoresha ibigwanisho bahawe n’abanye Buraya mu kugira ibitero kuri urwo ruganda.

Yevgeny Balitsky yavuze ko abategetsi biteguye kwereka urwego Grossi arongoye rugenzura inguvu za nucleaire kw’isi (IAEA), uko abarusiya bacungereye urwo ruganda mu gihe abanye Ukraine bagirizwa kurugirako ibitero.

Igihe Uburusiya bwafata urwo ruganda, iterwa ry’ibimbombe kuri izo nyubakwa ryatumye haba ukunebagurwa kw’isi yose.

Urwo ruganda ruracakora, abakoze b’abanye Ukraine bari ku kazi ariko bagenzurwa n’Uburusiya.

Mu kiganiro n’abanyamakuru ku cicaro ca Onu i New York, Grossi yagize ati:”Ibintu vyifashe nabi cane. Ingingo iyo ari yo yose yerekeye gukingira uruganda rwa nucleaire yarahonyanzwe mu nzira iyi canke iriya, ntidushobora kwemera ko ivyo bibandanya.”

Uwo muyobozi wa IAEA avuga ko ariko aragerageza kwegeranya abantu bogira urugendo vuba hashoboka kuri urwo ruganda ariko ko ivyo bikeneye uruhusha rw’impande zose, Ukraine n’Uburusiya, hamwe na Onu, ufatiye ku ngorane zo kugendera akarere kaberamwo intambara.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading