HOSPITALITE Home » Burundi: Abarenga 80 baranyurujwe mu myaka ibiri -Focode

Burundi: Abarenga 80 baranyurujwe mu myaka ibiri -Focode

Spread the love
Rate this post
Focode ivuga ko mu Burundi hanyurujwe abantu barenga 80 mu myaka ibiri iheze

Abantu batari munsi ya 80 baranyurujwe baraburwa irengero mu Burundi mu myaka ibiri iheze kuva prezida Evariste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi biri mw’ikete ishirahamwe Focode ryarungikiye umukuru w’Uburundi mu gihe amakungu yibuka abantu banyuruzwa bakaburwa irengero kw’itariki ya 30 Myandagaro (8).

Muri iryo kete Focode isaba prezida Evariste Ndayishimiye gushira mu ngiro amajambo meza avuga yo gukingira abanyagihugu amabi bene ayo.
BBC Gahuzamiryango dukesha iyi nkuru yarondeye kumenya ico ibiro vy’umukuru w’igihugu bivuga kuri iryo kete.

 Umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Alain Diomede Nzeyimana yishuye ati: ”Ishirahamwe ritemewe n’amategeko ivyo ryanditse nibo biraba, ça n’engage personne d’autre [nta wundi n’umwe abibazwa]. Ishirahamwe Focode, Forum pour la Conscience et le Développement, riri mu yafuswe mu Burundi, ariko rikomeza gukorera hanze. Mu 2016, ryatanguje umugambi “Ndondeza” wo gukurwanya amabi yo kunyuruza abantu.

Abanyuruzwa ni bande?

Igereranije n’imyaka ibiri y’imbere y’uko prezida Ndayishimiye ashika ku butegetsi, Focode isanga ukunyuruza abantu vyiyongeye ku rugero rwa 38%.

Focode ivuga ko abayuruzwa yobashira mu migwi mikuru mikuru 5:

  • abanywanyi b’umugambwe CNL utavuga rumwe n’ubutegetsi, kuri 80 harimwo 27 (ni 34%)
  • abanywanyi b’umugabwe MSD (wafuswe mu Burundi) n’abahoze ari abasirikare baketswe gukorana n’umygwi witwaje ibigwanisho wa Red Tabara : 19 (24%)
  • abatavuga rumwe n’ubutegetsi n’abahoze ari abasirikare barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu co mu kwezi kwa Ntarante (3) mu 2021 n’abaherutse guhunguka: 10 (12%0
  • bamwe bamwe mu banywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD: 8 (10%)
  • abantu banyurujwe bariko barajabuka uruzi Rusizi hagati ya Congo n’intara ya Cibitoke : 11 (14%).

Focode ivuga ko abo ari abo yashoboye kumenya ikanakorako amatohoza. Yibaza ko igitigiri c’abanyuruzwa gishobora kuba kirenga ngaho.

Ivuga ko “imiryango myinshi ihitamwo kunuma iyo abayo babuzwe irengero mu gutinya inkurikizi, hari n’imiryango itamenya ko abayo banyurujwe”.

Banyuruzwa na nde?

Focode isanga mu bagirizwa ayo mabi hari icahindutse kuva hatanguye ubutegetsi bwa Prezida Ndayishimiye. Mu gihe imbere yiwe ingabo zijejwe  gucungera umutekano w’mukuru w’igihugu zaza imbere, ubu ngo ntizikivugwa mu banyuruza abantu.

Ariko ahanini izo Focode ivuga muri iryo kete ni izikunzwe gutungwa n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu.

Rikurikije amatohoza yaryo, ishirahamwe Focode risanga abavugwa muri mabi yo kunyuruza abantu batonze gutya mu banyurujwe muri iyo myaka ibiri:

  • iperereza ry’igisirikare: 51%
  • imbonerkure (Ishami ry’urwaruka ry’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD FDD): 34%
  • urwego rw’iperereza mu gihugu (SNR): 21%
  • Igiporisi c’igihugu: 4%

Hari icahindutse mu nzira nziza

Focode ivuga ko agishika ku butegetsi, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yavuga nka reta yahahora mu guhakana ko ata mabi yo kunyuruza abantu akorwa.

Muri iryo kete yamwandikiye, Focode ivuga ko hari  icahindutse mu mvugo yiwe.

Iryo shirahamwe rivuga ko umunsi yagirisha inama abarundi baba mu bindi bihugu i Ngozi mu kwezi kw’indwi mu 2022, umukuru w’igihugu yavuze ko vyamusavye inguvu nyinshi  zo gutuza akagwi kahora kanyururuza abantu, kandi ko yasanze muri ako kagwi harimwo n’abakozi b’inzego z’igihugu.

Yamara Focode ivuga  ata kimenyetso ko ivyo vyabaye kandi ko muri rusangi abantu bagirizwa ayo mabi badakurikiranwa ku vyaha baba bakoze.

N’abo bishitse bagafatwa, rimwe na rimwe mbere bakanapfungwa, Focode ivuga ko  mu nyuma baheza bakarekurwa badaciriwe imanza kuri ivyo vyaha.

Focode ivuga ko ivyo bituma kwibaza ko reta irenza uruho rw’amazi kuri bene ayo mabi yo kunyuruza abantu, agasaba umukuru w’igihugu ko imvuga yiwe yojana n’ingiro.

 Pacifique Nininahazwe atwara Focode avuga ati: “Ico novuga ko ari ciza gitanguye kubaho, ni ukubona umukuru w’igihugu wenyene atanguye kuvuga ko abarundi banyuruzwa kandi ko mu bantu babanyuruza harimwo abo mu nzego z’umutekano.

“Ku bwacu iyo ni intambwe ikomeye cane.”

Muri kahise reta y’Uburundi yavuze ko hari abantu baja hanze y’igihugu harimwo no kuja mu mugwi igwana, amashirahame nka Focode akavuga ko banyurujwe.

Nininahazwe avuga ko adasaba reta kwemera ivyo Focode yatohoje “nk ‘ijambo rya bibiriya”, asaba umukuru w’igihugu gukoresha inzego z’igihugu gukora amatohoza kuri umwe umwe muri abo bantu ishirahamwe ryiwe ryemeza ko banyurujwe.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading