HOSPITALITE Home » South Africa: Umugabo yirutse 90km kugira asabe umugore kwemera ko bubakana

South Africa: Umugabo yirutse 90km kugira asabe umugore kwemera ko bubakana

Spread the love
Rate this post
Prudence Dick (i buryo) yemereye Joseph Kagiso Ndlovu ko bazokwubakana

Inkuru y’umugabo wo muri Africa y’Epfo iriko irakwiragira cane cane ku mbuga hwaniro inyuma yo kwiruka 90km kugira agaragaze urukundo afitiye umugore.
Uwo mugabo w’imyaka 57, yamenyekanye nka Joseph Kagiso Ndlovu, yirutse ivyo birometero (ultra-marathon) kugira aje gusaba umugore yitwa Prudence ko bokwubakana.
Yafashwe ifoto afise icapa canditseko amajambo asaba uwo mugore kwemera ko bubakana, igihe yari hafi yo gushika ku murongo wo kurangiza iyo marathon izwi nka Comrades Marahton ku wa mungu.
Icapa cari canditseko ngo: “Prudence uremeye kuzombera umugore? Nirutse 90km kubera wewe”. Iyo nkuru iriko iravugwa cane mu binyamakuru vyo muri Afrika y’Epfo no ku mbuga hwaniro, abantu bagatangazwa n’ico kirere cose uwo mugabo yirutse kugira areshe uwo mugore.
Ndlovu yabwiye ITANGAZAMAKURU MPUZAMAHANGA ku wa mbere ko Prudence Dick, yari yaje kurorera iyo marathon no kumushigikira, yaciye yemera ubusabe bwiwe.
Avuga ko bari basanzwe bareshanya kuva mu ntango z’uyu mwaka kandi ko bategekanya kwubakana mu mwaka uza.
Yavuze ko ubwo bwagira indwi yitaba iyo marathon kandi ko ubu uwo mugore ariwe yamuhaye intege zo gusubira inyuma y’imyaka ibiri yari yarahagaritse.
Ubwa mbere ntivyari vyashotse bimenyekana niba uwo mugore yemeye, bamwe bamwe ku mbuga hwaniro baca batangura kubimusaba.
Nk’uwo yanditse kuri twitter ati: “Ewe Prudence, emerera Joseph Ndlovu”.
Uragaba: URTV ntibazwa ibiva ku zindi mbuga.

Uwundi ati: “Nk’igihugu , dukeneye kumenya ko ubusabe bwemewe. Wa muntu ufata amashusho, rondera Prudence. Turabikeneye cane”

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading