HOSPITALITE Home » Umuganga atagira imiti yo kuvura abarwayi biwe

Umuganga atagira imiti yo kuvura abarwayi biwe

Spread the love
Rate this post
Abarwayi mu bitaro vyo muri Tigray nta miti baronka kandi nta bikoresho basanga ku bitaro iyo bagiye kwivuza

Ikena ry’imiti y’ibanze ririca abarwayi mu ntara ya  Tigray  mu buraruko bwa Ethiopia, ubu imaze amezi 23 mu ntambara kandi ikaba yugaranywe ata kintu gishobora kwinjirayo.
Impande zonpi zarumvikanye kwitaba ibiganiro vy’amahoro muri Afrika y’Epfo, kandi umuganga atakamba asaba ko akaga kugarije abantu koja mu bibazo vya mbere vyo kwiga no gutorera inyishu.  
Muganga Fasika Amdeslasie avuga nk’uko umenga ntaco bimubwiye, ariko ivyo avuga biteye akoba.

“Dukenye imiti yo gutimbisha (gutera ikinya), dukenye serumu, ntihagira antibiotique, niho rero ububona indwara zikomera, mu nyuma abarwayi bagapfa ata gitabara-uzinze amaboko”.  Uwo muganga ivyo yabivuze ahamagawe kuri Whatsapp kuri internet ya satellite, imbonekarimwe ku murwa mukuru wa  Tigray, Mekelle.

Abarwayi ntibagira uko bagira, ariko n’abaganga nico kimwe.
Yamara, ariko arakuyagira ingaruka z’intambara ku gisata c’amagara y’abantu aho muri Tigray, Muganga  Fasika, akora ku bitaro bikuru vya Ayder ku murwa mukuru Mekelle, mu maso  ntiwomenya ko ariko aravuga ibintu bibabaje.  

Mu kiringo c’imyaka ibiri iheze, Tigray  ntizi ibibera ahandi kw’isi.
Intambara yatanguye muri Munyonyo (11) mu  2020 igihe ingabo za reta ya Ethiopia zarondera kwaka ubutegetsi bw’iyo ntara umugambwe TPLF (Tigray People’s Liberation Front). Intara ya Tigray yaciye yugaranwa rwise igihe TPLF yatunganya igitero ikisubiza igice kinini c’iyo ntara muri Ruheshi mu 2021.
A man on a horse painted in colours of the Tigray flag poses as they celebrate the return of soldiers of Tigray People's Liberation Front (TPLF) fighters on a street in Mekele, the capital of Tigray region, Ethiopia, on June 29, 2021
Ingabo za Tigray zakiriwe neza igihe zagaruka ku murwa mukuru Mekelle muri Ruheshi mu 2021 ariko ico nico gihe waciye wugaranwa ntiwasubira kubona igisohoka n’icinjira

Nta  bintu bishobora kwinjira, banki zarahagaze, terefone nazo ziracibwa ku buryo bidashoboka guhamagara umuntu muri iyo ntara.
ONU igereranya ko abantu bangana na miriyoni 5.4 – hafi batatu kuri bane mu bantu bose baba muri Tigray – bakeneye imfashanyo y’ivyo kurya kuko intambara yahungabanije uruhererakane rw’ivyo kurya.

N’abarwayi ntagahengwe bagirirwa, n’ubwo bo ata ruhara bafise mu rugamba.
Hari imiti n’ibikoresho nkoramutima vyazanwe n’ishami rya ONU ryitaho amagara kw’isi hamwe na CICR – ariko iza ryayo ryagiye riba ahandi ntiribe, noneho ibintu birahagarra rwose igihe intanbara zasubira kwaduka muri Myandagaro(8), inyuma y’agahengwe k’amezi atanu.

Dr Fasika  yabwiye ikiganiro ca BBC Newsday  ati: “Nta miti y’abarwayi bacu dufise, ntitugira ibikoresho vyo kubaga, nta ncanco (inking) dufise zo gukingira abana,  nta insuline dufise yo guha abarwaye diabete.”
“Abarwayi bose nta gahengwe. Tubabwira gusubira imuhira iwabo tutabavuye.”

Imiti yo kuvura abarwaye cancer ntiboneka namba, kandi ntibashobora kugirirwa ‘radiotherapie’ kuko imashini yo kubikora iri ku murwa mpuzantaray, Addis Ababa. Kugendayo ntibishoboka.
“Muri make, abarwayi bacu bategerezwa gupfa,” nk’uko bivugwa n’uwo muganga w’imyaka 41 yigeze kuba umukuru w’ishure ry’ubuganga.




‘Abarwayi nta mwanya bagira’
 
Abavuzi baguma baraba aho abarwaye amafyigo amagara yabo aguma yunyuka kuko imiti yo gukora dialyse ija iraboneka yongera ibura.
Ku bwa Muganga Fasika, “Imiti ya nyuma yaje muri Ruheshi (6),  kuva muri Myandagaro (8) nta kintu na kimwe casubiye kwinjira none ubu ibikoresho vyaduheranye ku barwayi  25 dufise”.
Avuga ko abarwayi b’amafyigo 90 bapfuye “bari imbere y’abaganga” akibaza ibigiye gushikira abo 25 basigaye.

Ku bijanye no gupima, icumba co gupima (laboratoire) ntikigira imiti ikenewe mu gupima, akenshi abaganga bakaba batamenya neza ingorane umurwayi aba afise.

Kuri ivyo vyose hiyongerako ingorane z’umuyagankuba ukunda gucikagurika mu gihe ata bitoro bihari vyo gushira mu muteri zitanga umuyagankuba. Bisigura ko ibitaro bishobora kumara iminsi biri mu kizime.
Muri urwo rusobekerane rw’ingorane we n’abo bakorana barimwo, ijwi rya Muganga Fasika ntiriserura uburemere bw’ivyo ariko aravuga.
”Naraheze  ibishobisho,   bisigaye ari ubuzima bwa minsi yose, ndiko mvuga ivyo mbamwo ku munsi ku munsi.

”Turirinda gutwarwa n’ibishobisho. Tuzomenya umutwaro twiremetse umunsi twavuye  muri ibi. Ubundi ni kamere k’umuntu ko kwirwanako kutavyibaza, ivyo urabireka ugakora ivyo ushoboye gukora.”

Ariko abaganga n’abaforoma, co kimwe n’abakozi ba reta, bahanganye no kuba badahembwa kuva mu kwezi kwa Rusama (5).
Muganga Fasika arungikirwa amafaranga n’abagenzi n’incuti bari mu mahanga ariko, ivyo bitwara amafaranga menshi kuko abayavunja bakurako menshi kuko bategerezwa kuyinjiza mu mpisho muri Tigray.
Muganga Fasika avuga ko “ibi bitaro ari ubuzima bwanje”, agasigura ikimutera kubandanya akora n’aho ahanzwe n’ibibazo vyinshi.
“Umwuga uraguhamagara. Iyo ushoboye kugenda ukayagisha abarwayi ukabaha impanuro hanyuma ugakora ivyo ushoboye, ico nico kintu gihambaye. Si jewe gusa, n’abandi bose dukorana ngaha.”
Ku kibazo c’ibiganiro bishobora kuba hagati ya reta mpuzantara na TPLF, Muganga Fasika ntashaka kuvuga poritike.

Ariko arajwe ishinga n’uko mu gihe ibiganiro ari igikorwa ca poritike, bazoguma mu ngorane mu gihe vyo bishobora kumara igihe imbere y’uko hari ico bishikako.

“Ibiganiro bishobora gufata umwanya. Ariko ubuzima bwacu, ubuzima bw’abana, ubuzima bw’abarwayi uwo mwanya ntawo bufise. Nifuza rero ko vyobanza ku kaga kugarije abantu.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading