HOSPITALITE Home » Abanya-Tanzania baridogera reta ku mpanuka y’indege.

Abanya-Tanzania baridogera reta ku mpanuka y’indege.

Spread the love
Rate this post

Reta ya Tanzania iriko iranegurwa ku kuba idasanzwe yiteguye guhangana n’impanuka canke akaga.

Impanuka y’iyo ndege ya Precision Air muri Victoria yaguyemwo abantu 19

Ni inyuma y’ iminsi ibiri gusa habaye impanuka y’indege yaguyemwo abantu 19 igihe iyo ndege yagwa mu kiyaga Victoria ihushije ikibuga ca Bukoba ku wa mungu.

Ku bantu 43 bari muri yo, harokotse 24, abandi 19 barapfa.

Ikinyamakuru ca mbere gikomeye muri Tanzania kirasaba ko ababijejwe babazwa ingene igikorwa co gutabara kitagenze neza umunsi haba iyo mpanuka.

Abahinga mu bijanye n’indege, abaharanira uburenganzira n’abakoresha imbuga hwaniro baneguye reta ko itemanga ko itavyifatamwo neza mu gihe c’impanuka zikomeye canke akaga.

Captain Khalil, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abadereva b’indege babigize umwuga muri Tanzania avuga ati: “Nizeye ko abategetsi babonye ivyabaye. Niba tutashoboye gukora neza  igikorwa co gutabara  ku ndege ntoya nk’iriya, twobigenza gute hamwe yoba ari indege nini gusumba?”

Ikinyamakuru The Citizen kibaza kiti : “Ubutabazi bwari he?”

Umuhinga mu biza James Mbatia, yigeze kuba n’umushingamateka, yabwiye BBC ko “vyari gushoboka ko ingenzi zose zitabarwa, ariko biratangaje ko aho hantu [isanganya ryabareye] hari huzuye abarovyi kandi ata bwato bwo gutabara bwari buhari”.

“Ako ni akamaramaza.”

Mbatia abandanya ati: “Turacafise bwa buhinga, bwa bundi bwakoreshwa mu 1996 …nabwo buteye ibibazo vyinshi.”

Ku mbuga hwaniro, bamwe bavuga ko kwemenga ivyabaye bikwiye kuja mu muco w’abanya-Tanzania kandi ko ababijejwe bakwiye kubazwa ivyerekeye isanganya ry’iyo ndege n’ingene ibikorwa vyo gutabara bitagenze neza.

Umushikiranganji wa Tanzania ajejwe kwivuna abansi Innocent Bashungwa yavuze ko reta izoha inyishu impungenge abantu bashikirije kugira hatezwe imbere uburyo bwo gutabara n’ubwo kwitegura guhangana n’ibiza.

“Ivyo turimwo vyose, vyaba vyiza canke bibi, kaguma ari akaryo ko kwiga kandi muri aka kaga k’isanganya ry’indege, twumvise ivyo abanyagihugu bavuga ku kuba dukeneye kwitegura neza gusumba.”

Yavuze ko reta igiye gusubiramwo amafaranga asanzwe ategekanirizwa guhangana n’ibiza kandi haboneke ibikoresho nyavyo vyo gutabara.

Hagati aho  video y’inzege (grue/crown) iriko iraterura iyo ndege iyivana mu aho yaguye yahanahamywe ku mbuga hwaniro.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading