HOSPITALITE Home » Ukraine: Uburusiya burakariye Papa inyuma yo kuvuga ko ingabo ziva mu nkehwa ari ‘abagome’

Ukraine: Uburusiya burakariye Papa inyuma yo kuvuga ko ingabo ziva mu nkehwa ari ‘abagome’

Spread the love

Uburusiya bwarakajwe n’amajambo yashikirijwe na Papa aho avuga ko abasirikare bava mu moko amwe y’inkehwa bitwara bunyamaswa gusumba abandi mu ntambara yo muri Ukraine.

Papa François yabwiye ikinyamakuru co muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko ingabo “z’abagome” mu bisanzwe ni aba Chechens n’aba Buryats.

Yavuze kandi ko ikigoyi kizwi nka Holodomor catewe na Kremlin muri Ukraine mu myaka ya 1930 ko ari ihonyabwoko.

Uburusiya buvuga ko aya majambo ari ayo “gusambura”, bukavuga ko amoko yose ari mu gihugu agize “umuryango umwe”.

Mu kiganiro America, ikinyamakuru c’umuhari w’aba Jesuites, Papa François yabajijwe igituma ahigitanya kwiyamiriza adahigimanga Uburusiya kubera iyi ntambara.

Mu kwishura, avuga ko yahawe “amakuru menshi yerekeye ubugome bw’ingabo”.

Ati: “Muri rusangi, abagome kurusha abanda kumbure ni abo mu Burusiya ariko badafise umuco w’Aburusiya, nk’aba Chechens, aba Buryats, n’abandi”.

Papa yongerako y’uko “uwatanguje intambara ari igihugu c’Uburusiya”.

Aba-Chechens, ubwoko bukomoka muri Tchétchénie/Chechnya, mu bumanuko bushira uburengero bw’Uburusiya, barwiriyemwo aba-Islam.

Aba-Buryats , ubwoko bw’abasangwabutaka bw’ahitwa Buryatia mu buseruko bw’intara ya Siberia, basanzwe bagendera ku kwemera gushingiye ku madini ya Bouddhisme na Shamanisme.

Uburusiya burimwo amarepubulika menshi agizwe n’amoko be n’amadini atandukanye. Idini ryiganje ni iry’abakirisitu b’aba-Orthodoxe.

Papa avuga ko yavuganye na Perezida Volodymyr Zelenskywa Ukraine incuro zitari nke kuri terefone, kandi ko avugana na Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya aciye ku buserukizi bwabwo i Vaticano.

Mu gisa n’inyishu ku vyo yagirizwa vy’uko atiyamiriza Perezida Putin mu buryo butaziguye, avuga ati: “Rimwe na rimwe ngerageza kutadomako urutoke kugira ngo ntihagire uwo mbabaza ariko nkiyamiriza muri rusangi, n’aho bizwi neza uwo mba ndiko ndiyamiriza. Si ngombwa ko ndamuvuga izina”.

Mu nyuma, muri ico kiganiro, Papa yavuze ati: “Nta numwe atazi aho mpagaze, ndi kumwe na Putin canke ntari kumwe na we, ntarinze kuvuga izina ryiwe”.

Maria Zakharova  avugira ubushikiranganji bw’imigenderanire bw’Uburusiya ariyamiriza ayo majambo nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru RT cegamiye reta.

Ati: “Uru ntirukiri urwanko ku Burusiya, ni ugusambura kuri ku rugero ntashobora kubona n’ingene norwita”.

Zakharova yanditse ku rubuga rwa Telegram ati: “Aba-Buryats, aba-Chechens hamwe n’abandi bava mu moko n’amadini atandukanye y’igihugu, twese turi umuryango umwe”.

Papa François avuga ko yipfuza guhimbaza isabukuru ya Holodomor, avuga ko ari ihonyabwoko kandi ko ari yo “yaciriye inzira” iyi ntambara ya kino gihe.

Abanya-Ukraine barenga imiriyoni zine nibo bapfuye muri iki kigoyi co mu 1932-33, catewe n’ingingo ya reta yo kwigarurira amatongo ku butegetsi bw’agahotoro bw’abasoviyeti bwari burongowe na Joseph Stalin.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading