HOSPITALITE Home » Vatikano yiyamirije iciyumviro ngenderwako "caha intege" ubukoloni.

Vatikano yiyamirije iciyumviro ngenderwako "caha intege" ubukoloni.

Spread the love

Vatikano isaba imbabazi ku mategeko yitwajwe mu gukoloniza Afrika na Amerika y’ubumanuko

Ishengero Gatolika ryiyamirije icese igisa n’itegeko ryo mu kinjana ca 15 ryitwa mu Congereza “doctrine of discovery”, ryifashishwa n’abanyaburaya b’abakoloni mu kwiyegurira ubutaka bashitsemwo ku rwitwazo rw’uko babubonye ubwa mbere, ivyo bakaba barabikoze ku migabane ya Afrika na Amerika y’epfo.

Iyo “doctrine” canke “iciyumviro ngenderwako”, yari ishimikiye ku nyandiko-tegeko zasohorwa na Papa mi citwa “papal bulls”, yarifashishijwe mu buryo bw’amategeko n’Abanyaburaya mu gusigura igituma bakoronije Afrika na Amerika y’epfo.

Ariko mu rwandiko rwasohowe ejo kuwa kane, Vatikano yavuze ko ico ‘ciyumviro ngenderwako’ canke ‘doctrine’ kitari “mu bigize inyigisho za Ekleziya Gatolika”, naho kicifashishwa mu mategeko n’ivyemezo vy’ubu.

Urwo rwandiko rugira ruti “Ubushakashatsi bwa kahise bwerekana neza ko izo nyandiko za papa zivugwa, zanditswe mu gihe cihariye c’amateka hamwe n’ibibazo vya polike vyari bijanye, zitigeze zifatwa nk’izijanye n’ukwemera Gatolika”.

Vatikano yavuze ko Ishengero Gatolika ririko riremanga yuko izo nyandiko za papa zitagaragaje “ukunganya agateka hamwe n’uburenganzira bw’abanyagihugu b’abasangwa”.

Ibandanya ivuga ko izi yuko izo mpapuro zakoreshejwe ukutari ko ku nyungu za politique n’ibihangange vy’abakoloni, kugira bihe isura nziza “ibikorwa vy’akamaramaza”.

Vatikano kandi ivuga ko ico gihe ivyo vyakorwa “ata kwamira kw’abajejwe ishengero”.

Iti [gusohorwa kw’uru rwandiko] “ni mu ntumbero yo kwemera aya makosa, kwemanga ingaruka mbi cane z’ivyemezo vyo kwaka abantu umuco wabo hamwe n’umubabaro w’abanyagihugu b’abasangwa, hamwe no gusaba imbabazi”.

2 thoughts on “Vatikano yiyamirije iciyumviro ngenderwako "caha intege" ubukoloni.

  1. gatorika ni gatorika koko, oya nibahatane nababwira iki, ese ubundi ink’uru nk’izi muba mwumva zizatugeea ku ki uretse kutumarira umwanya, umugabo ni Putine. aravuga bikanga agaturitsa bikemera.

  2. nge ibya Vatikano birancanga, ubundi ni abanyepolotike cyangwa ni abihayimana? Bazamese kamwe! Ko mbona bakora polotike kurusha uko bakora iby’iyobokamana ra, nzaba mbarirwa ibyabo

Comments are closed.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading