HOSPITALITE Home » Intambara y'Uburusiya kuri Ukraine: Papa François ari i Vativano yabwiye Zelensky ko 'asengera amahoro'

Intambara y'Uburusiya kuri Ukraine: Papa François ari i Vativano yabwiye Zelensky ko 'asengera amahoro'

Spread the love

Papa François yabwiye umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky ko adahengeshanya gusengera amahoro inyuma y’aho abo babiri babonaniye ukwa bonyene i Vaticano.

Ibiganiro vyo ku wa gatandatu hagati ya Papa François na prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky vyamaze iminota 40, nk’uko Vaticano yavuze.

Papa yanashimitse kandi ku gikenewe cihuta co gufasha ‘’abo intege nke kurusha abandi, abo ataco bazira bahura n’ivyago’’ vy’iyo ntambara ku gihugu cose Uburusiya bwatanguje mu mwaka uheze.

Zelensky yabonanye n’umushikiranganji wa mbere w’Ubutariano Giorgia Meloni yamwemereye ko Roma ishigikiye vyuzuye Ukraine yunze ubumwe.

Abaporisi barenga igihumbi bagomowe hanyuma hejuru ya Roma hashingwa akarere kazira gucishamwo indege.

Mw’itangazo, Intebe ya Nyene Ubweranda yamenyesheje ko Papa

François na prezida Zelensky ‘’bavuganye ibibazo vy’abari mu kaga n’ivya poritike muri Ukraine vyatewe n’intambara ibandanya ‘’ mu mubonano wamaze iminota 40.

Uwo mu Papa akomoka muri Argentine na prezida Zelensky bumvikanye ko ari ngombwa kubandanya utwigiro two kwitaho abari mu kaga.

Itangazo ryongeyeko ko : ‘’Papa yijeje ko adahengeshanya gushikiriza igisabisho no kubandanya atakambira Umukama amusaba amahoro – kuva ku wa gatanu’’ – umunsi prezida Vladimir Putin yategeka ko hagabwa intambara ku gihugu cose.

Papa François rimwe na rimwe yagiye aravuga ko Vaticano yiteguriye gukora nk’umuhuza mu ntambara hagati ya Ukraine n’Uburusiya.

Muri uku kwezi, yavuze ko Vaticano iriko irakora ku nteguro y’amahoro ariko ko hataragera ko ija ahabona, ko ni hagera azogira ico ayivuzeko.

Ariko imigenderanire hagati ya Ukraine na Vaticano hari igihe itoroshe.

Mu kwa Myandagaro(8) guheze, uwuserukira Ukraine i Vaticano yafashe ingendo itamenyerewe yo kunegura Papa inyuma y’aho avugiye ko Darya Dugina, umukobwa w’umurusiya w’ivyiyumviro bikaze, yishwe n’ibombe yo mu modoka, yabaye ‘’inzirakarengane’’ ihitanywe n’intambara.

Imbere yaho ku wa gatandatu, prezida Zelensky yabonanye na mugenziwe w’Ubutariano Sergio Mattarella hanyuma basangira bariko barakora n’umushikiranganji wa mbere Madame Meloni.

Mu mateka Ubutariano busanzwe bufitaniye imigenderanire ikomeye n’Uburusiya.

Silvio Berlusconi, umukuru w’umugambwe Forza Italia, ni umugenzi wa kera wa Prezida Putin.

Barajanye mu ngendo kandi barahanahana utuganuke.

Matteo Salvini, icegera c’umushikiranganji wa mbere, yarashikirije kenshi ivyiyumviro bishigikiye Uburusiya kandi aranegura imfashanyo ya gisirikare ihabwa Ukraine.

Zelensky ntiyitezwe kubonana na Salvini canke Berlusconi muri urwo rugendo rwiwe.

Inyuma y’ikiganiro n’abanyamakuru cakurikiye inama hagati ya Zelensky na Meloni, umukuru wa Ukraine yatumiye ‘’indongozi za poritike z’Abatariyano n’abaserukira amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike bose’’ kugendera Ukraine.

Yavuze ko bazoheza bagashobora ‘’kubona ico umuntu umwe ashobora kudukorera, kandi muzotahura igituma tugwanya ako kabi’’.

Madame Meloni yavuze ko intambara izohera ari uko gusa Uburusiya buhagaritse intambara yabwo ‘’ruburampuhwe kandi y’akarenganyo’’ hanyuma bukava ku butaka bwa Ukraine.

Yanemeye ko Ubutariano buzoshigikira Ukraine ‘’igihe cose bizoba bikenewe’’.

Hagati aho, Ubudagi bwahishuye imfashanyo ya mbere ya gisirikare nini bugeneye Ukraine gushika ubu, iciye miliyaridi 2.7 z’amafaranga y’Abanyaburaya (Euro).

Mykhailo Podolyak, umujenama wa prezida Zelensky, yavuze ko iyo mfashanyo isigura ko Uburusiya ‘’buzoruhira gutsindwa no kwicara ku ntebe y’ibimararamare vy’amateka’’.

Muri iyi ndwi, ibinyamakuru vyo mu Budagi vyavuze ko prezida Zelensky ategekanya kugendera Ubudagi inyuma y’urugendo rwiwe mu Butariano, n’ubwo ivyo bitaremezwa.

Mu bindi vyabaye:

  • Urugendo rwa prezida Zelensky rubaye Uburusiya bwaraye bugavye ibitero bishasha vyo mu kirere kuri Kyiv n’ibindi bisagara mw’ijoro
  • Abantu barenga 20 barakomeretse mu gisagara ca Khmelnytsky. Ibikorwa-remezo co kimwe n’amazu yo kubamwo hamwe n’inyubakwa za reta navyo vyaragemwe
  • Imituriko yarumvikanye mu gisagara cigaruriwe ca Luhansk, ku 90km uvuye ku murongo w’urwasiro mu buseruko bwa Ukraine.Ingabo ziyonkoye zishigikiye Uburusiya muri iyo ntara zagirije Kyiv gukoresha ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Storm Shadow Ubwongereza bwavuze ko bwahaye Ukraine muri iyi ndwi.
  • Hanavuzwe kandi iyindi mituriko muri Luhansk ku wa gatandatu
  • Kajugujugu yakorotse mu ntara ya Bryansk yo mu Burusiya, ku rubibe bihana na Ukraine, hakomereka umugore umwe. Amasanamu atembera ku mbuga hwaniro asa n’ayerekana indege ya S-24 nayo ikorotse muri iyo ntara ku wa gatandatu -n’ubwo izo video zitarahinyuzwa.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading