HOSPITALITE Home » Abarenga 280 bahitanywe n'impanuka ya gari ya moshi mu Buhindi

Abarenga 280 bahitanywe n'impanuka ya gari ya moshi mu Buhindi

Spread the love

Abantu nibura 288 nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye abarenga 1000 nabo barakomereka mw’isanganya rya gari ya moshi zitatu mu ntara ya Odisha mu Buhindi.

Gari ya moshi imwe itwara abantu ku wa gatanu yataye inzira ija mu ryo bibangabanganwa ica isekwa n’iyindi iriko iraza yongera iseka gari ya moshi itwara ibintu yari ihagaze hafi y’aho.

Ubu hariko haraba igikorwa gikomeye co gutabara.

Imodoka zitwara abaremvye (ambulance) zirenga 200 zarungitswe aho vyabareye muri district ya Balasore, nk’uko bivugwa n’umwe mu bategetsi ba Odisha Pradeep Jena.

Gari ya moshi imwe itwara abantu bivugwa ko yataye inzira imbere y’uko isekwa n’iyindi ku wa gatanu.

Imvo y’iyo mpanuka ya mbere ikomeye mu Buhindi muri iki kinjana ntiramenyekana.

Niryo sanyanga rya mbere rya gari ya moshi rikomeye cane mu Buhindi muri iki kinjana. Abategetsi bavuga ko igitigiri c’abapfuye citezwe kuba kinini kurusha aho.

Urwego rw’Ubuhindi rujejwe ama gari ya moshi [India Railways] ruvuga ko izo gari ya moshi zibiri zagize isanganya ari Coromandel Express na Howrah Superfast Expres.

Abantu bari bagotewe muri izo gari ya moshi hamwe n’abakomeretse bose batabawe. Ntibiramenyekana neza uko ububabare bw’abajanywe mu bitaro bungana.

Igikorwa co gutuma ahabereye isanganya hongera gukora catanguye, nk’uko bivugwa na kompanyi South Eastern Railway yo mu Buhindi.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi Narendra Modi yavuze ko yababajwe cane n’ivyabaye avuga ko yifatanije n’ababuze ababo.

Umwe mu bagabo barokotse yavuze ati ”abantu bari hagati ya 10 na 15 banguyeko igihe iryo sanganya ryaba ibintu vyose bicika urudubi. Nari munsi y’ico kirundo c’abantu.

”Nakomeretse mu kiganza n’inyuma kw’izosi. Maze gusuhoka gari ya moshi, nabonye umuntu yacitse ikiganza, uwundi yacitse ukuguru, uwundi nawe mu maso hayoberanye,” niko uwo yarokotse yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ANI.

Hashinzwe umunsi w’ikigandaro muri iyo ntara.

Ni ryo sanganya rya mbere ribi cane mu Buhindi muri iki kinjana

Vyibazwa ko ibice bitari bike vya gari ya moshi itwara abantu Shalimar-Chennai Coromandel Express vyataye inzira hafi isaha imwe y’ijoro mu masaha yo mu Buhindi ( isaha icenda n’inusu z’umurango mu ma saha yo mu Burundi no mu Rwanda), bimwe bishika ku yindi nzira.

Niho rero iyindi gari ya moshi – Howrah Superfast Express – yariko irava Yesvantpur ija Howrah – vyibazwa ko yaciye iseka ivyo bice vyari vyubamye.

Abategetsi b’Ubuhindi bavuga ko gari ya moshi itwara imizigo – yari ihagaze muri ico kibanza – nayo yakozweko n’iryo sanganya.

Impanuka za gari ya moshi zimaze guhitana abantu mu Buhindi

  • Ruheshi(6) 1981: Hafi abantu 800 barapfuye igihe gari ya moshi yuzuye abantu yagwa mu ruzi mu gihe c’igihuhusi
  • Myandagaro(8) 1995: Nibura abantu 350 barapfuye gari ya moshi zibiri zisekanye ku 200km uvuye Delhi
  • Myandagaro 1999: Gari ya moshi 2 zarasekanye hafi ya Kolkata (kera yari izwi nka Calcutta) hapfa nibura abantu 285
  • Gitugutu(10) 2005: Abantu 77 barapfuye igihe gari ya moshi yata inzira mu ntara ya Andhra Pradesh
  • Munyonyo(11) 2016: Hafi abantu 150 barapfuye abandi nkabo barakomereka igihe gari ya moshi Indore-Patna Express yata inzira mu gisagara ca Kanpur

Ubuhindi buri mu bihugu vya mbere kw’isi bifise inzira za gari ya moshi nyinshi cane zikoreshwa na miriyoni z’abantu buri munsi, ariko vyinshi mu bikorwa-remezo vy’izo nzira bikeneye gutezwa imbere.

Gari ya moshi zirashobora kwuzura cane muri iki gihe c’umwaka, aho abantu baba benshi mu gufata ingendo baja mu biruhuko vy’amashure.

Gari ya moshi zitwara abantu zasekanye zompi zari zuzuye cane kandi hari n’abandi bari ku rutonde bazirindiriye, uravye intonde zo ku rubuga rw’ubushikiranganji bw’Ubuhindi bujewe gari ya moshi BBC yashoboye kwihweza.

Isanganya rya mbere ribi mu Buhindi ryabaye mu 1981, aho gari ya moshi yuzuye abantu yahushwe n’umuyaga w’igihuhusi igata inzira ikagwa mu ruzi mu ntara ya Bihar, hagapfa nibura abantu 800.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading