HOSPITALITE Home » Ibyo utakeka byaranze umugabo wagiye mu manzaganya , agapfa abantu bose batumva ibyo aribyo: PETERO NKURUNZIZA (IGICE CA MBERE)!

Ibyo utakeka byaranze umugabo wagiye mu manzaganya , agapfa abantu bose batumva ibyo aribyo: PETERO NKURUNZIZA (IGICE CA MBERE)!

Spread the love

Yitwa PETERO NKURUNZIZA,akaba agira umwana wa 6 mu bana 8 bavuka ku bavyeyi EUSTACHE_NGABISHA na DOMITILLIE_MINANI,yavutse kuwa 18/12/1964,avukira mu ntara ya NGOZI,i BUYE,akaba yabayeho mu buzima bugoye kuva mu buto bwiwe! Uwitwa Se wiwe, EUSTACHE yarabaye umwigisha,aba umushingamateka,mu nyuma aja kuba komiseri mu KABEZI,
Ava mu Kabezi aja gukorera i GISHA ari naho yapfiriye mu 1972,inyuma y’urwo rupfu umuryango wabandanyije kubaho nabi cane!

Mu Kabezi,niho PETERO NKURUNZIZA yatanguriye amashure yiwe y’intango,mu nyuma aja kuyabandanyiriza i Buye mu ntara ya Ngozi!
Ayisumbuye yayize kw’ishure ryisumbuye ryahoze ryitwa ATHENEE ubu ryitwa LYCEE MUSINZIRA riri mu ntara ya GITEGA, akaba ari n’aho yahereje ayo yisumbuye,hari hagati y’umwaka wa 1980-1987!

Yari incabwenge mw’ishure,kuko ntiyigeze aba musi y’uwa 5 mu bamenye,akaba yaranzwe n’ugukunda ivy’inkino kuva mu buto bwiwe!

Ahejeje amashure yisumbuye kuri Athénée, Nkurunziza yaciye aja kwiga kaminuza y’Uburundi,akaba yayihejeje afise amanota meza cane muvyo inkino no kwinonora imitsi,
Baca bamugira umwigisha w’umwunganizi(professeur assistant),
Araja kwigisha mu ntara ya MURAMVYA,mu nyuma aja kwigisha kuri kaminuza y’Uburundi!

Petero Nkurunziza yarafise umufasha yitwa DENISE BUCUMI,babanye mu mwaka wa 1994,inyuma y’aho Denise yari ahejeje amashure mu 1993!

Urwimo rwateye mu 1993,rwakurikiwe n’ubwicanyi bwakorewe abanyeshure b’abahutu n’izindi ncabwenge kuri kaminuza y’Uburundi bwatumye Petero Nkurunziza ahunga mu 1995,ahungira i NYAMBUYE,ariho yatangura urundi rugendo rw’ubuzima bwaciye mu rugamba rwo guhabuza demokarasi,
Ubuzima bwiwe tuzobayagira mu gice ca kabiri!

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading