HOSPITALITE Home » Centrafrique ivuga ko indege mvamahanga yateye ingabo zayo

Centrafrique ivuga ko indege mvamahanga yateye ingabo zayo

Spread the love

Reta ya Centrafrique ivuga ko indege bitazwi igihugu yavuyemwo yateye ikambi ya gisirikare mu gisagara ca Bossangoa.

Hari amakuru atandukanye avuga ko muri ako karere habaye intambara hagati y’ingabo za reta n’umuhari w’inyeshamba, Coalition des Patriotes pour le Changement.

Itangazo rya reta rivuga ko iyo ndege yateye kandi amabombe ku kirindiro c’incuti – ijambo rikunze gukoreshwa mu kuvuga abacangero b’Abarusiya – imbere y’uko itera ija mu buraruko.

Rivuga ko hari ivyononekaye ariko ntirivuga nimba hari abapfuye canke abakomeretse.

Iki gitero ntikirashobora guhinyuzwa mu nburyo bwigenga.

Hari abarwanyi baharurwa mu majana bo muri wa muhari w’abacangero Wagner wo mu Burusiya basanzwe bafasha igisirikare ca Centrafrique mu ntambara yaco n’inyeshamba.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading