HOSPITALITE Home » Dukunde ikirundi, turwanye ubujuju, ubunebwe n’umunoho - Ndayishimiye

Dukunde ikirundi, turwanye ubujuju, ubunebwe n’umunoho - Ndayishimiye

Spread the love

Perezida Evariste Ndayishimiye ahamagarira Abarundi gukunda ururimi rw’ikirundi, ururimi rumwe kavukire ruvugwa mu Burundi.

Ni mw’ijambo yaraye ashikirije abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD mw’ikoraniro kaminuza risanzwe ry’uyu mugambwe uri ku butegetsi, aho abona ko iyi ngorane ari imwe mu zindi ntambamyi zizingamitse iterambere ry’igihugu.

Ku wa 24 Nzero ni umusi mpuzamakungu wahariwe indimi kavukire, abahinga bamwe bamwe mu vy‘indimi babona ko Ikirundi kivogerwa n’indimi mvamahanga, aho hari Abarundi bashima kukivuga bakakivanga n’izindi ndimi kugira ngo abantu babone ko bakomeye.

Eka na Perezida Ndayishimiye aranegura ingene hari Abarundi bonona Ikirundi mu kukivangatiranya n’izindi ndimi, ariko bigafatwa nk’ibisanzwe.

Ati: “Hari ibintu bibabaje, Abarundi barashobora gutwenga umurundi ngo avuze igifaransa nabi, mugabo batarigera bamutwenga ngo avuze Ikirundi nabi.

“Ukaza wumva ngo ndiyegisuplika[je vais m’expliquer], reka niyaranje [je vais m’arranger] …

 “Nta n’umwe agutwenga ngo uvuze Ikirundi nabi, baca bavuga ngo ‘umengo ico kintu avuze gisa n’Ikirundi’ “

N’akababaro kenshi, Ndayishimiye abona ko bitumvikana ingene Abarundi baheba ururimi rw’ikirundi, kandi ari rwo rurimi rwabo.

Ati: “Oyaaa, Ikirundi cacu tukigarukire, vyose tuvyandike mu Kirundi, inama tuzigire mu Kirundi dukore ivyegeranyo mu Kirundi, erega ni vyo bizokwerekana kahise kacu”.

Amenyesha ko “mu rwego nshingwabikorwa rw’igihugu [Inama nshikiranganji] twumvikanye ko amanama yose tugiye kuyakora mu Kirundi kandi ivyegeranyo bibe mu Kirundi”.

Izindi ntambamyi z’iterambere abona ni izihe?

Irwirirana ry’abantu ni imwe mu ntambamyi nyamukuru abona ibangamiye iterambere ry’Uburundi, akavuga ko ubu igitigiri c’abantu camaze kurengera igihugu, ku buryo hari imiryango itagishoboye gutunga abayo.

Ati: “Abantu basigaye bavyara abana badashobora kurera, abana bakabata mw’ibarabara kubera vyabananiye kurera”.

Atera akamo abanywanyi b’uyo mugambwe bufata iya mbere mu kurwanya irwirirana ry’abantu “kugira ngo turabe y’uko twogeza aho, umurindi ugabanuke, ku buryo tuzoshika aho turonka abantu bangana n’Uburundi, kuko uno musi abantu baramaze kurengana Uburundi”.

“Iyo ni intambamyi mw’iterambere, none umuvyeyi azoshobora kugaburira abana umunani gute? Muzosanga bose ari ubupfunya”.

Ikindi kibabaje Ndayishimiye ni ico yise umunoho, aho avuga ko hari Abarundi babonye ko bakize bagashaka kwikwegerako vyose.

 Ati: “None nk’umuntu yivye imiriyaridi cumi aba ayajanye hehe tuvugishije ukuri, atari umunoho gusa? Ibi bintu vyo gushaka gutunga ningoga, ubu kirababereye igitsitaza”.

Perezida Ndayishimiye kandi arerekana ko ihindagurika ry’ibihe ari intambamyi ikomeye ku gihugu, agatera akamo Abarundi kurihagurukira, mu gutera ibiti, kwimba imiserege no gutera ibiti bibana n’ibiterwa.

Ati: “Tutaravye neza, ihindagurika ry’ibihe rizoduta mu rudubi.”

Atanga akarorero k’intara ya Makamba avuga ko yaronse amakuru ko abantu basigaye barara ubusa kubera babuze inkwi, kandi bafise ibifungurwa.

Izindi ngorane ashira ahabona ni ubunebwe aho abona ko hari abirirwa bicaye ku marigara, ubujuju  aho avuga ko hari abantu batazi gutandukanya ubumenyi n’ubwenge, abanyonora itunga ry’igihugu akabatera akamo gusubiza ivyo bihagiye kugira ngo bikoreshwe mw’iterambere ry’igihugu.

Atera akamo abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi bari bitavye iryo koraniro gufata mu mugongo igihugu, agasaba ko ni babona ibitagenda neza kwegera reta bakavugana

Ati: “Intumbero dushaka gushikako mu mugambwe CNDD-FDD murayumvise, mubonye bitugoye buzoba ari ububegito gusa, ico mushaka natwe ni co dushaka, ivyo mwipfuza na twebwe ni vyo twipfuza”.

“Rero, mwebwe muserukira ibindi bihugu mukunze guca muvuga ngo mu Burundi agateka ka zina muntu ntikubahirijwe, kurya mushaka agateka ka zina muntu, ni ko na twebwe tugakunda”.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading