Sankara yishwe afise imyaka 37 amaze gutwara Burkina Faso imyaka ine kuva mu 1983 abanje gutembagaza ubutegetsi.

Compaore asanzwe yarahunze, yaciriwe urubanza adahari.
Uwararongoye abamucungerera ubuzima, Hyacinthe Kafando, na we nyene yaciriwe urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose.
Prezida Sankara yarashwe n’akagwi k’abantu bitwaje inkoho ku mugwa mukuru Ouagadougou mu 1987.
Compaore yaciye amusubirira ku butegetsi atwara imyaka 27 imbere y’uko abwirukanwako mu 2014.
Compaoré, ubu aba mu buhungiro muri Cote d’Ivoire kuva aho ananiriwe no guhindura ibwirizwa nshingiro mu 2014 kugira agume ku butegetsi.
Umutahe wo kumufata wasohotse mu 2015.

Mu kwezi kwa kane mu 2021, sentare ya gisirikare ya Burkina Faso yari yamwagirije ivyaha vyo guhungabanya umutekano w’igihugu, gufatanya mu kugandagura no kunyegeza ibiziga (imirambo).
Kuva yishwe, aho Sankara yahambwe ntihigeze hamenyekana.
Mu 2015 habaye igikorwa co kuzura ibisigarira biri ahibazwa ko ariho yahambwe kugira bisuzumwe ko vy’ukuri ari we.
Ico gikorwa cari casabwe kuva kera cane n’umuryango wiwe, ariko Prezida Compaoré ntiyigeze atanga uruhusha rwo kugikora.

Sankara yishwe afise imyaka 37 amaze gutwara Burkina Faso imyaka ine kuva mu 1983 abanje gutembagaza ubutegetsi.
Muri Afrika gushika ubu hari abantu benshi bamufata nk’ikimenyetso c’impinduka (revolution) no kwanka kuganzwa n’ibihugu vya rutura.
Ariko hari n’abafata ko yabaye umutegetsi w’igitugu kuko yashitse ku butegetsi atembagaje ubundi, kandi ngo yashira imbere ‘discipline’ (kwigenza neza) imbere y’agateka ka zina muntu.
NewLatter Application For Free