Umuyobozi wa Bunagana, Ismail Ndayambaye, yabwiye itangazamakuru mpuzamahanga ko batangaye babonye ku wa Mungu impunzi nyinshi z’abanye-Kongo zabashwayemwo.
- Bwana Ndayambaje yagize ati: “Ku wa Mungu bacise bagaruka bose baza umubare ari mwishi bashitse ngaha muri Bunagana tubona amashure yacu [bahuzuye] tubona n’ahantu hose ari imyanda yuzuyeho.
- “Vyabaye ngombwa ko dusaba ubuyobozi bwa District na HCR kuba botuzanira imodoka ikabajana mu nkambi y’agateganyo i Nyakabande muri Kisoro.
“Baje ari umubare mwinshi, mwinshi cane […] kuko n’abari basigayeyo baciye baza muri uwo mubare. Nk’abantu barenga nk’ibihumbi mirongo itanu ugereranije kuko sindaronka umubare uvuye muri HCR.”
Uwo muyobozi yabandanije avuga yuko benshi muri abo bahunze bamaze gushirwa mu nkambi aho bariko bararonswa imfashanyo.
Mu mpera z’indwi iheze umugwi M23 watangaje yuko uhagaritse imirwano, ariko nta tangazo nk’iryo ryagaragaye ku ruhande rwa FARDC, kandi abari mu karere ka Rutsuru bavuga yuko hacumvikana rimwe na rimwe ukurasa.
NewLatter Application For Free