
Ku bw’igiporisi, amasasu yarashwe ku gituro co kw’ibarabara rya 36 muri Sunset Park 08:30 (isaha zibiri n’iminota 30 mu gitondo, sasita n’iminota 30 kw’isaha mpuzamakungu).
Amafoto y’aho vyabereye yerekana abantu bariko amaraso baryamye hasi muri ico gituro. Hari kandi n’ibintu biturika vyahatowe bitaraturitswa .
Uwateye yaciye ahunga aho vyabereye, ababibonye bakaba basubirwamwo n’ibinyamakuru vyo muri Amerika ko yari yambaye yambaye agakoti k’abubatsi gasa n’ishike (orange) n’agafukamunwa ko gukinga imyuka (gas mask).
Uwo yikekwa yaciye atera bombe ifumba umwotsi kugira asamaze abari aho , nk’uko amasoko y’igiporisi yabwiye NBC News.
Benshi mu bakomerekejwe n’amasasu bariko baravurwa, nk’uko igiporisi kibivuga, harimwo umwe yakomeretse cane.
Abandi bariko baravugwa imyotsi bahemye be no gukomereka mu bwoba bikiba.
Nta mvo yatumye ivyo biba iratangwa. Abantu bagiriwe inama yo kuguma kure y’ako karere.


Uwundi yabibonye, umugore yamenyekanye gusa nka Clair, yabwiye New York Post ko “atibuka” igitigiri c’amasu yarashwe.
Uwo mugore avuga ko yabonye uwo yikekwa akororeye hasi ikintu carekura amasase ku mutwe.
Igisata co kuzimya imiriro ca New York cabwiye BBC ko ubwa mbere cari caronse terefone ivuga ko hari umwotsi imbere muri ico gituro.
Ariko abategetsi bahashitse basanze hari abantu benshi barashwe kandi bakomeretse.
Igiporisi kivuga ko ubu ata bintu biturika bikiri muri ico gituro, mu gihe amakuru ya mbere yari yavuze ko hari ivyahatowe.
Umukuru wa Amerika Joe Biden n’umushikirizamanza mukuru w’igihugu Merrick Garland bompi bahawe amakuru y’uko ibintu bimeze.
Ibisagara hirya no hino mu gihugu bigize igihe bihanzwe n’ukwiyongera kw’intureka ziturutse ku nkoho muri iyi myaka ibiri iheze.
NewLatter Application For Free
Ariko koko ibi byungura nde ? Uretse bya bindi byo gusahurira mu nduru. Ubundi umunyagwa uzapfa uba uvunwa n’iki umwica. Ubu koko kubera iki abantu batarahumuka ngo babone ko kwiteranya n’amaraso y’kiremwa muntu ari ukwiyanduriza ubusa ngo bashyire inkota mu rwubati!
Ibi birababaza ariko bene sekibi ni uko bakora bagakoreha muntu kwicucura