KIRUNDIAmerika Irihaniza Ubuhindi Kutagura Ibitoro Vyinshi mu Burusiya admin3 years ago3 years ago02 mins Spread the love Seen by: 9,945 Rate this post Umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi Narendra Modi na Perezida Joe Biden wa Reta zunze ubumwe za AmerikaPerezida wa Reta zunze za Amerika, Joe Biden azoganira n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi Narendra Modi kuri uyu wa mbere hakoreshejwe ubuhinga bwa Videwo. Ni mu gihe Amerika yavuze ko idakeneye kubona Ubuhindi bugura ibitoro vyinshi vy’Uburusiya.Uwujejwe kumenyeshamakuru muri perezidanse ya Amerika, White House, Jen Psaki, yavuze kuri uyu w’Imana ko Perezida Biden azobandanya kuganira n’uyu canke uyundi ku ngaruka y’intambara Uburusiya bwateje muri Ukraine.Daleep Singh, icegera c’umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu, ajejwe ibibazo vy’ubutunzi mpuzamakungu, aheruka kugendera Ubuhindi. Yavuze ko Amerika itazocira umurongo utukura Ubuhindi ku bitoro bugurira mu Burusiya. Ariko yavuze ko atagomba kubona Ubuhindi bwongereza ibitigiri vy’ivyo bugura mu Burusiya.Ubuhindi bumaze kugura utugunguru tw’ibitoro tungana n’imiriyoni 13 kuva Uburusiya butera Ukraine mu mpera z’ukwezi kwa kabiri. Ni mu gihe itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, mu biharuro ryatororokanije ryasanze Ubuhindi bwaguze imiriyoni 16 z’igitoro mu Burusiya umwaka uheze wose.Ubuhindi, igihugu co muri Aziya y’ubumanuko nticifatanije n’abandi mu gufatira ibihano Uburusiya.Perezida Biden hamwe n’umushikiranganji wa mbere Modi baraganira kandi ku migenderanire ku bibazo bitandukanye birimwo kurangiza ikiza ca COVID-19, kurwanya ihindagurika ry’ibihe. Baraganira kandi ku bibazo vya demokarasi, hamwe n’iterambere mu karere k’Ubuhindi na Pasifike. NewLatter Application For Free First name Last name Email I'm Not specifiedWomanMan I accept the privacy policy Post navigation Previous: Ikintu abagabo bakunda gukora mu gitondo gishobora gutuma batabyaraNext: Sobanukirwa: Insigamungani ‘Nta byera ngo de’ aho ya komotse.
Agahinda k'ubusage bwiwe -umunyamideri wo muri Uganda yabumowe mw'ibohero admin7 months ago7 months ago 0
Burundi: Abavyeyi bariruhutsa ku bw'umugambi wo kugaburira abana ku mashure admin11 months ago7 months ago 0