KIRUNDIIntambara ya Ukraine: Ibirwanisho rutura vya Russia vyabonetse bijabuka muri Belarus admin3 years ago3 years ago03 mins Spread the love Seen by: 9,659 Rate this post Biélorussie irashigikiye Uburusiya muri iyi ntambara ya Ukraine kandi ibi bihugu bibiri vyarakoreye imyimenyerezo ya gisirikare hamwe muri Biélorussie imbere y’uko igitero gitanguraIkinyamakuru Belaruski Hayun co muri Biélorussie cegamiye ku ruhande rwa Ukraine kivuga ko cabonye ibirwanisho bitari bike vy’igisirikare c’Uburusiya bifata urugendo muri gari ya moshi biciye muri Biélorussie ku wa Mungu.Iki kinyamakuru kivuga ko amagari ya moshi yari yuzuye ibikoresho vya gisirikare yabonetse ku bituro vy’indarayi ku mugwa mukuru Minsk hamwe no mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Biélorussie, harimwo ibituro vya Kalinkavichy, Khoyniki na Homel y’Uburaruko.Amakamyo na vya bimodoka ntamenwa navyo nyene vyarabonetse mw’igari ya moshi ku gituro ca Rechytsa kiri mu bumanuko bushira ubuseruko. Za misire zirasa indege hamwe n’imodoka z’intambara zica mu mazi nazo nyene zarabonetse zirindiriye kwurizwa igari ya moshi hafi y’aho.Indege z’intambara zitandatu hamwe n’indege itwara ibintu n’abantu zaragurutse ziva ku kibuga c’indege ca Baranavichy kiri mu burengero bwa Biélorussie mu gihe za kajugujugu z’Uburusiya zitari nke nazo zafashe urugendo ziva i Machulishchy hafi ya Minsk. Umukuru w’igihugu ca Biélorussie Alexander Lukashenko ashigikiye Perezida Vladimir Putin muri iyi ntambara ya Ukraine.Uburusiya bwarakuye ingabo zabwo muri Kyiv ubu bukaba buriko bushira inguvu zose mu buseruko bwa Ukraine muri ino ntambara.Ibi biri uko mu gihe inyeshamba zo mu buraruko bwa Ukraine zishigikiwe n’Uburusiya zivuga ko ziriko zirongereza akariro mu ntambara yazo yo kurwanya ingabo za reta.Denis Pushilin, umukuru w’akarere gaherutse gutangaza ko kigenga ka Donesk (République Populaire de Donetsk/Donetsk People’s Republic) asubirwamwo amajambo avuga ko agiye gukomeza urugamba kubera “abasivire bariko bafatwa bugwati” muri ako karere.Uturere turi mu minwe y’inyeshamba turi mu ntambara kuva mu 2014.Imbere y’uko agomora ingabo mu kwa kabiri, Perezida Putin w’Uburusiya yabanje kwemeza ku mugaragaro ko uturere twa Luhansk na Donetsk ari ibihugu vyigenga.Ni mu gihe Perezida volodymyr Zelensky arahira akarengwa ko ata gace na kamwe ashobora guhebera Uburusiya, kugira ngo igihugu ciwe gisubire mu mahoro.Abajijwe n’umunyamakuru Scott Pelley w’imboneshakure CBS, Perezida Zelensky yavuze kandi ko atazigera yemera ko ya ntara ya Crimea yigarurirwa n’Uburusiya mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Ukraine yegukira Uburusiya. NewLatter Application For Free First name Last name Email I'm Not specifiedWomanMan I accept the privacy policy Post navigation Previous: Ukraine Itangaza ko 50 Bariko Barahunga Bahitanywe na RoketiNext: Ikintu abagabo bakunda gukora mu gitondo gishobora gutuma batabyara
Agahinda k'ubusage bwiwe -umunyamideri wo muri Uganda yabumowe mw'ibohero admin7 months ago7 months ago 0
Burundi: Abavyeyi bariruhutsa ku bw'umugambi wo kugaburira abana ku mashure admin11 months ago7 months ago 0