Kubaga abarwayi hejuru ibisasu biturika: Inkuru y’umugangakazi wa mbere abaga muri Gaza

Spread the love

Igihe Sara Al-Saqqa yaheza amashuri yiwe ya kaminuza muri Myandagaro(8), yakoze amateka, aba umugangakazi wa mbere abaga muri Gaza.

Sarah Alsaqqa yakoze imisi 34 mu bitaro ataruhuka gushika ahunze kugira arokore ubuzima bwiwe

Uyu mugore w’imyaka 31 avuga ati: “Nari mfise ihangiro n’indoto nyinshi zo guteza imbere igisata c’ubuvuzi”. Yarizera kuzokugurura umunsi umwe ibitaro vyiwe. Ariko inyuma y’indwi 8, ivyiyumviro vyiwe vyaciye bitumbera ku kintu kimwe: Kwizera ko umuryango wanje urokoka. “Imyitwarariko ya bose yaciye ihinduka kandi twiyumvira kubaho ubu.”

Kuva aheza amashuri ya kaminuza, Sara yamye akora mu bitaro vya Al-Shifa, binini kurusha ibindi muri Gaza, mu buraruko bw’ako karere. Ku wa 7 z’ukwezi kwa Gitugutu(10), ntiyari yakoze kandi aribuka ko yariko aritegura kuja kuraba murumuna wiwe, afise imyaka 17, yari avuye kw’ishuri. Avuga ati: “Ariko twaciye dutangura kumva ibisasu hanyuma ntitwamureka ngo agende.”

Igihe Sara yaraba kw’iterefone yiwe, yabonye amakuru avuga ko umutwe Hamas wakoze ibitero kuri Israel. Abagwanyi bawo bishe abantu 1.200 kandi itwara bunyagano abababa 240.

Kuva ico gihe, Israel yakoze ibitero vy’indege no hasi vyo kwihorera bihindura imisaka ibice vyinshi vya Gaza, bihitana ubuzima bw’abantu barenga 15.500, nk’uko umushikiranganji wa Palestina ajejwe amagara y’abantu abishikiriza.

Baciye bahamagara Sara ngo aje ku kazi. Igihe yashika, yabonye “ubwicanyi, abakomeretse baza bisuka”.

Inkomere zatanguye kwisuka mu bitaro vya Al Shifa Israel igitangura kwivuna

Kuva mu ntango, abakozi bari barengewe n’ikivunge c’abantu babitura “bacitse ibihimba bimwe bimwe vy’umubiri kubera ibisigazwa vy’ibisasu n’ibikomere bitandukanye vyatewe n’ubushe burenze urugero”.

Igihe Israel yatangura ibitero vy’indege, yari yabwiye ababa muri Gaza gukinjura bava mu buraruko hanyuma baje mu bumanuko bavuga ko ariho hari umutekano wizewe. Ariko Sara yafashe ingingo yo kuhaguma. Avuga ati: “Twaguma dukora iminsi irenga 34 nta karuhuko, nta n’ugutaha imuhira”.

Vyatanguye hashize igihe gitoya Sara Alsaqqa, hasi ibubafu, abaye umugangakazi wa mbere azobereye mu kubaga muri Gaza

Arigana ingene ibintu vyaguma biba nabi, ati: “Uko hatewe ibisasu, amajana y’abantu baca bazira rimwe kandi vyari bigoye kubakira bose”.

Abandi benshi barondera umutekano mu bitaro. Abantu bari buzuye ahantu hose haboneka, batekera imikate mu makoridoro, baryama hasi no mu kabati bagerageza gusamaza abana babo n’udukino.

Ibitaro vyaragorwa no kuronka ibikoresho nk’imiti n’ibikoresho bambara mu biganza (gants /gloves) bisukuye kandi Sara yategerezwa guhitamwo abo avura ubwa mbere akurikije amahirwe yo kubaho bari bafise.

Avuga ati: “Numva vyari biteye ubwoba kubona ataco nashobora gufasha, nakora ivyo nshoboye mfise ibikoresho bisa nk’ivyaheze mu kubavura, ariko vyarambabaje cane, kubona ntashoboye gukiza ubuzima bwa benshi bazira ubusa.”

Abantu bahungiye mu bitaro vya Al Shifa igihe c’ibitero cya Israel

Ariko hari urumuri rw’ukwizera. Sara yarashoboye kuvyaza ubwa mbere umuvyeyi inyuma yaho we n’umuvyeyi bisanze bugaraniwe mu cumba c’ibagiro (operating theatre/salle d’opération) ijoro rimwe aho ibisasu vyagwa hanze y’ibitaro.

Sara yaragerageje uko yari ashoboye kuronka umuganga avura abagore ngo aze amufashe ariko ntawe yaronse. Nk’isaha cumi na zibiri, ntibari bagishobora kurindira na gato. Yavuze ati: “Narasenze Imana yacu ngo imfashe nshobore gukiza umwana na nyina.” Umwana yavutse uruzogi rwamwizingiye kw’ijosi, ariko Sara yarashoboye kurumukurako hanyuma umuvyeyi avyara neza. Umuvyeyi mu kumushimira yaciye yita umukobwa wiwe Sara.

Naho Sara atari umuganga avyaza yabashije kuvyaza neza umuvyeyi ku nshuro yiwe ya mbere

Kimwe mu bintu vyagoye Sara yari ugucika kw’ihanahana ry’amakuru, aho atashobora kumenya amakuru ya nyina, abavukanyi biwe bane na inakuru. Igihe imirongo ya terefone na enterinete vyacika, bariko baraja in Rafah mu bumanuko kandi ntiyashobora kumenya ko bakiriho canke bapfuye, yavuze ati: “Nta kintu nashobora gukora canke ngo mbandanye”. Yari afise ubwoba bwinshi ko bashobora guterwa ibisasu.

Igihe intambara zabandanya gukara hanyuma akumva ko umuryango wiwe uri amahoro, ingorane za Sara zaciye ziba nyinshi. Ibigega vy’imfungurwa n’amazi vyaraheze kandi no “mu ndwi iheze, nta muyagankuba twari dufise…twari tubeshejweho n’utundi duke cane.” Akantu gato nko kuronka akamanyu k’umukate cari ikintu kidasanzwe.

Ikarata igaragaza ahari ibitaro vya Al-Shifa muri Gaza

Igihe amatara yacika yategerezwa guca mu makoridoro yuzuye abantu akoresheje urumuri rw’itoroshi kandi akabagira ahantu hatabona neza mu rwamo rw’ibisasu vyavugira aho hafi. Avuga ati: “Novuga ko ico gihe arico gihe kibi nabonye mu buzima bwanje kuba mu muriro udahera.”

Igihe ibitero vy’ibisasu vyabegereza kandi intumbero y’igisirikare ca Israel yari ugutera ibitaro mu buryo bwumvikana, Sara yaragize ubwoba ko ahagumye ashobora gupfa, afata ingingo yo kuhava aca aja i Rafah asangayo umuryango wiwe, bari bashoboye guhungira kwa sewabo. Ariko ntiyijanye wenyene mu bumanuko. Yajanye n’abo bakorana n’umuvyeyi n’uruyoya yafashije kuvuka. Igihe igisirikare ca Israel catera ibitaro, cavuze ko ico gitero cari “igikorwa co kurwanya Hamas” kivuga ko casanze “ikigo kigenzura ibikorwa vya Hamas” muri ivyo bitaro (operational centre) – ivyo Hamas yahakanye. Agereranya ubuzima arimwo n’abandi bantu bo muri Gaza barenga umuriyoni bateshejwe izabo, Sara avuga ati: “Nta mazi yo kunywa dufise canke ivyo kurya. Ntidufise inzu zo kubamwo. Twaratawe, twicaye mu mabarabara, no mu masanganzira. Igihe c’imbeho nyinshi carageze kandi ntitwaciteguriye, nta mpuzu dufise, uburengeti canke ikindi kintu ico ari cose.” Aracagerageza gukoresha ubumenyi bwa kiganga afise aho bishoboka. “Imisi yose tugiye hanze, dutembera irya n’ino kandi dufasha uko dushoboye kubera abantu bahungiye mu mazu no mu mashuri baradukeneye

Sara arajwe ishinga n’ico kazoza kamubikiye, we n’umuryango wiwe. Ati: “Uyu mwaka wategerezwa kuba umwaka wanyuma wo guheza amashuri ya mutoyi wanje imbere y’ugutangura ubuzima bwiwe, ariko ubu ntituzi uko ibintu bizogenda.” Co kimwe n’abandi banya-Gaza, amizero yabo n’indoto zabo babishize ku ruhande kugira ngo babeho.

NewLatter Application For Free

RETOUR

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO URTV : 81.8 SUR ZENO.FM

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading

×