Putin yashitse muri Emirats Zunze Ubumbwe z'Abarabu mu ngendo nke zo mu mahanga

Spread the love

Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin yagize urugendo mbonekarimwe mu mahanga muri Emirats zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE) bikaba binateguwe ko agendera Arabia Sawudite.

Putin yitezwe ko agiranira ibiganiro na prezida wa UAE ku ntambara ibera muri Gaza na Ukraine, co kimwe no ku mwimbu w’ibitoro.

UAE ubu iriko iraberamwo inama kw’ihindagurika ry’ibihe, ariko Uburusiya ntiburavuga nimba Putin azoyitaba.

Asa n’uko ata ho yigeze aja kuva mu kwezi kwa gatatu, aho sentare mpuzamakungu mpanavyaha (ICC/CPI) yasohora umutahe wo kumuhagarika.

CPI imwagiriza gutwara ku nguvu abana b’abanye Ukraine mu Burusiya – icaha co mu ntambara – ariko yaba UAE canke Arabia Sawudite nta na kimwe muri ivyo bihugu cashize umukono ku masezerano yo kwemera iyo sentare.

Uwo mutegetsi w’Uburusiya yagiye arasiba mu nama mpuzamakungu harimwo iya Brics yabereye mu gihugu ca Afrika y’Epfo mu kwezi kw’umunani hamwe n’iya G20 yabaye mu kwezi kw’icenda mu Buhinde.

Vladimir Putin yakiriwe n’umushikiranganji w’imigenderanire wa UAE

Izo ngendo zibaye mu gihe Uburusiya buriko buragerageza gukoresha igihagararo bufise no kuburizamwo ukugerageza kw’abanya Buraya ngo buharirwe ivomo.

Putin yabwiye prezida wa UAE Sheikh Mohamed bin Zayed Al Nahyan ko ” ubucuti bwacu buteye ku rugero rutari bwigere ruboneka”.

Ubudandaji n’igitoro bizoba biri ku rutonde rw’ibiganiro na UAE, itangazo ry’Uburusiya rivuga ko ” ari co gihugu ca mbere bafitaniye ubucuti mu vy’ubutunzi mu karere k’abarabu”.

Bitegekanijwe ko prezida w’Uburusiya ca aja muri Arabia Sawudite kubonana n’uwuramutswa ingoma y’ico gihugu, umuganwa Mohammed bin Salman.

Abo bategetsi babiri “bazihweza inzira yo gusukamwo mabisi” mu ntambara iri hagati ya Israel na Hamas, nk’uko bivugwa n’Uburusiya.

Intambara zo muri Syria, Yemen na Sudani na zo zizoganirwako muri ivyo bihugu vyompi, UAE na Arabia Sawudite, nk’uko bivugwa na Yuri Ushakov ajejwe ibikorwa mu biro vy’umukuru w’igihugu w’Uburusiya.

Abategetsi b’Uburusiya bamenyesheje kandi ko Putin azobonana na prezida wa Iran Ibrahim Raisi ku musi wa kane kugira baganire ku ntambara ibera muri Gaza.

Putin amaze kugendera gusa akarere ka Ukraine Uburusiya bwigaruriye, Iran n’Ubushinwa kuva igihugu ciwe giteye Ukraine mu kwezi kwa kabiri mu 2022.

NewLatter Application For Free

RETOUR

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO URTV : 81.8 SUR ZENO.FM

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading

×