Igisirikare ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo gitangaza ko cahagaritse Jenerali Majoro Bruno Mpezo yari arongoye akarere ka gisirikare ka 34 karimwo intara ya Kivu ya Ruguru kimwagiriza gukorana n’inyeshamba zirwanya Urwanda.
Nk’uko biri mw’itangazo ryasomwe n’umuvugizi w’igisirikare ca Congo Jenerali Majoro Sylvain Ekenge, ino ntwazangabo yo ku rwego rwo hejuru yagirizwa gukorana n’izi nyeshamba zirwanya ubutegetsi bw’Urwanda, zizwi nka Forces Démocratiques de Libération du Rwanda (FDLR).
Yagirizwa ko yahonyanze amabwirizwa ruhasha abuza abasirikare ba Congo “ku rwego urwo ari rwo rwose”, gukorana n’uno muhari.
Iri tangazo rivuga riti: “Igisirikare ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo gisubiye kwemeza ko ari itegeko gukurikiza amabwirizwa y’umukuru w’ibiro bikuru vya FARDC yo ku wa 21 Munyonyo [11] kandi gishimangiye ingingo ibuza abasirikare bose gukorana n’inkozi z’ikibi za FDLR”.
“Uwuzobirengako azokurikiranwa n’amategeko”, niko rirangiza rivuga.
Hampande y’ibi, Jenerali Mpezo Mbele yagirizwa kudakoresha neza uburyo bw’abantu n’ibintu yahawe.
Iri tangazo rivuga ko sentare ya gisirikare yatanguye amatohoza “kuri iki kibazo nkoramutima”.
Ihagarikwa ry’iyi ntwazangabo ribaye inyuma y’aho umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare agabishirije ashimitse ko hatogira umusirikare n’umwe yohirahira ngo akorane n’izo nyeshamba zirwanya ubutegetsi bwa Congo.
Ku wa 21 Munyonyo 2023, inyuma y’umubonano Perezida Felix Tshisekedi yagiranye na Avril Haines, umukuru w’igendereza rya Amerika, mu rugendo yari arimwo muri Congo no mu Rwanda, ibiro bikuru vy’igisirikare ca DR Congo vyasohoye itangazo ryaburira “buri musirikare wese, kw’ipete iryo ari ryo ryose, ko bibujijwe mu buryo bukomeye kandi butagira akanenge kugirana [ubucuti] canke kuvugana, ku mpamvu iyo ari yo yose, na […] FDLR”.
Reta y’Urwanda yamye yagiriza ubutegetsi bwa Kinshasa gukorana na FDLR, ivyo ubu butegetsi buhakana, aho buvuga ko FDLR ata nguvu igifise inyuma y’ibikorwa rusangi vya gisirikare vy’ingabo z’Urwanda n’iza Congo muri kahise vyo gutuza uno muhari.
Ni mu gihe Reta ya Congo nayo yagiriza Urwanda ko ari rwo rufashe mu mugongo umuhari M23 urwanya ubutegetsi bwa Kinshasa.
‘Ingabo z’Uburundi zirenga 1000 zarungitswe mu buseruko bwa Congo’ – icegeranyo c’abahinga ba ONU
Mu yandi makuru, itororokanirozo ry’amakuru Reuters risubiramwo ibiri mu cegeranyo ca ONU kitarashirwa ahabona ryashoboye kubona kivuga ko ingabo z’Uburundi zirenga 1000 zarungitswe mu kinyegero mu buseruko bwa Congo kuva muri Gitugutu (10), zambaye umwambaro w’igisirikare ca Congo kandi zikorana na co mu kurwanya inyeshamba za M23.
Reuters yandika ko iki cegeranyo canditswe n’abahinga ba ONU muri Congo gisubiramwo amakuru gihabwa n’amasoko yo mu bisata vy’umutekano n’igendereza yegereye abarongoye igisirikare, kikavuga ko izi ngabo zavanywe mu Burundi zitwarwa mu buseruko bwa Congo hakoreshejwe indege z’igisirikare ca Congo kuva ku wa 21 Nyakanga (9).
Reuters yasavye abategetsi b’Uburundi n’aba Congo, hamwe n’abakuru b’igisirikare ca Congo, kugira ico babivuzeko ariko ntivyakunze.
Iki cegeranyo kandi kivuga ko reta y’Uburundi yahakaniye aba bahinga ba ONU ko ata ngabo n’imwe yarungitse muri Congo hanze y’integuro z’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko. Kivuga kandi ko abategetsi b’igisirikare ca Congo babwiye uno murwi w’abahinga ko batazi ivy’ugukorana n’ingabo z’Uburundi bivugwa muri iki cegeranyo.
Iki cegeranyo cashikirijwe abagize Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi ku wa 15 Kigarama (15), Reuters ikavuga ko yakibonye ejo ku wa gatandatu. Vyitezwe ko gisohoka mu kwa mbere buca gutangura.
Twarungitse ingabo muri Congo mu nzira zibiri – Ndayishimiye
Hagati aho, Reta y’Uburundi yemera ko yarungitse abasirikare mu nzira zibiri, ubwa mbere biciye mu mwumvikano hagati y’igihugu n’ikindi, ubwa kabiri biciye mu nzira y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.
Mu kiganiro n’abanyagihugu hamwe n’abamenyeshamekuru yaremesheje ku wa gatanu mu Cankuzo, Perezida Ndayishimiye yavuze ko bagiye gutabara Congo igeramiwe n’imihari yitwaje ibigwanisho itandukanye, aho yasiguye ko batabikoze n’Uburundi bushobora gushikirwa.
Perezida Ndayishimiye yemeza kandi ko mu muhari M23 urwanya reta ya Kinshasa harimwo n’abarwanyi bahungiyemwo bavuye mu muhari Red Tabara urwanya ubutegetsi bwiwe mu Burundi, ushingiye mu buseruko bwa Congo.
NewLatter Application For Free
Ariko abanyepolotique muzi kujijisha, umuhagaritse siwe chef wabo. niwe bakoraa ahubwo. Fatishi reka kujijisha