Ndayishimiye abwira urwaruka rw'Urwanda kutemera kuba 'impfungwa mu karere' ate?

Spread the love
5/5 - (1 vote)

Impanuro ziragwira, aho indongozi ziri kwifatira mu gahanga izindi ndongozi izuba riva. ‘

Mu nama n’urwaruka i Kinshasa muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, Perezida Evariste Ndayishimiye w’Uburundi yasubiye kwagiriza abategetsi b’Urwanda ko ari bo nkwezi y’amarere mu karere, aca arusaba kwunga urunani kugira “murwanye umwansi wanyu”.

Evariste Ndayishimiye

Mu kiyago yagiranye na rwo, Perezida Evariste Ndayishimiye yagirije abategetsi b’Urwanda ko ari bo bateje ibibazo kuko ku bwiwe abanyagihugu bobo nta ngorane bifitiye, “ni abamarayika”.

Ati: “Nimba dufise umubanyi adutera, agerageza gukora ibishoboka vyose kugira ahungabanye ibihugu vyacu, ndibaza ko atari ingingo iva mu benegihugu b’Urwanda”. Reta y’u Rwanda ntaco irashikiriza ku majambo ya Ndayishimiye, ariko uwuserukira Urwanda mu Buholande yavuze ko ayo majambo ateye kubiri n’inshingano yahawe na bagenzibe mu nama y’Ubumwe bwa Afrika. Abajijwe ico yokora kugira ngo Urwanda rwisubireko, Perezida Ndayishimiye yishuye ati: “Banza wifashe wewe nyene hanyuma isi izogushigikira”.

Ati: “Ico nobasaba rero, mwebwe abenegihugu ba Congo, ni mwunge ururani kugira ngo murwanye umwansi wanyu”.

Aya majambo yayavuze mu rugendo yarimwo rwo gushigikira Perezida Felix Tshisekedi yari aramutse arahirira ikiringo kigira kabiri ku musi wa gatandatu.

NewLatter Application For Free

RETOUR

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO URTV : 81.8 SUR ZENO.FM

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading

×