Amatora ya Amerika: Harris yatanguye 'nka rokete' muri Michigan... ubu ariko arakoroka

Spread the love
Rate this post

Uno mukenyezi Paul w’umu-Democrat amaze imisi azunguruka, adodora ku miryango y’abantu, aterefona yongera akwiragiza n’inzandiko, ibi vyose mu ntumbero yo kuryosharyosha abantu ngo bazotore Kamala Harris.

Marcie Paul afise umwikomo.

Marcie Paul yateguye isekeza ryo gukwirakwiza ivyapa bihamagarira abanyagihugu gutora Harris

Igihe muri Mukakaro (7) Harris yasubirira Perezida Joe Biden nk’uwuzoserukira umugambwe w’aba-Democrat mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije, uno mupfasoni Paul yaragize icizere, aho yabona ingene iki cegera c’umukuru w’igihugu yaduga “nka rokete” muri Michigan.

Iyi ntara ni imwe mu ntara zizwi ko kuva mu 1992 gushika 2012 zamye zitora umugambwe w’aba-Democrat – co kimwe na Pennsylvania na Wisconsin imbere y’uko mu 2016 umu-Repubulikani Donald Trump ayigarurira – ikaba yasubiye mu minwe y’aba-Democrat mu 2020. Ari nka hamwe Harris yoyitsindamwo, vyomuha amahirwe menshi yo gutsinda amatora.

Ariko mu gihe hasigaye ikiringo kidashika ukwezi kugira ngo amatora abe, umunezero wa Harris muri Michigan ushobora kuba uriko urarangira, amahirwe yo gutsinda akaba atari menshi. Ibiharuro ngereranyo vy’ikigo Quinnipiac mu ndwi iheze vyerekana ko Trump ari imbere muri ino ntara mahindagu ku majwi atatu.

Umupfasoni Paul ni umwe mu bajejwe imigambi n’abanyamategeko bo mu mugambwe w’aba-Democrats muri Michigan babona ko uru rugamba rwo kurwanira ikibanza c’umukuru w’igihugu muri ino ntara rugumye cane gusumba uko rwari rwitezwe, n’ubwo abajejwe imyiyamamazo ba Harris basa n’abariko barigira ku vyabaye mu 2016.

Ababanegura bavuga ko Hillary Clinton yariko yiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu ico gihe ku giti c’umugambwe w’aba-Democrats yatakaje ino ntara kubera yayifashe minenerwe kuko yibaza ko gutsinda vyari ngombwa.

Inyuma y’imyaka mirongo iyoboka umugambwe w’ubururu (ni ukuvuga umugambwe w’aba-Democrats) imbere ya 2016, Michigan kuva ico gihe yacitse mahindagu/ mu gihe ifise igitigiri c’abayiserukira mw’itora ry’umukuru w’igihugu (Collège électoral/Electoral College) bangana na 15.

Mu myaka ine iheze, mu gihe nk’iki, igihe Biden yari ahanganye na Trump, uyo mukandida w’umu-Democrat yari ahagaze neza cane, mbere akaba yarayitsindiye ku majwi 150.000 yasumvya umukeba wiwe. Ubu siko bimeze, abahiganwa barabangabanganywe.

Nta nyishu igaragara Harris afise kugira ngo aje imbere, nk’uko bivugwa na Matt Grossmann, umwigisha w’ivyigwa vya poritike kuri kaminuza y’intara ya Michigan.

Aba-Democrats bamaze gukoresha amamiriyoni y’amafaranga muri iyo ntara mu bikorwa vyo kwamamaza. Igihe Harris yinjira muri iyo ntara, umugambwe wiwe wakiriye abanywanyi bashasha barenga 100.000, mbere akaba ari yo ntara amaze kugiramwo ingendo nyinshi gusumba izindi ntara zose uretse Pennsylvania, nk’uko bivugwa n’abajejwe imyiyamamazo yiwe.

Trump na we nyene aramaze kuhaca incuro zirenga cumi muri uno mwaka, ariko bamwe mu bajejwe imyiyamamazo yiwe baragabisha ko hari amayeri asanzwe akoreshwa kuva kera mu myiyamamazo yirengagije, nko guca ku nzu ku nzu no gukoresha ivyapa, mu ntara zitari nke, na Michigan idasigaye inyuma.

Ariko muri ino ndwi, Harris ariko arasatira bikomeye ino ntara inyuma y’aho abashingamateka b’aba-Democrats nibura batatu ba Michigan bamugabishirije ko ariko aratakaza amajwi.

Ariko kubona hari ugusitana gukomeye muri ino ntara ya Michigan nta muntu n’umwe vyotangaza, nk’uko umukuru w’umugambwe w’aba-Democrat muri Michigan, Lavora Barnes, yabibwiye BBC.

Uno mupfasoni ati: “Nta n’umwe akorera hano i Michigan yokwibaza, canke yari kwibaza ko ibintu vyokworoha hano nk’uko vyamye. Twari tuzi neza ko bitazokworoha”.

Ikibazo c’abimukira ni inkoramutima

Nubwo iyi ntara iri kure y’ahasanzwe harangwa ikibazo c’abimukira, ni ukuvuga mu bumanuko bw’igihugu, abajejwe imyiyamamazo bo mu mugambwe w’aba-Democrats babandanya bumva amajambo yerekana ko iki kibazo kiri mu bibazo nyamukuru biraje ishinga abanyagihugu ba Michigan bitezwe gutora.

Umupfasoni Paul ati: “Ni ukuri jewe sintahura imvo. Si ikibazo coturaza ishinga”.

Ariko ni ikibazo kiguma kigaruka mu banyagihugu batari bake biteze kuja gutora bavuganye na BBC, harimwo na Mary Beierschmitt wo mu gisagara ca Novi, i Michigan.

“Ni ikibazo gikomeye”, niko avuga, aho yongerako y’uko abona ko Harris atavyifashemwo neza nk’icegera c’umukuru w’igihugu, igihe yahabwa igikorwa co gutorera umuti ikibazo c’abimukira.

Mu mwaka uheze, igitigiri c’abinjira mu gihugu badafise ivya ngombwa caraduze gusumba ibindi bihe vyose. Inyuma y’aho ubutegetsi bwa Biden busohoreye ingingo zo kuzibira, igitigiri caciye kimanuka ku rugero rutarigera ruboneka mu myaka ine.

Mu bibazo Trump akunze gufatirako mu gusatira Harris, ic’abimukira gifata iya mbere, aho avuga ko kitakiri ikibazo kirangwa mu bumanuko honyene, ko ahubwo camaze gushika no mu buraruko, harimwo n’intara ya Ohio ihana urubibe na Michigan.

Jonathon Hanson, umwigisha wa kaminuza Ford School of Public Policy y’i Michigan, abona ko Trump ashobora kwigarurira ba ntaho mpagaze bamwe bamwe mu bazotora muri iyo ntara ya Michigan kubera azwi neza gusumba Harris inyuma y’imyaka ine yamaze ari ku butegetsi.

NewLatter Application For Free

RETOUR

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO URTV : 81.8 SUR ZENO.FM

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading

×