Headlines

Hagiye gushirwaho sentare idasanzwe ku mabi akorerwa muri Congo

Spread the love
4/5 - (1 vote)

Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI, Karim Khan avuga ko ashigikiye umugambi wa Republika ya Demokrasi ya Congo yo gushiraho komite ijejwe ishirwaho rya sentare idasanzwe ku vyaha vyakorewe muri ico gihugu.

Khan agira ati:”Ndashimye ingingo yafashwe n’abategetsi ba Congo yo gushiraho komite yokora mu gushinga sentare idasanzwe ku gihugu ca Congo.

“Hishimikijwe umugambi wo kwuzuzanya, ibiro vyanje biriteguye gutanga imfashanyo y’ubuhinga kugira hanshingwe sentare idasanzwe kuri Congo”

Mw’itangazo, umushikirizamanza Karim Khan avuga ko abategetsi ba Congo bamwituye incuro zibiri zose bamusaba ko yotanguza amatohoza ku vyaha vyakorewe muri ico gihugu.

Mu kwezi kwa Rusama (5) mu 2023, Congo yarasubiye gusaba ko hokwihwezwa amabi yakozwe n’imigwi yitwaje ibigwanisho mu ntara ya Kivu y’Epfo kuva mu kwezi kwa mbere mu 2022.

Khan avuga ko ibiro arongoye vyagize amatohoza y’ibanze yo kuraba nimba ivyo vyaha biri mu bihanwa hisunzwe amasezerano y’I Roma ashiraho sentare mpuzamakungu mpanavyaha, asanga ivyaha vyakozwe ico gihe biri muri uwo mugwi.

Agira ati:”Ivyaha vyose bihanwa hisunzwe amasezerano y’I Roma vyakorewe mu ntara ya Kivu ya Ruguru kuva itariki 1 z’ukwezi kwa Mukakaro (7) 2022 bizoja mu rutonde rw’amatohoza yuguruwe mu 2004.”

Uwo mushikirizamanza aributsa ko ivyaha vyakozwe muri Kivu ya Ruguru bitazoraba gusa impande zihanganye, canke umugwi kanaka.

Agira ati:”Ndibukije ko amatohoza yo mu ntara ya Kivu ya Ruguru atazotumbera abahanganye gusa, canke umugwi w’abantu kanaka. Ibiro ndongoye bizoraba muri rusangi, ata ho vyegamiye uruhara rw’abakekwako ivyaha, kandi bizokorana n’abategetsi ba Congo hamwe n’izindi nzego dusanzwe dufashanya, mu gutunganiriza abakorewe ivyaha.”

Uwo arongoye CPI avuga ko intumbero y’iyo sentare ari ugushiraho ubutungane bw’inyuma y’intambara burama muri Congo, CPI n’amakungu bashobora gushigikira no gukuramwo icirwa.

CPI ngo iriteguye gutanga imfashanyo y’ubuhinga kuri Congo mu gushira inguvu hamwe no kugwanya ukudahana ivyaha mpuzamakungu.

Leave a Reply

RETOUR

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO URTV EN LIGNE: 81.8 SUR ZENO.FM

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading