HOSPITALITE Home » Ibishobora gushikira umwana uvyaye urengeje imyaka 35

Ibishobora gushikira umwana uvyaye urengeje imyaka 35

Spread the love
5/5 - (1 vote)
Abagabo benshi bashira imbere imigambi yo kwiga n’akazi gusumba iyo kuvyara

Abagabo bafata umugambi wo kuvyara barengeje imyaka 35 bafise imana mbi ku rugero runini yo kuvyara abana bataragera canke bafise ubumuga bwa “Autisme”.
Uko umwaka utashe, imbuto z’umugabo ziragabanuka cane mu bwinshi no mu bwiza, bigashobora rero gutuma haba inzitizi mu kurondoka.
Ni vyo ivyigwa vyinshi vyakozwe imyaka myinshi vyerekanye, harimwo icakozwe n’igisata c’amagara y’abantu muri kaminuza ya Stanford, muri Reta zunze Ubumwe za Amerika, yihweje amatohoza yakozwe ku bana bakivuka imiliyoni 40.
Muri rusangi, ugushobora gutwara imbanyi uteba birazwi cane mu banyagihugu kandi abagore barazi neza ingorane zikomeye zo gutwara imbanyi inyuma y’imyaka 35 canke 40. Ku ruhande rw’abagabo (aho bitazwi cane), inkuru nziza n’uko hari ivyo basabwa gukora, ibipimo hamwe n’imiti bifasha gukurikiranira hagufi buri muntu no kugabanya ibishobora gushikira umwana, nk’uko biri aha hepfo.

Ibintu bisigaye bishika kenshi kenshi

Dr Karla Giusti Zacharias, umuhinga muvyo irondoka ry’abantu akama ari n’umwe mu bagize umugwi w’abavuzi ba Rede D’OR – Ibitaro vya São Luiz Itaim i São Paulo, asigura ko yama yakiriye mu biro iwe abagabo bakuze cane bipfuza kuronka abana.

Agira ati:”Ndabona abaza kunyitura bafise imyaka mirongo itanu canke mirongo itandatu bafise abagore bagira kabiri bari kumwe n’abagore bakiri bato ku basumba bashaka gutwara imbanyi.”

Ikibazo babaza abahinga muvyo amagara y’abantu n’iki: N’izihe ngaruka zo kuvyara ukuze uri umugabo?

Muri rusangi, igihimba c’irondoka c’umugabo gikora mu buryo butandukanye cane n’ico umugore.

Mu gihe umugore afise igitigiri ntarengwa c’imbuto, ku bagabo imbuto z’umugabo zitangura kuboneka mu bugimbi (puberté) zibandanya kuboneka ubuzima bwiwe bwose.

Aho reri n’iho haca haza ikintu gikomeye: N’aho imbuto z’umugabo zibandanya ziboneka nk’uko bisanzwe, uburyo zibonekamwo ntibuba bukimeze co kimwe inyuma y’imyaka runaka.

Uko imyaka igenda, n’ibisanzwe ko uduce tugize umubiri tugenda turahingurwa ku rugero ruto kandi dufise n’utunenge.

Utwo tunenge na two rero dushobora kubuza gusama.

Ubushakashatsi bumwe bumwe bwerekana ko no mugihe bikunze ukibaruka, umwana ashobora kugira ingorane z’amagara z’urutavanako, uhereye ku ngorane zo guhema akivuka gushika ku bumuga bwa “Autisme”.

Ubushakashatsi buvuga iki?

Ubushakashatsi bwakozwe mu 2018 n’igisata c’ubuvuzi muri kaminuza ya Stanford bwerekanye ko muri rusangi, uko umugabo asaza, ni ko n’amahigwe mabi ku mwana aba menshi.
Abagabo bavyara abana inyuma y’imyaka 35 , ku rugero runini bishoboka ko abana babo bagira ibiro bike bakivuka, kurabirana canke agakenera ubuhinga bwo guhema amaze kuvuka.
Abantu bafise imyaka irenga 45 bafise gushika ku bice 14% ivyago vyo kuvyara umwana atageze, hanyuma abarengeje imyaka 50 na bo bafise gushika ku bice 28% ivyago birengeje vy’uko abana bavyaye bashobora kumara igihe kirekire babundikiriwe.
Igihe ubwo bushakashatsi bwashirwa ahabona, Michael Eisenberg, umwigisha muvyo inzira z’umukoyo (Urologie) akaba ari na we yari arongoye abagize ubwo bushakashatsi, yavuze ko ibivyo biharuro bidakwiye gufatwa nk’ibintu vyo kurenza urugero. Ku bwiwe, ibi bifasha imiryango kwitegura no gukurikiranwa bikwiye.
Agira ati:”Dusa no kwitaho kuraba ibintu vyerekeye abagore gusa iyo turiko turaraba ivyago bijanye no kuvyara. Ariko icigwa cacu cerekana ko kuronka umwana akomeye ari akazi k’abantu babiri, kandi ko imyaka y’umugabo ifisemwo uruhara na yo nyene. “
Ikinyamakuru cegeranya ibikorwa vyinshi vy’ubushakashatsi bwakozwe ku kintu kimwe mu myaka iheze casohotse mu 2017 caradomye urutoke iyindi ngorane yo kuvyara uteba uri umugabo: ivyago zikomeye zo kuvyara umwana afise ubumuga bwa “Autisme”.
Mu gusozera, ico cirwa kivuga gishimitse ko, kuri buri imyaka 10 yiyongera ku mugabo, hari ivyago ku bice 21% ko umwana agira iyo ngorane ifatanye n’ingorane yo kuvuga, kubana n’abandi n’inyifato.
Ubushakashatsi ntiburamenya gushika ubu igituma ibi biba.
Ariko n’aho haba habaye igabanuka ry’ubwiza n’ubwinshi bw’imbuto z’umugabo uko imyaka igenda, bigaragara ko imbuto inyaruka zishobora gutuma haba ugusama, ivyo bikaba bibaganura ivyago vy’ingwara ku mwana, nk’uko bisigurwa na Alfredo Canalini, arongoye ishirahamwe ry’abigisha ivyerekeye ahaca umukoyo muri Brezil.

Umuntu yokwikingira gute?

Canalini avuga ko ata buhinga buhari bwo gusimba imitego ishoboka ijanye no kuvyara uteba.

Agira ati:”Ibijanye n’ubuhinga bwo kurondoka ku mugabo bijanye n’umwe umwe ari na co gitumwe umugabo wese akeneye kwisuzumisha kugira atahure uko biriko biramugendera n’ico ashobora gukora.”

Uko kwivuza gusaba kuja ku muganga asanzwe canke ku muhinga araba ivyo inzira y’umukoyo. Ivyo bishobora gukorwa buri gihe, buri mwaka, igihe hari ugushaka umwana canke mu gihe hari ibimenyetso bimwe bimwe bigaragaye, nko kuribwaribwa cane, kutipfuza gukora amabanga y’abubatse, ingorane yo kubarukwa canke kumara umwanya muremure ubarutswe (Erection), hamwe rero no kugerageza kenshi atakivamwo gutwara imbanyi.

Uwo muganga avuga kandi ati:” eh..ni vyo hari ivyo ushobora gusabwa gukora bisanzwe bifasha ku magara y’umubiri wose, nko gufungura neza, kutaguma mu kibanza kimwe, gukora imyimenyerezo ngororamubiri kenhsi, kutanywa itabi, no kugira ibiro bike…”

Zacharias aratwibutsa ko uguhindura uburyo bwo kubaho ata co bishitseko, bishoboka gutangura kwipimisha no gufata imiti bijanye.

Agira ati:”Mu gihe imbuto z’umugabo zitameze neza, turashobora kubabwira uko umuntu avyifatamwo kugira zibe nziza kandi nyinshi.”

Uwo muhinga aravuga kintu ca nyuma kigeramiye abagabo bashaje: Ikibazo kijanye n’akazi ko kurera umwana.

Agira ati:”Ntitwokwiyibagiza ko abagabo benshi bakuze cane bageze ku rugero rwo kuba barakoze cane ko rero baba barushe.

“Ivyo ni ngombwa kubishira ku munzani hanyuma ukiyumvira agaciro ko gukurikirana indero y’umwana, kuvyuka mu gitondo kumuhindurira impuzu yiyononye, gukina…

Aheraheza agira ati:”Abubakanye botegerejwe kubivugana kugira misi yose bafate ingingo ibereye ibaraba no ku muryango wabo.”

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading