Ibishobora gushikira umwana uvyaye urengeje imyaka 35
Ibintu bisigaye bishika kenshi kenshi
Dr Karla Giusti Zacharias, umuhinga muvyo irondoka ry’abantu akama ari n’umwe mu bagize umugwi w’abavuzi ba Rede D’OR – Ibitaro vya São Luiz Itaim i São Paulo, asigura ko yama yakiriye mu biro iwe abagabo bakuze cane bipfuza kuronka abana.
Agira ati:”Ndabona abaza kunyitura bafise imyaka mirongo itanu canke mirongo itandatu bafise abagore bagira kabiri bari kumwe n’abagore bakiri bato ku basumba bashaka gutwara imbanyi.”
Ikibazo babaza abahinga muvyo amagara y’abantu n’iki: N’izihe ngaruka zo kuvyara ukuze uri umugabo?
Muri rusangi, igihimba c’irondoka c’umugabo gikora mu buryo butandukanye cane n’ico umugore.
Mu gihe umugore afise igitigiri ntarengwa c’imbuto, ku bagabo imbuto z’umugabo zitangura kuboneka mu bugimbi (puberté) zibandanya kuboneka ubuzima bwiwe bwose.
Aho reri n’iho haca haza ikintu gikomeye: N’aho imbuto z’umugabo zibandanya ziboneka nk’uko bisanzwe, uburyo zibonekamwo ntibuba bukimeze co kimwe inyuma y’imyaka runaka.
Uko imyaka igenda, n’ibisanzwe ko uduce tugize umubiri tugenda turahingurwa ku rugero ruto kandi dufise n’utunenge.
Utwo tunenge na two rero dushobora kubuza gusama.
Ubushakashatsi bumwe bumwe bwerekana ko no mugihe bikunze ukibaruka, umwana ashobora kugira ingorane z’amagara z’urutavanako, uhereye ku ngorane zo guhema akivuka gushika ku bumuga bwa “Autisme”.
Ubushakashatsi buvuga iki?
Umuntu yokwikingira gute?
Canalini avuga ko ata buhinga buhari bwo gusimba imitego ishoboka ijanye no kuvyara uteba.
Agira ati:”Ibijanye n’ubuhinga bwo kurondoka ku mugabo bijanye n’umwe umwe ari na co gitumwe umugabo wese akeneye kwisuzumisha kugira atahure uko biriko biramugendera n’ico ashobora gukora.”
Uko kwivuza gusaba kuja ku muganga asanzwe canke ku muhinga araba ivyo inzira y’umukoyo. Ivyo bishobora gukorwa buri gihe, buri mwaka, igihe hari ugushaka umwana canke mu gihe hari ibimenyetso bimwe bimwe bigaragaye, nko kuribwaribwa cane, kutipfuza gukora amabanga y’abubatse, ingorane yo kubarukwa canke kumara umwanya muremure ubarutswe (Erection), hamwe rero no kugerageza kenshi atakivamwo gutwara imbanyi.
Uwo muganga avuga kandi ati:” eh..ni vyo hari ivyo ushobora gusabwa gukora bisanzwe bifasha ku magara y’umubiri wose, nko gufungura neza, kutaguma mu kibanza kimwe, gukora imyimenyerezo ngororamubiri kenhsi, kutanywa itabi, no kugira ibiro bike…”
Zacharias aratwibutsa ko uguhindura uburyo bwo kubaho ata co bishitseko, bishoboka gutangura kwipimisha no gufata imiti bijanye.
Agira ati:”Mu gihe imbuto z’umugabo zitameze neza, turashobora kubabwira uko umuntu avyifatamwo kugira zibe nziza kandi nyinshi.”
Uwo muhinga aravuga kintu ca nyuma kigeramiye abagabo bashaje: Ikibazo kijanye n’akazi ko kurera umwana.
Agira ati:”Ntitwokwiyibagiza ko abagabo benshi bakuze cane bageze ku rugero rwo kuba barakoze cane ko rero baba barushe.
“Ivyo ni ngombwa kubishira ku munzani hanyuma ukiyumvira agaciro ko gukurikirana indero y’umwana, kuvyuka mu gitondo kumuhindurira impuzu yiyononye, gukina…
Aheraheza agira ati:”Abubakanye botegerejwe kubivugana kugira misi yose bafate ingingo ibereye ibaraba no ku muryango wabo.”