HOSPITALITE Home » Amerika itewe impungenge n'akamo ka prezida w'Uburundi ko kwica abahuza ibitsina babisangiye

Amerika itewe impungenge n'akamo ka prezida w'Uburundi ko kwica abahuza ibitsina babisangiye

Spread the love

Mw’itangazo ryo ku rubuga rw’ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’amakungu, Amerika ivuga ko itewe umpungenge n’amajambo ya prezida Ndayishimiye ku bantu b’intege nke kandi bakumirwa.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru itariki 29 Kigarama (12) mu 2023, cabereye mu ntara ya Cankuzo, Prezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko ku bwiwe “abahuza ibitsina babisangiye tubabonye mu Burundi bari bakwiye kubajana kuri stade bakabatera amabuye”.

Muri iryo tangazo, Reta zunze Ubumwe za Amerika zihamagarira abategetsi b’Uburundi “kwubahiriza agateka ka zina muntu harimwo guhabwa ubutungane bungana kuri buri murundi wese”.

Mu ntango z’uyu mwaka, abantu 24 barafashwe i Gitega ku murwa mukuru wa politike bagirizwa uguhuza ibitsina bafise ibisa inyuma y’uko bari mu nama y’ishirahamwe ryitwa ‘Muco’.

Muri Myandagaro (8) uyu mwaka nyene abantu indwi muri abo baciriwe umunyororo wo hagati y’umwaka umwe n’imyaka ibiri na Sentare y’i Gitega ibahamije ‘uguhuza ibitsina bafise ibisa no guhimiriza abantu kuja mu buhumbu n’ubushurashuzi’, abandi bagirizwa hamwe bambitswe izera.

Abajijwe nimba Uburundi buzemera ingingo busabwa n’ibihugu biteye imbere yo kwubahiriza uburenganizira bw’abahuza ibitsina babisangiye, Prezida Ndayishimiye ntiyaciye hirya no hino.

Yagize ati:“Ngo ibihugu rutura biriko birahatira ibihugu bibayabaye ko bitegerezwa gukurikiza uwo mugambi ko bitawemeye ata mfashanyo bazoronka? Barayitwima… Barayitwima.”

Akoresheje ivyanditswe muri Bibliya asobanura ko Imana ishobora kurakarira isi kubera ivy’abarongorana bafise ibitsina bisa.

Ati:“Nico gituma, iki ntikikiri ikibazo mu Burundi. Jewe kubwa ngingo mba nibaza ko mwene abo bantu tubabonye mu Burundi bari bakwiye kubajana kuri stade bakabatera amabuye, kandi [ababikora] nta gicumuro boba bakoze.

“Uburundi kuva bubaho bwemera Imana imwe rudende yaremye ijuru n’isi…ugaca ufata uno munsi ngo ugomba kuyimanuza ngo wumvirije abo shetani yamaze kwizizira?

“Ni nkuko rero wombwira ngo mbega shetani n’Imana uhisemwo iki? Ushaka gutora shetani ni ace aja muri ivyo bihugu abeyo, ahubwo nibaza ko bamwe mwavuga bahurumbira kuja hanze baba bagiye kwakira iyo migenzo, baraherayo ntibatuzanire, n’uri hanze ntazotuzanire.”

Prezida Evariste Ndayishimiye

Mu Burundi uwagirijwe guhuza igitsina n’uwo bagisangiye ashobora guhanishwa umunyororo w’imyaka ibiri n’ihadabu. Mu bihugu bishika 11 kw’isi ivyo bishobora kuguhesha igihano co gupfa.

Muri ivyo bihugu harimwo Uganda aho kuva muri Rusama (5) uyu mwaka yemeje amategeko ategekanya ibihano birimwo ico kwicwa ku vyaha bigendanye n’abahuza ibitsina bisa. Ayo mategeko ariko ariyamirizwa muri sentare n’abaharanira uburengannzira bwa zina muntu ngo akurweho.

Facebook Notice for EU! You need to login to view and post FB Comments!

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading