HOSPITALITE Home » 'Ntitwoga, nta mfungurwa... kandi ntidushaka gusubira mu Burundi'- Abari Istanbul bagana Serbia

'Ntitwoga, nta mfungurwa... kandi ntidushaka gusubira mu Burundi'- Abari Istanbul bagana Serbia

Spread the love

Abarundi bababa amajana abiri bagizwe n’abana, abagore n’abagabo bamaze hafi indwi zibiri muri ‘transit’ y’ikibuga c’indege ca Instanbul muri Turkia, babujijwe kubandanya urugendo rwabo rwo kuja muri Serbia.

Abarundi bamaze imisi bashika ari benshi mu bihugu vya Buraya baciye mu gihugu ca Serbia.

Ico gihugu cari gisanzwe gifitaniye amasezerano n’Uburundi atuma abarundi baja muri ico gihugu batarinze gusaba Visa.

Ariko kuva kuri uyu wa gatanu, ku rubuga rw’ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Serbia n’amakungu handitse ko umurundi wese ashaka kuja muri Serbia adafise igitabo c’inzira c’akazi, ategerezwa gusaba visa.

Abategetsi ba Turkia ngo batanguye kubabwira ko bategerezwa gusubira inyuma kuko ata visa bafise

Muri abo bari muri ako kaga harimwo abagore n’abana.

Umugore umwe yavuganye na BBC Gahuzamiryango, atashatse kwivuga izina, afise abana babiri umwe w’imyaka 3 uwundi w’umwaka umwe, yagize ati:” Aha ndahamaze indwi irenga. Nazananye na musaza wanje n’abana babiri. Nakoresheje imiliyoni zababa 30.

“Benshi baje bagurisheje ivyabo vyose bazi ko bagiye kuronderera ubuzima i Buraya. Basubiye inyuma boshikira hehe?”

Uwundi musore ari kumwe na mwenewabo yabwiye BBC ko bamerewe nabi cane.

Ati:”Aho turi muri transit tuhamaze hafi indwi zibiri.

“Ubwa mbere indege yaradusize batubwira kugura ayandi matike ku mahera y’amanyaburaya 893 (893 EURO). Turazigura ariko n’ubundi batwankira kugenda ngo nituzane visa kandi bizwi ko abarundi badasabwa visa mu kuja muri Serbia.

“Visa bari kuyitwakira ku kibuga c’indege i Bujumbura. Ni hehe murumva basabira visa muri transit?

“Aha ntitwoga, nta mfungurwa tugira kandi na ‘valise’ zacu zaramaze gushika muri Serbia.”

Abategetsi ba Turkia bababwira iki?

Abategetsi ba Turkia bamaze kumenyesha abarundi bari mu kibuga c’indege ca Istanbul ko bategerezwa gusubira inyuma vyanse bikunze.

Na bo, uretse ko hari abatabikozwa, n’abavyemeye ngo barabahenda bagaca babasohokana hanze.

Bagira bati:”Bariko baragerageza kuduhendahenda ngo dusohoke tuve muri transit mu kuduhenda ko baca baduha indege idusubiza inyuma.

“Usohotse ngaha, nta co wosubira kubabaza, ni co gituma twanse kuhava.”

Gusubira inyuma mu Burundi

Gushika mu ntango z’uku kwezi itike yo kuja mu gihugu ca Serbia yari iteye ku miliyoni 12 z’amarundi.

Abafashe urwo rugendo, hari bamwe basize bagurishije utwabo twose bazi ko bagiye kurondera uwundi mutahe.

Umwe mu basore yavuganye n’itangazamakuru mpuzamahanga yagize ati:”Mbe dusubirayo kugira gute? Umuryango warikokoye ugurisha ivyo ufise kugira nanje nje kurondera hanyuma nze nsubizeho ivyo bagurisheje, none raba ?

Uwundi mupfasoni avuga ko umugabo wiwe yagurishije vyose kugira amurungike n’abana.

Ati:”Vyose yaragurishije. Ubu na ho bariko baratubwira ngo twirihire dusubire inyuma. Ntidufise iyo duta umutwe.”

Arongerako ati:” Ibibazo ni vyinshi uravye uko uyu n’uriya yabigenje kugira aronke tike.”

N’agatwengo kenshi ati:” Mbere n’umvise ingorane z’abandi hageze ikibazo co gusubira i Burundi, nca numva ko jewe ari mitende.

“Hari abaje bariye vyose.”

Abategetsi b’Uburundi bavuga iki kuri ico kibazo?

Mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu bavuga ko ingingo y’uko igihugu ca Serbia cashizeho itegeko risaba abarundi binjira muri ico gihugu kuba bafise visa batarayimenyeshwa.

Ines Sonia niyubahwe avugira ubwo bushikiranganji agira ati:” Iyo ngigo ntiturayimenyeshwa ariko amasezerano dufitaniye n’igihugu ca Serbia ntabuza buri igihugu gufata ingingo ku bwigenge bwaco.”

Yongerako ati:”Mu masezerano dufitaniye harimwo agace kavuga ko ku mvo z’umutekano, amagara y’abenegihugu… canke izindi mvo zishobora kubangamira ico gihugu, hashobora gufatwa ingingo mu bwigenge bwo kugabanya abimukira bakigana.”

Hagati aho, ku mbuga hwaniro hagaragaye ijwi ry’abarundi bari muri transit ku kibuga c’indege ca Instanbul, bavugana n’uwo bavuga ko aserukira Uburundi muri Turkia.

Yumvikanye abahanura kwitura companyi y’indege ya Ethiopian yabavanye i Bujumbura kuko ngo ntiyari kubazana batabona ko bakwije ibisabwa.

Abarundi baja Serbia bahora baca mu gihugu ca Turkia, aho bava bagana gihugu ca Serbia imbere yo guca bafata izindi ngendo zibashikana mu bihugu vya Buraya.

Ibihugu vya Buraya bimaze imisi vyidoga kubera igitigiri c’abasaba ubuhungiro baciye muri Serbia kibandanya kwiyongera.

Serbia ntabwo ari igihugu kiri mu bigize Ubumwe bwa Burayi (EU/UE) ariko ibihugu bihana imbebe nka Hongrie canke Romanie biri muri iryo shirahamwe, bikaba bitanga amahirwe y’akazi, imibereho, n’uburenganzira ku mpunzi zibihungiyemwo.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading