HOSPITALITE Home » Uganda: Umuriro wishe 11 kw’ishure ry’abagendana ubumuga bwo kutabona

Uganda: Umuriro wishe 11 kw’ishure ry’abagendana ubumuga bwo kutabona

Spread the love
Rate this post
Hariko harakorwa amatohoza yo kumenya icateye uwo muriro kuri iryo shure ry’abagendana ubumuga bwo kutabona rya Salama

Abana 11 bahitanywe n’umuriro wadutse mw’ijoro hagati kw’ishure ry’abana bafise ubumuga bwo kutabona muri Uganda.

Abandi bane bararemvye cane ubu bakaba bariko baravurirwa mu bitaro.

Icateye uwo muriro kuri iryo shure ry’uburaro mu karere ka Mukono, mu buseruko bw’umugwa mukuru Kampala, kiracariko kiratohozwa ariko bene ayo masanganya yama yashitse.

Umwe mu miriro ku mashure yahitanye abantu benshi ni uwo kw’ishure rito rya Buddo mu 2008 waguyemwo abana 19.

Vyibazwa ko mu buraro bwadutsemwo umuriro kuri iryo shure ry’abagendana ubumuga bwo kutabona rya Salama hariyo bana 27.

Abavyeyi bihebuye bashwabadutse kuraba ivyabaye.

Abavyeyi barindiriye kubona ivyashikiye abana babo

Richard Muhimba afise umwana yaguye muri uwo muriro yabwiye itororokanirizo ry’amakuru dukesha iyi nkuru ati: ” Nta majambo mfise yo gusigura agahinda ndimwo”.

Muganga Moses Keeya, akora ku bitaro vyakiriye ubwa mbere abakomerekeye muri iryo sanganya, yavuze ko “bahiye cane cane ku maboko, amaguru n’igituza. Umwe muri bo afise ubushe bukomeye mu mutwe”.

Abana bane bajanywe ku bitaro bikuru vy’igihugu vya Kiruddu i Kampala. Hanyuma babiri bakomeretse buke buke barekuwe barataha.

Umushikiranganji ajejwe amashure Joyce Kaduchu nawe nyene yashitse kw’i shure aravugana n’abavyeyi.

Yavuze ati : “Twese twavunitse umutima.

“Indinganiro y’amshure yacu iha amahirwe uwari we wese tutaravye ingorane z’umubiri afise. Twabuze abana 11 mu buryo bubabaje cane”.

Yavuze ko ibipimo vya ADN/DNA bizotegerezwa gukorwa ku bana bahiye cane gushika aho bayoberana.

Imiriro yaduka mu mashure iramenyerewe muri Uganda, rimwe na rimwe igaterwa n’abana bacana amabuji mu vyumba vy’uburaro iyo amatara azimye hanyuma bagasinzira batayazimije.

Kuzimya uwu muriro akenshi ntivyoroha kubera ubwinshi bw’abana mu vyumba bararamwo hamwe n’ubukene bw’ibikoresho vyo kuzimya umuriro mu mashure.

Icegeranyo c’igiporisi mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka cavuze ko habaye amasanganya y’imiriro 18 mu mashure mu kiringo c’amezi atatu.

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading