
Adrien Nimpagaritse, umurimyi w’Umurundi yahoze ari impunzi muri Tanzania, agiye kubona uko ashira mu ngiro icipfuzo ciwe co gufasha impunzi zo muri Ukraine.
Amasanamu yacanacanyeko kuri internet na television yerekana amagorwa impunzi za Ukraine zirimwo nyuma y’igitero c’Uburusiya, yatumye benshi kw’isi bagwa mu kantu.
Muri abo bakozweko n’amagorwa y’izo mpunzi harimwo Umurundi yitwa Adrien Ntimpagaritse, yahoze ari impunzi mu gihugu ca Tanzania.
Adrien yabwiye ikiganiro Imvo n’Imvano ca BBC Gahuzamiryango dukesha iyi nkuru yuko azi neza ingene bibabaza kuba impunzi. Yavuze yuko naho ata butunzi bwinshi afise, ashaka gufasha izo mpunzi za Ukraine mu kuzironsa ibiro ijana ku mw’imbu wiwe w’ibigori.
Iyo nkuru ikimenyekana, bamwe bagize bati kuki atobifashisha abo mu Burundi ko hari benshi babikeneye, abandi nabo bati uwo mutima wo gufasha ugizwe na benshi isi yotora akoyoko.

Icipfuzo ca Adrien kigiye mu ngiro?
Umuryango mpuzamakungu w’ubugiraneza utegamiye kuri leta wo mu Busuwisi, Federation Lutherienne Mondiale, warumvise inkuru ya Adrien uca ugira iciyumviro co kumufasha mu mugambi wiwe.
Claudette Nzohabonimana, ahagarariye uwo muryango mu Burundi, yaciye arondera Adrien amubwira yuko bashobora kumufasha gushikana imfashanyo yiwe ku mpunzi za Ukraine.
Ariko Madamu Nzohabonimana yabwiye BBC yuko kurungika ibiro 100 vy’ibigori i Buraya, vyotwara amahera menshi kurusha ayaguze ivyo bigori.
Baciye rero bafata icemezo co kumugurira ivyo bigori bifise agaciro k’amadorari $40, ayo mahera akaba ari yo bazorungikira ishami ry’ishirahamwe ryabo risanzwe ririko rirafasha izo mpunzi muri Pologne.
Madamu Nzohabonimana avuga yuko naho ayo mahera sa n’uko umengo ari make, ngo ntiyobura ico afasha kuko impunzi iyaguze nk’ubureta canke amazi yo kunywa navyo vyogira akamaro katari gato.
Yavuze kandi yuko avugana na Adrien iminsi yose kugira batunganye ingene bazoja gutora ivyo biro ijana vy’ibigori vyavuye mu mwimbu wiwe, yageneye impunzi zo muri Ukraine.
NewLatter Application For Free