KIRUNDIIgisirikare ca Isirayeli Carishe Abanyepalestina Babiri admin3 years ago2 years ago02 mins Spread the love Seen by: 17,899 Rate this post Umunyepalestina arasa ibisasu ku basirikare ba Isirayeli, inyuma y’imyiyerekano yiyama intambara muri Gaza.Abasirikare ba Isirayeli bishe abagore babiri b’abanyepalestina kuri uyu w’Imana, inyuma y’aho umwe yirutse abatumbera nayo uwundi acumita n’imbugika umusirikare wa Isirayeli mu ntara ya Sijordaniya yigaruriwe na Isirayeli.Iri seseka ry’amaraso rikurikiye ibindi bitero vyagabwe ku butaka bwa Isirayeli. Isirayeli nayo kandi yaragavye ibitero muri, no hanze y’igisagara Jenin co muri Sijordaniya. Muri iki gisagara niho umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Naftali Bennett yavuze ko havutse ibikorwa vy’iterabwoba.Igisirikare ca Isirayeli cavuze ko ata kirwanisho casanganywe uwo mugore wa mbere carasiye i Betelehemu inyuma y’aho yankiye kwumvira abasirikare bamusavye kutabegera. Ariko cemeye ko catanguje amatohoza.Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Isirayeli nabwo bwemeje urupfu rw’abo bagore babiri.Abanyepalestina barenga 20, benshi baba bitwaje ibirwanisho baramaze kwicwa n’abajejwe umutekano ba Isirayeli kuva mu kwezi kwa mbere. Ni mu gihe abanyepalestina bo bavuga ko ubwicanyi bakorerwa na Isirayeli bwiyongereye mu ntara ya Sijordaniya. NewLatter Application For Free First name Last name Email I'm Not specifiedWomanMan I accept the privacy policy Post navigation Previous: Ma femme dormait à côté de moi. Et tout d'un coup, j'ai reçu une notification FacebookNext: Umwuka Ukomeje Kuba Mubi Hagati y’Abayahudi n’Abanyepalestina
Agahinda k'ubusage bwiwe -umunyamideri wo muri Uganda yabumowe mw'ibohero admin6 months ago6 months ago 0
Burundi: Abavyeyi bariruhutsa ku bw'umugambi wo kugaburira abana ku mashure admin10 months ago6 months ago 0