HOSPITALITE Home » Imyaka 61 irarangiye Umushikirangoma wa mbere Ludoviko Rwagasore agandaguwe.

Imyaka 61 irarangiye Umushikirangoma wa mbere Ludoviko Rwagasore agandaguwe.

Spread the love

Iyi ntwari y’Uburundi yarahemukiwe bikomeye.

“Yagandaguwe afise imyaka 29 gusa. Mu mezi yakurikiye urupfu rwiwe, abana biwe, Marie-Thérèse na Marie-Pia, barapfuye mu buryo budatahuritse. Umukenyezi wiwe, Marie-Rose Ntamikevyo, yaribagiwe abaho mu bwoba n’ubukene gushika yitavye Imana muri munyonyo 1973. Ntiyashinguranywe iteka ry’umukenyezi w’incungu y’Uburundi.

Se, Umwami Mwambutsa IV Bangiricenge, yaratembagajwe arangazwa, yaguye mu Buswisi, igihugu ciwe nta teka camuhaye nk’uwakibereye Umwami imyaka 50 anakivyarira incungu.

Murumunawe, Umwami Ntare V Karori Ndizeye, yaratembagajwe arangazwa, mu nyuma arafatwa agarukanwa nk’imbohe, yicwa rubi mw’ikambi y’abasirikare i Gitega. We nta n’imva afise.

Nyina, Umwamikazi Tereza Kanyonga, yabayeho mu bukene gushika arasandaba mu 1986, ashingurwa nk’umuntu asanzwe.

Amatungo yiwe yaranyazwe n’umugambwe yashinze kandi yapfiriye, abiwe babaho mu bukene.

Byari bishemeje mu bugeni bw’umuganwa na Marie-Rose Ntamikevyo

Twagumye tumuririmba gusa. Ijambo ryiwe turaryumviriza buri wa 13 gitugutu, ariko tugaca turyibagira. Twaramwitiriye ibarabara, ibitaro, stade, twamushize ku noti, ariko twiyobagiza abiwe. Ubu yogaruka akatubaza ivyo twakoreye abiwe twokwishura iki ?

Uburundi burakwiriye gusaba imbabazi umuryango w’Umwami Mwambutsa. Akarenganyo uwo muryango wakorewe, amaraso yasheshwe bizoguma ari umuvumo ku gihugu. Ni vyiza ko twofuta ubwiyorobetsi, tugakosora ako kahise kabi.” NGAYO AMARANGAMUTIMA Y’UMUKUNZI W’IJWI RY’URUGWIRO I BUJUMBURA

Ignore ce message si tu es déjà membre !


pour poursuivre la lecture et avoir accès à l’ensemble des archives

This will close in 20 seconds

Discover more from RADIO & TV EN LIGNE

Subscribe now to keep reading and get access to the full archive.

Continue reading